ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/1 rup. 13-16
  • Ibikoko Yehova yaremye biramushemagiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikoko Yehova yaremye biramushemagiza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ntibikenera imfashanyo ivuye ku muntu
  • Ibiremwa bifise amababa birashemagiza Yehova
  • Imana ni yo iha ifarasi inkomezi
  • Zirikana ibijanye n’agaca be n’inkukuma
  • Yehova akosora Yobu
  • Behemoti iraninahaza Imana
  • Lewiyatani irashemeza Imana
  • Yobu yigarura
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yobu: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • “Niwizigire Yehova”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/1 rup. 13-16

Ibikoko Yehova yaremye biramushemagiza

IGITINYIRO ca Yehova kirabonekera ku bikoko. Imana iritaho cane ibikoko nk’uko nyene yitaho abantu (Zaburi 145:16). Ese ukuntu kwoba ari ukwihenda hamwe umuntu yotora amahinyu Umuremyi wavyo ari na we Muremyi wacu! Naho wa mugabo Yobu yari umuntu w’intungane, “y[ari]gize umugororotsi kurusha Imana”. Ku bw’ivyo, hari ivyigwa Yobu yategerejwe kwiga.​—Yobu 32:2; 33:8-12; 34:5.

Uburorero bw’ibikoko Imana yaremye bwareretse Yobu yuko abantu ata bushobozi bafise bwo kunegura inzira z’Imana. Ese ukuntu ivyo vyibonekeza neza igihe turimbuye amajambo Yehova yabwiye uwo musavyi wiwe Yobu!

Ntibikenera imfashanyo ivuye ku muntu

Yobu ntiyashoboye kwishura ibibazo Imana yamubajije ku bijanye n’ibikoko (Yobu 38:39-41). Si agaseseshwarumuri, Yehova araronsa intambwe n’igikona ivyo bikenera, ata muntu n’umwe arinze kugira ico afashije. Naho ibikona biguruka bija kurondera ico birya, mu vy’ukuri Imana ni yo ibitunga.​—Luka 12:24.

Yobu ntiyashoboye gukurako umunwa igihe Imana yamubaza ibijanye n’ibikoko vyo mw’ishamba (Yobu 39:1-8). Nta muntu n’umwe ashobora gukingira impongokazi be n’impene z’inyeshamba ziba mu bitandara. Mbega hoho ugira ngo kwegera izo mpene z’inyeshamba vyonyene ni icoroshe (Zaburi 104:18)? Impongokazi igenza itima yahawe n’Imana igihe ija ahantu hiherereye mw’ishamba igiye kuvyara. Iritwararika abana bayo, ariko bamaze ‘kugira inkomezi’ (NW), baca ‘bigira ukwabo ntibagaruke’. Ico gihe baca rero baza barimenya.

Indogoba y’inyeshamba yitwa imparage ija aho igomba. Ubugaragwa ni yo nzu y’indogoba y’inyeshamba. Yobu ntiyashobora gukoresha indogoba y’inyeshamba mu gutwara imizigo. Iyo ndogoba irarondera “udutohera twose tw’ubgatsi”, ikagendagenda ku misozi irondera ubwatsi. Ico gikoko nticokwemera gutakaza umwidegemvyo gifise ngo ni uko kigomba kuronka ivyo kirya mu bisagara bitakigoye. “Nti[c]īgera [c]umva [“urwamo rw’umuhigi”, NW]”, kuko gica gikura meza hagize umuntu agisanga aho cibera.

Ubukurikira, Imana yavuze ivyerekeye imbogo (Yobu 39:9-12). Ku bijanye n’imbogo, hari umucukuzi w’ivya kera w’Umwongereza yitwa Austen Layard yanditse ati: “Imbogo, uravye ukuntu ikunze kwerekanwa ku mashushanyo abajwe canke ahinguwe ku bintu, isa nk’aho yabonwa ko iteye ubwoba hafi cokimwe n’intambwe be n’uko yari igikoko cahigwa cari gihambaye hafi cokimwe n’intambwe. Umwami akenshi arerekanwa ariko arwana [n’imbogo], abarwanyi na bo bakerekanwa bariko bayoma inyuma bari ku mafarasi canke ku maguru” (Igitabu Ninewe n’ibisigarira vyaho [mu congereza], casohowe mu 1849, imbumbe ya 2, urupapuro rwa 326). Yamara, nta muntu w’inkerebutsi n’umwe agerageza kwambika imbogo imigozi yo kuyiyobora kubera yuko isanzwe itayoboreka.​—Zaburi 22:21.

Ibiremwa bifise amababa birashemagiza Yehova

Ubukurikira, Imana yabajije Yobu ku bijanye n’ibiremwa bifise amababa (Yobu 39:13-18). Igisiga sarumfune kiragurukira hejuru cane gikoresheje amababa yaco akomeye (Yeremiya 8:7). Naho imbuni ikunguta amababa yayo, ntishobora kuguruka. Imbuni ntimeze nk’agasoza canke igisiga sarumfune, kuko yoyo idata amagi mu cari caritse ku giti (Zaburi 104:17). Irimba mu musenyi ikaba ari ho ita amagi. Mugabo rero, ntica iheba ayo magi. Ayo magi aba apfutswe n’umusenyi. Aho hantu ayo magi aba ari haba hari ubushuhe bukwiriye, kandi ingabo be n’ingore birafashanya mu kuyabundikira.

Imbuni, iyo ibonye igikoko c’ikiryanyi giteye akaga maze igaca imera nk’iyihunga, womengo ni nk’aho ‘yibagiye ubukerebutsi’ (NW). Ariko rero, igitabu Inkoranyabumenyi y’ibikoko vyo muri Bibiliya (mu congereza) kivuga giti: “Ayo aba ari amayeri yo gusamaza [umwansi]: [imbuni] zica ziyerekana, zigakubita amababa yazo kugira ngo zibonwe n’igikoko cose canke umuntu wese ateye akaga, gutyo zikajana ico gikoko canke uwo muntu kure y’amagi”.

Ni gute none imbuni “ikēngēra ifarasi n’ūyigenderako”? Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Imbuni ntishobora kuguruka, mugabo irazwi ko yiruka cane. Amaguru yayo maremare arashobora gutera intambwe zirehareha n’imetero 4 na santimetero 60 igihe iba iriko yiruka cane ikoresheje ubunyarutsi bushika ku bilometero 64 kw’isaha”.

Imana ni yo iha ifarasi inkomezi

Inyuma y’ivyo, Imana yaciye ibaza Yobu ibijanye n’ifarasi (Yobu 39:19-25). Mu bihe vya kera, abarwanyi barwanira ku mafarasi, kandi amafarasi yarakwega imikogote yagenderamwo uwayayobora, kumbure n’abasoda babiri. Ifarasi y’intambara, iyo irindiranye umushasharo kuja ku rugamba, iromanga ikongera igakubitagura ibinono vyayo hasi. Ntiranduka umutima kubera ubwoba, kandi nta ho ikimirana ngo ihunge inkota. Ifarasi y’intambara ikira kwumva inzamba, igaca imera nk’iyivuga iti: “Ha ha ha ha!”. Ica ikura hasi “i[ga]temaguza imisozi”. Yamara, irumvira uwuyigenderako.

Wa mucukuzi w’ivya kera yitwa Layard yadondoye ifarasi imwe y’intambara mu buryo busa n’ubwo, mu kwandika ati: “Ifarasi y’ingore yo muri Arabiya, naho itekereza nk’umwagazi w’intama, ikaba kandi iyoborwa gusa n’imigozi bayambika ku mutwe, iyo yumvise akaruru k’intambara k’abo mu muryango w’ubwoko w’aho iherereye, ikabona ukuntu uwuyigenderako ariko azungagiza icumu, amaso yayo aca arungura, imyenge y’amazuru yayo itukura nk’amaraso igaca yaguka rwose, izosi ryayo rigaca ryigonda mu buryo buteye igomwe, umurizo wayo n’umugara wayo na vyo bikaduga maze bigahungabana mu muyaga”.​—Ivyo bivugwa n’igitabu Ivyubuwe mu bisigarira vy’i Ninewe n’i Babiloni (mu congereza) casohowe mu 1853, urupapuro rwa 330.

Zirikana ibijanye n’agaca be n’inkukuma

Yehova yaciye avuga ibijanye n’izindi nyoni (Yobu 39:26-30). Uduca ‘turaguruka tukongera tugasanza amababa yatwo [“mu muyaga”, NW]’. Igitabu kimwe (The Guinness Book of Records) kivuga yuko ubwoko bw’agaca bwitwa faucon pèlerin ari yo nyoni iguruka inyaruka cane kuruta izindi nyoni zose, kikavuga kandi ko ako gaca “gashikira ubunyarutsi bukomeye rwose iyo kariko kamanuka kabushungwe kavuye hejuru cane mu gihe kariko kiyerekana mu karere kako, canke mu gihe kariko karondera gufatira mu kirere ico karya”. Uzi n’amakuru, iyo nyoni iramaze gushikira ubunyarutsi bw’ibilometero 349 kw’isaha igihe iriko imanuka umushunguruko uhanamye w’ibipimo vy’imfuruka bingana na dogere 45!

Hari inkukuma zimaze kuguruka n’ubunyarutsi bw’ibilometero 130 kw’isaha. Ukwihuta cane kw’ubuzima Yobu yakugereranije n’ubunyarutsi bw’inkukuma iriko irondera ico icakira (Yobu 9:25, 26). Imana iraduha inkomezi zo kwihangana, tukamera nk’aho turi ku mababa asa n’ayataruha y’inkukuma iriko iguruka iduga mu kirere (Yesaya 40:31). Iyo inkukuma iriko iraguruka, irakoresha inkingi z’imiyaga ishushe iduga mu kirere. Iyo nyoni igenda irizunguriza mu nkingi y’umuyaga ushushe uduga, ukaguma uyiduza hejuru. Ishitse hejuru ku burebure bunaka uvuye hasi, ica iguruka ikaja mu yindi nkingi, gutyo igashobora kumara amasaha n’amasaha iguruka, itiriwe irakoresha inguvu nyinshi.

Inkukuma ‘yarika icari cayo hejuru kure’, ahantu hagoye gushika, gutyo ikaba ikingiye ivyana vyayo akaga. Mu kwarika ico cari, igenza itima Yehova yayiremanye. Inkukuma ikoresheje ubushobozi bwo kubona yahawe n’Imana, ‘amaso yayo arabona kure’. Ububangukirwe ifise bwo gushinga ijisho ikintu kimwe igaca irishinga ikindi ningoga na ningoga butuma ishobora kuguma ibona igikoko igomba gucakira canke igikoko capfuye, igihe iba iriko irashunguruka ivuye hejuru rwose. Inkukuma irashobora kurya ibikoko vyapfuye, ku buryo rero usanga ‘aho imivyimba iri hose, ari ho ija’. Iyo nyoni iracakira udukoko dutoduto ikadushira ivyana vyayo.

Yehova akosora Yobu

Imbere y’uko Imana ibaza Yobu ibindi bibazo, yabanje kumukosora. None Yobu yavyakiriye gute? Yaricishije bugufi aremera guhabwa n’izindi mpanuro.​—Yobu 40:1-14.

Gushika hano, hari icigwa gihambaye twigira ku nkuru yahumetswe ivuga ivyashikiye Yobu. Ico na co ni iki: Nta muntu n’umwe afise imvo yumvikana yo guhaririza Mushoboravyose canke kumutora amahinyu. Ivyo tuvuga be n’ivyo dukora bikwiye kuba bihimbara Data wa twese wo mw’ijuru. N’ikindi kandi, igikwiye kuturaza ishinga kuruta ibindi vyose ni ukwezwa kw’izina ryeranda rya Yehova be n’iyemezwa ry’ukugaba n’ukuganza kwiwe.

Behemoti iraninahaza Imana

Imana yarasubiye kuvuga ivyerekeye ibikoko, irabaza Yobu ibijanye na Behemoti, ari yo mvubu (Yobu 40:15-24). Imvubu yasatuye yoshobora kureha n’imetero ziva kuri zine gushika kuri zitanu, ikaba kandi yoshobora gupima ibiro bishika ku 3.600. “Inkomezi zayo ziri mu masohoro yayo”, ari zo nyama zayo zo mu gihimba cayo c’inyuma. Urusato rugumye rwo ku nda yayo rurayigirira akamaro cane kubera ko ifise amaguru magufi, ikaba kandi igenda irakwega inda ku mabuye iyo iri hasi mu ruzi. Vy’ukuri, nta muntu ahuye na Behemoti, uravye honyene umubiri wayo amahero, urunwa rwayo amahanga be n’imisaya yayo ikomeye cane.

Behemoti irava mu ruzi ikaza kurisha “ubgatsi” bwinshi cane. Wari uzi ko ibimera ku musozi wose uko ungana bisa nk’aho ari vyo vyoyihaza? Buri musi, ishira mu nda ubwatsi bupima ibiro biva kuri 90 gushika ku 180. Iyo imaze guhaga, ica yiryamira munsi y’ibiti vy’intunda canke mu gitutu c’ibiti bimera iruhande y’imigezi. Mu gihe uruzi imvubu ibamwo rwuzuye rugasesa, irashobora kugumiza umutwe hejuru y’amazi kandi ikoga inyinyana n’uwo mwuzure. Yobu ari imbere ya Behemoti akaraba urunwa rwayo amahanga be n’ivyinyo vyayo biteye ubwoba, ntiyari gushobora kurinduka ngo atobore amazuru yayo n’igera.

Lewiyatani irashemeza Imana

Inyuma y’ivyo, Yobu yarabwiwe ibijanye n’igikoko citwa Lewiyatani (Yobu 41:1-34). Iryo jambo ry’igiheburayo ryerekeza ku “gikoko kizingazinze”, bikaba biboneka ko ico gikoko ari ingona. Yobu yoba yari gushobora kugira Lewiyatani igikinisho c’abana? Habe namba! Ivyashikiye abahuye n’ico kiremwa vyagiye vyerekana ko gikaze. Nkako, hamwe umuntu yogerageza gushorera amaboko kuri Lewiyatani, emwe urugamba rwokomera ku buryo atopfa asubiye kwiyamvya ngo akore ico kintu!

Lewiyatani idugije umutwe hejuru y’amazi igihe izuba riserutse, amaso yayo aca aca ibibatsi “a[ga]sa n’ugutambika kw’umutwenzi”. Ibigaragamba vya Lewiyatani biramatanye rwose, kandi mu rusato rwayo hashingagiyeyo ibigamba vy’amagufa bigoye gutobekeranyamwo amasasu, inkota n’amacumu vyovyo ntiwihende. Ibigaragamba bikarishe vyo ku nda y’ingona bisiga ku vyondo vyo ku nkengera imikúku nk’iy’“umusekuzo w’amenyo”. Ishavu ryayo rituma mu mazi hasebagira nk’amavuta ariko arabiragira. N’ikindi kandi, Lewiyatani nta bwoba na bukeyi igira kubera ukuntu ingana, urukoba rwayo ruyikingira be n’ibirwanisho vyayo, ni ukuvuga umunwa wayo uteye ubwoba be n’umurizo wayo ukomeye.

Yobu yigarura

Yobu yariyemereye yuko yari ‘yavuze ivyo atatahura, akavuga ibitangaza bimurengeye atazi’ (Yobu 42:1-3). Yaremeye gukosorwa n’Imana, arigarura yongera arigaya. Abagenzi biwe barakangiriwe, ariko we arahezagirwa rwose.​—Yobu 42:4-17.

Ese ukuntu biranga ubukerebutsi kwama twibuka ivyo bintu vyashikiye Yobu! Ntidushobora kwishura ibibazo vyose Imana yamubajije. Yamara, turashobora kwerekana ko dukenguruka ibitangaza vy’irema vyinshi bitandukanye bishemagiza Yehova, kandi ni na co kintu dukwiye kugira.

[Ifoto ku rup. 13]

Impene y’inyeshamba iba mu bitandara

[Ifoto ku rup. 13]

Igikona

[Ifoto ku rup. 13]

Intambwe y’ingore

[Ifoto ku rup. 14]

Imparage

[Ifoto ku rup. 14]

Naho imbuni ija kure y’amagi yayo, ntiyaheba

[Ifoto ku rup. 14]

Amagi y’imbuni

[Ifoto ku rup. 15]

Ka gaca kitwa “faucon pèlerin”

[Picture credit line on page 15]

Agaca: © Joe McDonald/Visuals Unlimited

[Ifoto ku rup. 15]

Ifarasi y’ingore yo muri Arabiya

[Ifoto ku rup. 15]

Inkukuma isa n’inzahabu

[Ifoto ku rup. 16]

Behemoti mu bisanzwe ni yo mvubu

[Ifoto ku rup. 16]

Lewiyatani vyiyumvirwa ko ari ingona, ca gikoko gikomeye cane

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika