Icitwa ngo ni Isezerano rya kera, coba kigifise akamaro?
MU MWAKA wa 1786, umuganga umwe w’Umufaransa yarasohoye igitabu citwa Traité d’anatomie et de physiologie (Icigwa ku bijanye n’ibigize umubiri w’umuntu be n’ukuntu bikora). Ico gitabu kibonwa ko ari co kitagiramwo amahinyu kuruta ibindi bitabu vyose vyanditswe muri ico gihe bivuga ibijanye na ca gice nyamukuru gitegeka umubiri. Vyongeye, ikopi imwe y’ico gitabu kitakiboneka cane ubu, iherutse kugurwa amadolari arenga ibihumbi 27 (nk’amarundi arenga imiliyoni 27). Naho ari ukwo, ni abarwayi bake muri iki gihe bokwizigira umuganga abaga yisunze ubushakashatsi mu vy’ubuvuzi buboneka muri ico gitabu kimaze ibinjana n’ibindi. Kuba ico gitabu cari cemewe cane be n’ukuba canditswe mu buryo butomoye, si vyo bituma kigira ico kimariye umurwayi muri kino gihe.
Icitwa ngo ni Isezerano rya kera abantu benshi bakibona muri ubwo buryo. Ego ni ko baraha agaciro inkuru zo muri ryo zivuga ivyerekeye kahise k’Abisirayeli kandi barashima ukuntu ryanditswe mu buryo ndyoshamvugo. Yamara ntibemera ko biranga ubukerebutsi gukurikiza ubuyobozi bumaze imyaka irenga 2.400 bwanditswe muri ryo. Muri kino gihe, usanga ubumenyi mu vya siyansi, ivy’ubudandaji eka mbere n’ubuzima bwo mu rugo bitandukanye cane n’uko vyari bimeze igihe Bibiliya yandikwa. Uwitwa Philip Yancey, uno akaba yahoze asohora ikinyamakuru kimwe (Christianity Today), mu gitabu ciwe (The Bible Jesus Read) yanditse ati: “[Isezerano rya kera] ntiryama ritahurika, n’iyo hagize ibice vyaryo bitahurika usanga bibabaza abantu bo muri kino gihe. Kubera iyo mvo be n’izindi, Isezerano rya kera, irigize ibice 75 kw’ijana vya Bibiliya yose, akenshi usanga abantu batarisoma”. Mwene ukwo kubona ibintu si gushasha.
Haciye imyaka idashika 50 inyuma y’aho intumwa Yohani apfiriye nko mu mwaka wa 100 G.C., hari umugabo w’umutunzi akiri muto yitwa Marcion yavuze ku mugaragaro yuko abakirisu bakwiye guta nk’akanuka Isezerano rya kera. Nk’uko umutohozakahise w’Umwongereza yitwa Robin Lane Fox abivuga, Marcion yaremeje ko “‘Imana’ ivugwa mw’Isezerano rya kera yari ‘umubisha katwa’ yashigikira abagarariji be na bagaterabwoba nka wa Mwami Dawidi wa Isirayeli. Ariko Kristu we, yahishuye iyindi Mana ihambaye cane kandi itandukanye rwose n’iyivugwa mw’Isezerano rya kera”. Fox yandika yuko ivyo vyiyumviro “vyahavuye vyitwa ‘ivyiyumviro vya Marcion’ kandi ko vyabandanije gukwegakwega n’abandi bakaba abayoboke biwe, canecane abantu bo muri Aziya bavuga igisiriyake, ivyo bikaba vyabaye mu kinjana ca kane nka cose”. Bimwebimwe muri ivyo vyiyumviro n’ubu biracariho. Ubu haciye imyaka irenga 1.600, ico ivyo vyavuyemwo ni uko, nk’uko Philip Yancey abivuga, “ubumenyi bwo mw’Isezerano rya kera butituka ningoga na ningoga mu bakirisu kandi busa n’ubwazimanganye mu bantu bo muri kino gihe”.
None Isezerano rya kera ryoba ryarasubirijwe n’irindi? Dushobora gute gutahura ko “Uhoraho Nyen’ingabo” avugwa mw’Isezerano rya kera ari we “ya Mana y’urukundo n’amahoro” ivugwa mw’Isezerano risha (Yesaya 13:13; 2 Ab’i Korinto 13:11, NW)? Woba ushobora kwungukira kw’Isezerano rya kera muri kino gihe?