“Abamanuka baja mu kiyaga bari mu mato”
I MASSACHUSETTS muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari igishusho c’umugabo atwara ubwato gikozwe mu mujumbu kirabana n’ikivuko c’ahitwa Gloucester. Uwo mugabo aboneka ko yiyemeje gutwara ubwato agenda aranyinyurana n’igihuhusi. Ico gishusho gituma abantu bibuka abarovyi ibihumbi bo muri Gloucester bazwi ko bapfiriye mu kiyaga. Ku ntebe y’ico gishusho hari amajambo yo muri Zaburi 107:23, 24 agira ati: “Abamanuka baja mu kiyaga bari mu mato, abakorera ivy’ubudandaji mu mazi menshi cane; abo barabona ibikorwa vy’Umukama be n’ibitangaza vyiwe mw’idamba”.—King James Version.
Munsi y’amazi yo mw’Ibahari Atalantike, hari ahantu usanga hakirurutse, kandi hakaba hari amafi menshi. Kumanuka kurobera aho hantu usanga birimwo akaga cane. Bizwi yuko mu myaka n’iyindi, abantu bashika 5.368 bo mu gisagara ca Gloucester kibamwo abantu nka 30.000 muri iki gihe, ari bo bapfiriye mu mazi bariko bararoba. Amajambo ari kuri ico gishusho c’icibutso avuga ati: “Hari abahwikiwe n’imiyaga ihuhuta cane be n’imipfunda amahanga yose yatewe n’igihuhusi kizananye mu Buraruko bushira Ubuseruko. Hari abapfuye ari bonyene, bari mu twato twazimiriye kure y’ubwato bukuru bwari bwabashikanye aho hantu barobera. Hari amato yasekaniye mu bihuhusi aca aradwibirana n’abarimwo bose. Hari n’ayandi yagonzwe n’amato y’imoteri zikoresha umwuka yariko aca mu nzira asanzwe acamwo”.
Ico gishusho c’icibutso ni ikimenyamenya kibabaje cerekana ukuntu mu binjana n’ibindi abarovyi babwirijwe gukora igikorwa kitoroshe no gushira ubuzima bwabo mu kaga. Iyumvire nawe amosozi y’umwiheburo abantu bakoroye kubera ukubura abanega babo, ba se babo, benewabo, be n’abahungu babo. Yamara, Yehova Imana ntiyibagira abapfakazi, impfuvyi, canke abapfiriye mu kiyaga. Raba iki kintu kizoba muri kazoza intumwa Yohani yavuze: “Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo” (Ivyahishuriwe 20:13). Igihe ‘abamanutse baja mu kiyaga bari mu mato’ bazozuka, bazokwibonera vy’ukuri “ibikorwa vy’Umukama” bitangaje.