ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/9 rup. 13-rup. 16 ing. 12
  • Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatanu ca Zaburi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatanu ca Zaburi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BARAHIRIWE KUBERA KO YEHOVA ABAGIRIRA UBUNTU-MVARUKUNDO
  • BARAHIRIWE NAHO BASHIKIRWA N’INGORANE
  • “Shemeza Ya, mwa bantu!”
  • Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Mbere ca Zaburi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatatu n’ica Kane vya Zaburi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Indirimbo zahumetswe zihumuriza kandi zigisha
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Kabiri ca Zaburi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/9 rup. 13-rup. 16 ing. 12

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu Gitabu ca Gatanu ca Zaburi

ABATUNZI boshobora kuvuga bati: ‘Abahungu bacu bameze nk’ibiti vy’ibitontomya mu kwaruka kwabo, n’abakobwa bacu bameze nk’inkingi zihinguwe nk’uko bashariza ingoro; ibigega vyacu biruzuye; intama zacu zivyara ibihumbi’. Vyongeye, boshobora kuvuga bati: “Hahirwa ihanga rimererwa rityo”. Ariko umwanditsi wa Zaburi wewe avuga ati: “Hahirwa ihanga rifise [“Yehova”, NW] kw Imana yaryo” (Zaburi 144:12-15). Kandi ivyo ntibitangaje, kuko Yehova ari Imana ihimbawe, agahimbare na ko kakaba ari wo mugabane w’abamusenga (1 Timote 1:11, UB). Ukwo kuri kurashirwa ahabona mu gice ca nyuma c’indirimbo zahumetswe n’Imana, ikigizwe na Zaburi ya 107 gushika ku ya 150.

Igitabu ca Gatanu ca Zaburi kirashira kandi ahabona kamere z’agahore za Yehova, harimwo imbabazi, ari bwo buntu-mvarukundo bwiwe, ukuba ari umunyakuri, hamwe n’ukugira neza kwiwe. Uko turushiriza gutahura kamere z’Imana, ni ko turushiriza kwumva tuyikunze kandi tuyitinye. Ivyo biraheza bigatuma turushiriza guhimbarwa. Emwe, Igitabu ca Gatanu ca Zaburi kirimwo ubutumwa bw’agaciro vy’ukuri!​—Abaheburayo 4:12.

BARAHIRIWE KUBERA KO YEHOVA ABAGIRIRA UBUNTU-MVARUKUNDO

(Zaburi 107:1–119:176)

Abayuda, bagarutse bavuye mu bunyagano i Babiloni, baririmba bati: “Abo ni bashimire Uhoraho [“ubuntu-mvarukundo bwiwe”, NW], n’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu!” (Zaburi 107:8, 15, 21, 31). Dawidi ashemeza Imana aririmba ati: “Ukuri kwawe gushika no mu bicu” (Zaburi 108:4). Mu ruririmbo rukurikira, asenga ati: “Ntabara, Uhoraho Mana yanje; unkize nk’ukw imbabazi zawe ziri”, ni ukuvuga nk’uko ubuntu-mvarukundo bwiwe buri (Zaburi 109:18, 19, 26). Zaburi ya 110 iravuga mu buryo menyeshakazoza ivyerekeye inganji ya Mesiya. Muri Zaburi 111:10 hagira hati: “Kwubaha Uhoraho n[i ryo] tanguriro ry’ubgenge”. Zaburi ikurikira na yo ivuga yuko “hahirwa uwubaha Uhoraho”, ni ukuvuga uwumutinya.​—Zaburi 112:1.

Zaburi ya 113 gushika ku ya 118 yitwa Amazaburi ya Haleli, kubera yuko muri ayo mazaburi haguma hasubirwamwo ijambo “Haleluya”. Ca cegeranyo c’inkuru mpererekanwa za kera z’Abayuda catunganywa mu kinjana ca gatatu, ari co Mishna, kivuga yuko izo ndirimbo zaririmbwa kuri Pasika no kuri ya misi mikuru itatu Abayuda bahimbaza ku mwaka ku mwaka. Zaburi ya 119, ari na yo ndende kuruta ayandi mazaburi yose be n’ibindi bigabane vyose vyo muri Bibiliya, irerekana agaciro k’ijambo ryahishuwe rya Yehova, ari bwo butumwa bwiwe.

Ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

109:23​—Dawidi yashaka kuvuga iki igihe yavuga ati: “Nkamanganye nk’igitūtu kirehutse”? Dawidi yariko avuga mu buryo ndyoshamvugo yuko yumva umengo urupfu rwiwe ruregereje cane.​—Zaburi 102:11.

110:1, 2​—“Umwami [wa Dawidi]”, ari we Yezu Kirisitu, yakora iki igihe yari yicaye iburyo bw’Imana? Inyuma y’aho Yezu azukiye, yaraduze mw’ijuru ararindirira iburyo bw’Imana gushika mu 1914, maze abona gutangura kuganza ari Umwami. Muri ico gihe Yezu yari akirindiriye, yatwara abayoboke biwe basizwe, abayobora mu gikorwa barangura co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, yongera abategura kugira ngo baze bafatanye na we kuganza mu Bwami bwiwe.​—Matayo 24:14; 28:18-20; Luka 22:28-30.

110:4​—Indahiro Yehova ‘yarahiye ata kwicuza’ ni iyihe? Iyo ndahiro ni rya sezerano Yehova yagiranira na Yezu Kirisitu ry’uko yobaye Umwami n’Umuherezi Mukuru.​—Luka 22:29.

113:3​—Ni mu buryo ki izina rya Yehova ritegerezwa gushimagizwa “uhereye iy’izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera”? Ivyo ntivyerekeza ku mugwi munaka gusa w’abantu basenga Imana buri musi. Kuva izuba riserutse mu Buseruko gushika rirenze mu Burengero, imishwarara yaryo iramurikira isi yose uko ingana. Rero, Yehova na we nyene ategerezwa gushimagizwa kw’isi yose. Ivyo ntibishobora kurangurwa hatabayeho abantu bakorera hamwe bungunganijwe neza. Twebwe Ivyabona vya Yehova turi n’agateka gahambaye cane ko gushimagiza Imana no gukorana umwete ca gikorwa co gutangaza Ubwami.

116:15​—‘Urupfu rw’abakunzi b’Uhoraho ni urw’igiciro mu nyonga ziwe’ ku rugero rungana iki? Yehova abona ko abasavyi biwe bari n’agaciro kanini cane ku buryo atokwemera ko bose uko bagize umugwi bicwa. Hamwe Yehova yoreka ivyo bigashika, vyoba ari nk’aho abansi biwe boba bakomeye kumurusha. N’ikindi kandi, nta n’umwe yoheza ngo asigare kw’isi nka we mushinge wa ya si nshasha.

119:71​—Kubabazwa bishobora kutugirira akamaro akahe? Ibintu bigoye bidushikira birashobora kutwigisha kurushiriza kwiheka cane kuri Yehova, kurushiriza kumusengana ubwira, no kurushiriza kugira umwete wo kwiyigisha Bibiliya no gushira mu ngiro ivyo ivuga. N’ikindi kandi, uburyo tuvyifatamwo igihe dushikiwe n’ibintu bitera umubabaro burashobora kugaragaza utunenge two muri kamere yacu dushobora gukosorwa. Umubabaro ntuzotuma tugira umujinya mu gihe turetse ukadutyorora.

119:96​—Ivy’uko “uguhingurwa kwose gufise aho kugarukira” bisobanura iki? Aha, umwanditsi wa Zaburi ariko aravuga ibijanye n’uguhingurwa, canke ugutungana, afatiye ku kuntu abantu babona ibintu. Ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi iciyumviro c’uko uburyo abantu batahura ugutungana buri n’aho bugarukira. Ariko amabwirizwa y’Imana yoyo ntagira aho agarukira. Ubuyobozi ayo mabwirizwa atanga usanga bujanye n’imice yose y’ubuzima.

119:164​—Gushemeza Imana ‘ibihetangabo ndwi uko bukeye’ bisobanura iki? Igitigiri ndwi akenshi cerekana ko ikintu kinaka gikwiye. Uwo mwanditsi wa Zaburi ashaka rero kuvuga yuko Yehova akwiriye ugushemezwa kwose.

Ivyigwa tuhigira:

107:27-31. Ubwenge bw’isi ‘buzozimira’ Harumagedoni niyashika (Ivyahishuriwe 16:14, 16). Nta n’umwe bushobora gukingira ngo ntasangangurwe. Abahanze amaso Yehova kugira ngo azobakize ni bo bonyene bazorokoka maze baze ‘bamushimire ukugira neza kwiwe’, canke ubuntu-mvarukundo bwiwe.

109:30, 31; 110:5. Ukuboko kw’iburyo kw’umusoda, ari na kwo kwafata inkota, mu bisanzwe ntikwakingirwa n’inkinzo, iyo bafatira ibubamfu. Mu buryo bw’ikigereranyo, Yehova ari “i buryo” bw’abasavyi biwe kugira abagwanire. Gutyo rero, arabakingira akongera akabafasha, iyo ikaba ari imvo nziza cane yotuma ‘tumushima cane’.

113:4-9. Yehova ari hejuru cane ku buryo, no kugira ngo ‘arabe ivyo mw ijuru’ biba ngombwa ko yicisha bugufi. Yamara, aragirira ikibabarwe umugorwa, umukene n’uwagumbashe. Umukama Segaba Yehova aricisha bugufi, kandi ashaka ko abamusenga na bo nyene bicisha bugufi.​—Yakobo 4:6.

114:3-7. Kumenya ivyerekeye ibitangaza Yehova yakoreye igisata ciwe ku Kiyaga Gitukura, ku Ruzi Yorodani no ku Musozi Sinayi, birakwiye kugira ikintu gikomeye bikoze kuri twebwe. Abantu, bano bakaba bagereranywa n’“isi”, barakwiye kugira akoba imbere y’Umukama, ‘bagahinda agashitsi’ imbere yiwe, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo.

119:97-101. Kuronka ubwenge, canke ubukerebutsi, uguca mu kajisho be n’ugutahura biva mw’Ijambo ry’Imana biradukingira mu buryo bw’impwemu.

119:105. Ijambo ry’Imana ni itara rimurikira ibirenge vyacu mu buryo bw’uko rishobora kudufasha kumenya uko tuvyifatamwo mu ngorane zidushikira muri iki gihe. Vyongeye, ni umuco umurikira inzira yacu, kubera yuko ritubwira umugambi Imana ifise ku bijanye na kazoza.

BARAHIRIWE NAHO BASHIKIRWA N’INGORANE

(Zaburi 120:1–145:21)

Dushobora gute kuvyifatamwo neza mu bihe bigoye, kandi dushobora gute kwihanganira ingorane? Kuva muri Zaburi ya 120 gushika mu ya 134 haratanga inyishu itomoye kuri ivyo bibazo. Turihanganira ibintu bigoye kandi tukagumana umunezero mu guhanga amaso Yehova ngo adufashe. Ayo mazaburi, ayiswe Indirimbo zo mw’iduga, ashobora kuba yararirimbwa n’Abisirayeli igihe baba bari ku rugendo baduga i Yeruzalemu guhimbaza ya misi mikuru yabo yaba ku mwaka ku mwaka.

Zaburi ya 135 n’iya 136 yerekana ko Yehova akora ibimuhimbara vyose, gutyo akaba ata ho ahuriye n’ibigirwamana ata co bimarira umuntu. Zaburi ya 136 itunganijwe nk’ururirimbo rurimwo ukwitabira, agace ka nyuma k’umurongo umwumwe wose kakaba kitabira aka mbere. Zaburi ikurikira irerekana ukuvunika umutima kw’Abayuda bari i Babiloni bipfuza gusengera Yehova i Siyoni. Zaburi ya 138 gushika ku ya 145 yanditswe na Dawidi. Yipfuza ‘gushimisha Uhoraho umutima wiwe wose’. Kubera iki? Avuga ati: “[Kubera] yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje” (Zaburi 138:1; 139:14). Muri Zaburi ya 140 gushika ku ya 144, haravuga ukuntu Dawidi asenga asaba gukingirwa abantu babi, gukosorwa mu buryo bugororotse, gukizwa abamuhama, no kuyoborwa mu buryo yigenza. Arerekana neza yuko abasavyi ba Yehova ari bo bahiriwe (Zaburi 144:15). Dawidi, amaze kuvuga ibijanye n’ubukuru bw’Imana be n’ukugira neza kwayo, agira ati: “Akanwa kanje kazovuga ishimwe ry’Uhoraho; abafise imibiri bose ni bashemagize izina ryiwe ryera ibihe bitazoshira”.​—Zaburi 145:21.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

122:3​—Ni mu buryo ki Yeruzalemu cari igisagara “c’icomeke”? Nk’uko wasanga akenshi ari ko bimeze mu bisagara vya kera, inzu z’i Yeruzalemu zari zubatswe zegeranye cane. Kuba izo nzu zari zegeranye gutyo vyatuma kurwanira ico gisagara vyoroha cane. Vyaratuma kandi umwumwe wese mu bakibamwo yizigira ko mugenziwe amufasha akongera akamutabara. Ivyo bishaka kwerekana ubumwe bwo mu vy’impwemu bwaba hagati ya ya miryango 12 ya Isirayeli igihe yaba yagiye hamwe ku bwo gusenga.

123:2​—Ico kigereranyo cerekeye amaso y’abashumba kitwigisha iki? Abasuku n’abasukukazi bahanga amaso ukuboko kwa shebuja wabo ku bw’imvo zibiri: kugira bamenye ico agomba, no kugira ngo abakingire yongere abaronse ibibatunga. Na twebwe turahanga amaso Yehova kugira ngo dutahure ivyo agomba twongere dutoneshwe na we.

131:1-3​—Ni gute Dawidi ‘yahwekereza umutima wiwe, akawuhoza nk’uko umwana w’umucuko yigwandika kuri nyina’? Nka kurya umucuko aronderera uguhumurizwa no kuryoherwa ari ku bibero vya nyina, Dawidi yarize guhwekereza umutima wiwe no kuwutururuza “nk’uk’umwana w’umucuko yigwandika kuri nyina”. Yavyize gute? Mu kutagira umutima wibona canke amaso yishira hejuru, no mu kutarondera ibintu bimurengeye. Aho kurondera kuba umuntu ahambaye, Dawidi akenshi yaratahura ko hari ivyo adashoboye maze akagaragaza ukwicisha bugufi. Vyoba biranga ubukerebutsi twiganye ako gatima yari afise, na canecane igihe tuba turiko turondera gushikira uduteka mw’ishengero.

Ivyigwa tuhigira:

120:1, 2, 6, 7. Amajambo yo kwambika ibara abandi canke yo kubaryagagura arashobora gutuma bagira umubabaro utagira uko ungana. Kwiyubara mu vyo tuvuga ni uburyo bumwe bwo kwerekana ko ‘tugomba amahoro’.

120:3, 4. Mu gihe tubwirizwa kwihanganira umuntu afise “ururimi rw’ingunge”, turashobora kuremeshwa no kumenya yuko Yehova azotunganya ibintu igihe abona ko kibereye gishitse. Abambika ibara abandi bazotezwa icago n’‘umuhizi’. Bazoshikirwa n’urubanza rwa Yehova rukaze nk’umuriro, urugereranywa n’“amakara y’igiti c’umurotemu”.

127:1, 2. Mu vyo tugerageza gushikako vyose, dukwiye kurondera ubuyobozi buva kuri Yehova.

133:1-3. Ubumwe bw’abasavyi ba Yehova buraruhura, ni bwiza, kandi buragarurira umuntu agatege. Ntidukwiye kubusambura mu kuja mu vyo gutorana amahinyu, kugiranira amatati, canke kwidoga.

137:1, 5, 6. Abasavyi ba Yehova bari mu bunyagano barakunda cane Siyoni, iyahoze igereranya ishirahamwe ry’Imana. Tweho bite? Twoba natwe tuguma twumiye tudahemuka kw’ishirahamwe Yehova akoresha muri iki gihe?

138:2, NW. Yehova ‘ashira ijambo ryiwe no hejuru y’izina ryiwe ryose’ mu buryo bw’uko iranguka ry’ivyo yasezeranye mw’izina ryiwe rizoba rirengeye rwose ivyo twoba twiteze vyose. Vy’ukuri, hari ibintu bikomeye biturindiriye.

139:1-6, 15, 16. Yehova aramenya ivyo dukora, ivyiyumviro vyacu be n’amajambo yacu n’imbere y’uko tuyavuga. Aratuzi kuva igihe twari tukiri urusoro, ibihimba bigize umubiri wacu bitaribonekeza neza. Ukuntu Imana ituzi umwumwe ukwiwe ‘ni igitangaza tutobasha’ gutahura. Ese ukuntu biremesha kumenya yuko Yehova atabona gusa ibintu bitoroshe twoba turimwo, ariko kandi ko atahura ukuntu bigira ico bidukozeko!

139:7-12. Nta hantu na hamwe twoja hoba kure cane ku buryo Imana itoshobora kudukomeza.

139:17, 18. Ukumenya Yehova kwoba kuduhimbara (Imigani 2:10)? Niba ari ko biri, twararonse isoko ridakama ry’umunezero. Ivyiyumviro vya Yehova “[bira]ruta umusenyi mu bginshi”. Tuzokwama turi n’ivyo twiga ku bimwerekeye.

139:23, 24. Turakwiye kwipfuza ko Yehova asuzuma umuntu wacu w’imbere, kugira ngo arabe nimba muri twebwe hari “inzira y’ibibi”, ni ukuvuga ivyiyumviro, ivyipfuzo be n’impengamiro bitabereye, hanyuma adufashe kuyirandurana n’imizi.

143:4-7. Dushobora gute kwihanganira n’ibintu bigoye cane? Umwanditsi wa Zaburi aratwibira akabanga k’ukuntu twobigenza, ni ukuvuga kuzirikana ku vyo Yehova yakoze, kuguma twitwararika ibikorwa vyiwe, no kumusaba imfashanyo.

“Shemeza Ya, mwa bantu!”

Kimwekimwe cose mu bice bine vya mbere vy’amazaburi gisozerwa n’amajambo yo gushemeza Yehova (Zaburi 41:13; 72:19, 20; 89:52; 106:48). N’igice ca nyuma, na co nyene ni ukwo. Muri Zaburi 150:6 (NW), hagira hati: “Igihumeka cose nigishemeze Ya. Shemeze Ya, mwa bantu!”. Emwe, ivyo bizoranguka mw’isi nshasha y’Imana!

Mu kurindirana igishika ico gihe giteye umunezero, turi n’imvo nyinshi zo kuninahaza Imana y’ukuri no gushemeza izina ryayo. Igihe tuzirikanye ku kuntu duhimbawe kubera tuzi Yehova tukaba kandi dufitaniye na we ubucuti bwiza, ntibica none bituma twumva twomushemeza tubigiranye umutima wuzuye ugukenguruka?

[Ifoto ku rup. 15]

Ibikorwa bitangaje vya Yehova biratuma tugira akoba

[Ifoto ku rup. 16]

Ivyiyumviro vya Yehova ‘biraruta umusenyi mu bwinshi’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika