ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/12 rup. 4-7
  • Harumagedoni—Intango iteye akanyamuneza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Harumagedoni—Intango iteye akanyamuneza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Harumagedoni izoza ryari?
  • Imana y’ubugororotsi izorwana intambara iranga ubutungane
  • Imana y’ubukerebutsi iratanga imburi zikwiye
  • Bishoboka gute ngo Imana y’urukundo irwane?
  • Intambara izokuraho intambara zose
  • Intambara ya Harumagedoni ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Harumagedoni—Intambara y’Imana izorangiza izindi ntambara zose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Harumagedoni yoba izotangurira muri Isirayeli? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Harumagedoni ni agakuru keza cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/12 rup. 4-7

Harumagedoni​—Intango iteye akanyamuneza

IJAMBO “Harumagedoni” rikomoka ku mvugo y’igiheburayo “Har–​Magedon” isobanura ngo “Umusozi w’i Megido”. Turisanga mu Vyahishuriwe 16:16, ahagira hati: “Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru-Magedoni mu Giheburayo”. Ni bande bakoranirizwa kuri Harumagedoni, kandi kubera iki? Mu Vyahishuriwe 16:14, ni ukuvuga imirongo ibiri gusa imbere y’uwo, dusoma yuko “abami bo mw isi yose” bakoranirizwa “ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose” (Ni twe dushimitse.). Mu bisanzwe ayo majambo aca atuma umuntu yibaza n’ibindi bibazo bikwegera ubwenge. Abo “bami” barwanira hehe? Ni kubera iki barwana, kandi barwana na nde? Boba bazokoresha ibirwanisho ruhonyanganda nk’uko benshi bavyiyumvira? Hoba hari abazorokoka Harumagedoni? Reka turabe ico Bibiliya yishura kuri ivyo bibazo.

Kuba havugwa “Umusozi w’i Megido” vyoba bisobanura ko intambara ya Harumagedoni izobera ku musozi munaka wo mu Buseruko bwo Hagati? Ihibambewe! Kimwe coco, uwo musozi mu vy’ukuri n’ukubaho ntubaho. Nkako, ahari akarere ka Megido ya kera uhasanga gusa ikigunguzi kireha n’imetero nka 20 uvuye ku kiyaya kiri iruhande yaco. N’ikindi kandi, akarere gakikuje aho i Megido ntikoruha gakwirwamwo “abami bo kw isi [bose] n’ingabo zabo” zose (Ivyahishuriwe 19:19). Ariko rero, aho i Megido harabereye zimwezimwe mu ntambara zikaze cane kandi zihambaye rwose kuruta izindi zo mu Buseruko bwo Hagati. Ku bw’ivyo, Harumagedoni igereranya intambara ihambaye rwose, nyene kuyitsinda akaba azwi neza.​—Raba uruzitiro rufise umutwe uvuga ngo “Megido ni ikigereranyo kibereye,” ruri ku rupapuro rwa 5.

Harumagedoni ntishobora gusa kuba ari intambara ihuza amahanga yo kw’isi, kubera ko mu Vyahishuriwe 16:14 havuga yuko “abami bo mw isi yose” bashira hamwe inguvu zabo mu gihe ca ya “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose”. Mu buhanuzi Yeremiya yanditse ahumekewe, yavuze yuko “abishwe n’Uhoraho” bazoba bakwiye hose ‘guhera ku mpera y’isi gushika ku yindi’ (Yeremiya 25:33). Uca wumva rero ko Harumagedoni atari intambara y’abantu ibera mu kibanza kinaka co mu Buseruko bwo Hagati. Ni intambara ya Yehova, kandi izobera kw’isi yose.

Ariko rero, urabona yuko mu Vyahishuriwe 16:16 havuga yuko Harumagedoni ari “ahantu”. Muri Bibiliya, ijambo “ahantu” ryoshobora kugereranya ukuntu ibintu vyifashe. Ku bijanye na Harumagedoni, ukwo kuntu ibintu bizoba vyifashe, ni uko isi yose izoba yagiye hamwe kugira irwanye Yehova (Ivyahishuriwe 12:6, 14). Kuri Harumagedoni, amahanga yose yo kw’isi azoja hamwe kugira arwane n’“ingabo zo mw ijuru” zizoba ziyobowe n’‘Umwami w’abami akaba n’Uwuganza abaganza’, ari we Yezu Kirisitu.​—Ivyahishuriwe 19:14, 16.

Tuvuge iki ku bivugwa yuko ngo Harumagedoni izoba ari agatikizo gakomeye gatewe n’ibirwanisho ruhonyanganda canke yuko ngo izoba ari ugusekana kw’isi n’igisyo kinaka co mu kirere? Imana y’urukundo yoba ishobora kureka umuryango w’abantu be n’isi babako ngo bizimangane mu buryo bw’agahomerabunwa nk’ubwo? Habe namba. Imana ivuga itomora yuko itaremye isi “ngw ibek’ubusa gusa”, ariko ko “yayibumvye kugira ngw ibekw abantu” (Yesaya 45:18; Zaburi 96:10). Kuri Harumagedoni, Yehova ntazotikiza umubumbe wacu mu kuwurigita n’umuriro. Ahubwo riho, ‘azohonya abahonya isi’.​—Ivyahishuriwe 11:18.

Harumagedoni izoza ryari?

Mu binjana n’ibindi, hari ikibazo cihutirwa rwose abantu bamye bagerageza gutangako ivyiyumviro bitandukanye. Ico na co ni iki: Harumagedoni izoza ryari? Kwihweza igitabu c’Ivyahishuriwe twifashishije n’iyindi mirongo yo muri Bibiliya, birashobora kudufasha kumenya ibijanye n’igihe c’iyo ntambara ihambaye rwose. Mu Vyahishuriwe 16:15 harerekana ko hariho isano hagati ya Harumagedoni n’ukuza kwa Yezu nk’igisuma. Iyo mvugo ngereranyo Yezu yarayikoresheje mu kudondora ivy’ukuza kwiwe aje gushitsa urubanza kuri iyi si.​—Matayo 24:43, 44; 1 Ab’i Tesalonike 5:2.

Nk’uko iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya butandukanye rivyerekana, kuva mu 1914 tubayeho mu misi y’iherezo y’ivy’iyi sia. Iyo misi y’iherezo izoherana n’ikiringo Yezu yise “amarushwa ahambaye”. Naho Bibiliya itavuga uko ico kiringo kizoba kireha, amarushwa azozanana na co azoba ari amarushwa y’agahomerabunwa atigeze kubaho kw’isi. Ayo marushwa ahambaye azoshika ku gihe cayo c’agaheta kuri Harumagedoni.​—Matayo 24:21, 29.

Kubera ko Harumagedoni ari “intambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose”, nta kintu na kimwe abantu bashobora gukora ngo bayigize inyuma (Ni twe dushimitse.). Yehova ‘yarashinze igihe’ iyo ntambara izotangurirako. ‘Ntizoteba’.​—Habakuki 2:3.

Imana y’ubugororotsi izorwana intambara iranga ubutungane

Mugabo none, ni kubera iki Imana izorwana intambara kw’isi yose? Harumagedoni irafitaniye isano rya hafi n’imwe muri za kamere nyamukuru zayo, iyo na yo ikaba ari ubutungane. Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho akunda [“ubutungane”, NW]” (Zaburi 37:28). Yehova yarabonye ibintu vy’akarenganyo vyose abantu bagiye baragira muri kahise kose. Ivyo nta gukeka ko bituma agira ishavu rifise ishingiro. Ni co gituma yagenye Umwana wiwe ngo abe ari we arwana intambara iranga ubutungane yo kurandurana n’imizi ivy’iyi si mbi vyose uko vyakabaye.

Yehova ni we wenyene ashoboye kurwana intambara vy’ukuri iranga ubutungane kandi idapfa kujaniranya. Muri iyo ntambara abantu b’imitima igororotse bazozigamwa aho bazoshobora kuba bari hose kw’isi (Matayo 24:40, 41; Ivyahishuriwe 7:9, 10, 13, 14). N’ikindi kandi, ni we wenyene afise uburenganzira bwo gutegeka ko abantu bose kw’isi bayobokera ukugaba n’ukuganza kwiwe. Nakare ni we yaremye isi.​—Ivyahishuriwe 4:11.

Mbega Yehova azokoresha ubuhe buryo mu guhasha abansi biwe? Nta bwo tuzi. Ariko ico tuzi co, ni uko afise uburyo bwo gukomvomvora amahanga arangwa n’ubukozi bw’ikibi (Yobu 38:22, 23; Zefaniya 1:15-18). Yamara, abasavyi b’Imana bo kw’isi ntibazogira uruhara muri iyo ntambara. Ivyo Yohani yeretswe dusanga mu Vyahishuriwe ikigabane ca 19, birerekana ko ingabo zo mw’ijuru ari zo zonyene zizofatanya na Yezu Kirisitu kurwana urwo rugamba. Nta muntu n’umwe wo kw’isi asukurira Yehova azogira uruhara muri urwo rugamba.​—2 Ngoma 20:15, 17.

Imana y’ubukerebutsi iratanga imburi zikwiye

Tuvuge iki ku bazorokoka? Mu vy’ukuri, ntivyari ngombwa ko hagira umuntu n’umwe ahona kuri Harumagedoni. Intumwa Petero yavuze ati: “Umwami Imana . . . ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bi[gaya]” (2 Petero 3:9). Intumwa Paulo na we yavuze yuko Imana “igomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri”.​—1 Timoteyo 2:4.

Ku bw’ivyo, Yehova yaritayeho ivy’uko “ubutumwa bgiza bg’ubgami” bwamamazwa kw’isi yose mu ndimi amajana. Abantu bo mu mihingo yose bariko barahabwa akaryo ko gushobora kuronka ubukiriro (Matayo 24:14; Zaburi 37:34; Ab’i Filipi 2:12). Abakira ubwo butumwa bwiza bakongera bakagira ivyo bahinduye, barashobora kuzorokoka Harumagedoni maze bakabaho ibihe bidahera batagira agasembwa mw’isi izoba yahindutse iparadizo (Ezekiyeli 18:23, 32; Zefaniya 2:3; Abaroma 10:13). Ivyo si vyo none umuntu yokwitega ku Mana dusanzwe tuzi ko ari urukundo?​—1 Yohana 4:8.

Bishoboka gute ngo Imana y’urukundo irwane?

Ariko rero, hari benshi bibaza ukuntu Imana igaragaza urukundo mu buryo ntangere yohonya abantu benshi ukuraho. Ivyo vyoshobora kugereranywa n’igihe inzu iba yatewe n’udukoko. Nyenurugo yitaho ibintu, ntiyoca none abwirizwa guhonya utwo dukoko kugira ngo umuryango wiwe ugume ufise amagara meza wongere ugume umerewe neza?

Mu buryo nk’ubwo, intambara ya Harumagedoni izotegerezwa kuba kubera urukundo rugera kure Yehova akunda abantu. Umugambi Imana ifise ni uwo guhindura isi ikaba iparadizo, no gutuma abantu baba abatagira agasembwa bakongera bakagira amahoro, ‘ata wubakanga’ (Mika 4:3, 4; Ivyahishuriwe 21:4). Wumva none ari igiki gikwiye gushikira abantu bageramira amahoro n’umutekano vya bagenzi babo? Uca wumva ko ku bw’ineza y’abantu b’abagororotsi, Imana ibwirizwa kurandura mwene utwo dukoko-bantu, ni ukuvuga abanyakibi banka kwigarura.​—2 Ab’i Tesalonike 1:8, 9; Ivyahishuriwe 21:8.

Indyane be n’ugusesa amaraso vyo muri iki gihe, ahanini biterwa n’intwaro z’abantu b’abanyagasembwa be n’ukuba ibihugu bica ku biti no ku mabuye ngo vyironkere inyungu zavyo (Umusiguzi 8:9). Intwaro z’abantu usanga ziterekwa Ubwami bwashinzwe n’Imana, kubera ko ata kindi zironderera atari ububasha bwiyongereye. Nta kintu na kimwe cerekana ko zizokwemera guheba ubutegetsi zifise kugira ngo Imana na Kirisitu babe ari bo bategeka (Zaburi 2:1-9). Izo ntwaro zibwirizwa rero gukurwaho kugira hategeke inganji irangwa ubugororotsi y’Ubwami bwa Yehova buzoba burongowe na Kirisitu (Daniyeli 2:44). Intambara ya Harumagedoni itegerezwa kuba kugira ngo ikibazo cerekeye uwufise uburenganzira bwo kuganza isi n’abantu gitorerwe inyishu rimwe rizima.

Yehova azogira ico akoze kuri Harumagedoni kubera ko yipfuza ineza y’abantu. Turavye ukuntu ibintu bitera bidabuka kw’isi, inganji itagira akanenge y’Imana ni yo yonyene izoronsa abantu ivyo bakeneye vyose. Ubwami bwayo ni bwo bwonyene buzotuma amahoro nyakuri n’ugusagamba nyakuri bisasagara. Wewe ubona ibintu vyomera gute kw’isi hamwe Imana itokwigera igira ico ikoze? Ntuca ubona none ko urwanko, ubukazi n’intambara vyobandanya gusinzikaza abantu nk’uko vyamye bibasinzikaza muri ibi binjana vyose intwaro z’abantu zimaze zitwara? Emwe, intambara ya Harumagedoni izozanira abantu ivyiza koko!​—Luka 18:7, 8; 2 Petero 3:13.

Intambara izokuraho intambara zose

Harumagedoni izoshika ku kintu ata yindi ntambara n’imwe irigera ishikako: izokuraho intambara zose. Ni nde none atipfuza kubona umusi intambara zizoba zisigaye ari umugani? Yamara, abantu nta ko batagize ngo bakureho intambara ariko biba ivy’ubusa. Kuba utwigoro abantu bagira two gukuraho intambara ata co tuvamwo, birerekana neza yuko Yeremiya yavuze ukuri igihe yagira ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe” (Yeremiya 10:23). Ku bijanye n’ivyo Yehova azokora, Bibiliya isezerana iti: “Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi, avunagura imiheto, amacumu arayacagagura, imikogote ikwegwa n’amafarasi ayiturira mu muriro”.​—Zaburi 46:8, 9.

Amahanga niyakoresha ibirwanisho vyayo bitikiza inganda mu kurwana hagati yayo n’ibidukikije bigahakwa kuhatikirira, Umuremyi w’isi azoca agira ico akoze: aho hazoba ari kuri ya Harumagedoni ivugwa muri Bibiliya (Ivyahishuriwe 11:18). Gutyo, iyo ntambara izoshitsa ikintu abantu batinya Imana bamye biteze kuva kera. Izokwemeza yuko Nyene isi, Yehova Imana, ari we afise uburenganzira bwo kuganza ivyo yaremye vyose.

Ku bw’ivyo, Harumagedoni ntikwiye gutera ubwoba abantu bakunda ubugororotsi. Ahubwo riho, irabaha imvo yo kugira icizigiro. Intambara ya Harumagedoni izohanagura kw’isi ukwononekara kwose n’ubugizi bwa nabi bwose, maze ibintu vyose kw’isi bice bihinduka bisha mu gihe c’inganji y’Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya (Yesaya 11:4, 5). Harumagedoni, aho kuba umuhero w’agahomerabunwa uteye ubwoba, izoba intango iteye akanyamuneza ku bantu b’abagororotsi bazobaho ibihe bidahera kw’isi izoba yahindutse iparadizo.​—Zaburi 37:29.

[Akajambo k’epfo]

a Raba ikigabane ca 11 c’igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 5]

MEGIDO NI IKIGERERANYO KIBEREYE

Megido ha kera cari ikibanza giherereye ahantu heza hatuma kiba igihambaye cane. Hari ahantu hakirurutse harabana n’igice co mu Burengero c’ikiyaya cimbuka c’i Yezireli mu Buraruko bwa Isirayeli. Ni ho hakontorora amabarabara yahahurira abantu baturuka mu bihugu bitari bimwe bakoresha mu vy’ubudandaji no mu vya gisirikare. Gutyo, Megido hahavuye hacika ahantu habera intambara zihambaye rwose. Mu gitabu Porofeseri Graham Davies yanditse kivuga ngo Ibisagara vyo mu bihe vya Bibiliya: Megido (mu congereza), avuga ati: “Igisagara ca Megido . . . carashobora kwinjirwamwo bitagoranye n’abadandaji be n’inyambukira bo mu mihingo yose; ariko kandi, kiramutse kibaye igikomeye bimwe bihagije, cari gushobora gukontorora abinjira baciye muri ayo mabarabara, gutyo kigashobora kuyobora ukuntu ibintu bigenda mu vy’ubudandaji no mu vy’intambara. Ntibitangaje rero kubona . . . cari ikintu c’agaciro kanini carwanirwa kenshi, kandi kiramutse cigaruriwe, bene kucigarurira baragikingira bimwe bikomeye”.

Inkuru ndende ivuga ivya kahise ka Megido itangurana n’igihe umwami wa Misiri yitwa Thoutmès wa gatatu yaneshereza abategetsi b’Abanyakanani muri ico gisagara, ubu hakaba haciye imyaka irenga 3.500. Ibinjana n’ibindi vyarahaciye, gushika mu 1918 igihe umujenerali w’Umwongereza yitwa Edmund Allenby yanesha bimwe bikomeye ingabo z’igihugu ca Turukiya. Aho i Megido ni ho Imana yatumye Umucamanza Baraki ashobora kunesha bimwe bibi Umwami Yabina w’Abanyakanani (Abacamanza 4:12-24; 5:19, 20). Mu micungararo y’aho i Megido ni ho Umucamanza Gideyoni yaneshereje Abamidiyani (Abacamanza 7:1-22). Aho nyene ni ho Umwami Ahaziya n’Umwami Yosiya biciwe.​—2 Abami 9:27; 23:29, 30.

Ku bw’ivyo rero, gusanisha Harumagedoni n’aho hantu birabereye kubera yuko muri iyo micungararo habereye intambara nyinshi zihambaye rwose. Harumagedoni ni ikigereranyo kibereye c’intsinzi ikomeye Imana izotahukana ku bayirwanya bose.

[Abo dukesha ifoto]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

[Amafoto ku rup. 7]

Kw’isi yose, abantu bariko barahabwa imburi be n’akaryo ko gushobora kurokoka Harumagedoni

[Ifoto ku rup. 7]

Harumagedoni izoba intango iteye akanyamuneza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika