ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/9 rup. 32
  • Izina ry’Imana mu muziki w’Abarusiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Izina ry’Imana mu muziki w’Abarusiya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/9 rup. 32

Izina ry’Imana mu muziki w’Abarusiya

MU MWAKA wa 1877, hari Umurusiya rurangiranwa yitwa Modest Mussorgsky yatunganya indirimbo, yasohoye indirimbo zishingiye ku bintu vyabereye mu bihugu bivugwa muri Bibiliya. Yandikiye umugenzi wiwe ati: “Naranditse inkuru yitwa Jesus Navinus [Yosuwa] yerekeye ibintu vyabaye bivugwa muri Bibiliya. Iyo nkuru yose ishingiye kuri Bibiliya, mbere igenda yisunga inzira Navinus yaciyemwo mu ngendo z’intsinzi yagize mu gihugu c’i Kanani”. No mu zindi ndirimbo Mussorgsky yatunganije, harimwo n’iyo yise ngo “Ugusangangurwa kwa Senakeribu”, yarakoresheje inkuru zivugwa muri Bibiliya be n’abantu bavugwa muri yo.

Birashimishije kubona Mussorgsky igihe avuga Imana muri ya ndirimbo yiwe “Jesus Navinus” be no mu nteguro yo mu 1874 ya ya ndirimbo “Ugusangangurwa kwa Senakeribu”, akoresha izina ry’Imana mu nyaturo yaryo y’ikirusiya, iryo zina rikaba ryerekanwa mu ndome zine z’indadi יהוה (YHWH) mu Vyanditswe vy’igiheburayo, kandi muri ivyo Vyanditswe rikaba ribonekamwo incuro hafi 7.000.

Izo ndirimbo za Mussorgsky rero, zirerekana ko n’imbere y’uko ikinjana ca 20 gitangura, Abarusiya bari bazi izina ry’Imana riboneka muri Bibiliya, ari ryo Yehova. Ivyo birabereye narirya Yehova ubwiwe yabariye Musa ati: “Iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana”.​—Kuvayo 3:15.

[Ifoto ku rup. 32]

Ishure ry’umuziki ry’i St. Petersburg mu mwaka wa 1913, iryo rikaba ari ryo ribitswemwo indirimbo zatunganijwe na Mussorgsky

Abo dukesha ifoto]

Urupapuro ruriko amanuta y’umuziki y’ururirimbo: The Scientific Music Library of the Saint-Petersburg State Conservatory named after N.A. Rimsky-Korsakov; ibarabara: National Library of Russia, St. Petersburg

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika