ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/3 rup. 30-rup. 32 ing. 11
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Luka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Luka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UBUSUKU YEZU YATANGURIYEKO
  • (Luka 1:1–9:62)
  • UBUSUKU YEZU YARANGIRIJEKO
  • (Luka 10:1–24:53)
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Luka, umukozi mugenzanje mukundwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Mariko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/3 rup. 30-rup. 32 ing. 11

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Luka

INJILI ya Matayo bizwi ko ahanini yari yandikiwe Abayuda, Injili ya Mariko na yo yandikirwa abatari Abayuda. Ariko rero, Injili ya Luka yoyo yari igenewe abantu bo mu mahanga yose. Igitabu ca Luka, icanditswe nko mu 56-58 G.C., kirimwo inkuru inonosoye yerekeye ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku yaranguye.

Kubera ko Luka ari umuganga yitwararikana kandi yiyubara cane, arakurikirana “neza ibintu vyose kuva mu ntango” maze agashikiriza inkuru y’ivyabaye mu kiringo c’imyaka 35, ni ukuvuga kuva mu 3 B.G.C. gushika mu 33 G.C. (Luka 1:3) Hafi ibice 60 kw’ijana vy’ibivugwa mu Njili ya Luka usanga ari ivyo iyo njili yisangije.

UBUSUKU YEZU YATANGURIYEKO

(Luka 1:1–9:62)

Luka amaze kwigana amakuru y’ido n’ido yerekeye ivuka rya Yohani Umubatizi be n’irya Yezu, aratubwira yuko Yohani yatanguye ubusuku bwiwe mu mwaka ugira 15 Tiberiyo Sezari ari ku ngoma, ni ukuvuga mu mpeshi yo mu 29 G.C. (Luka 3:1, 2) Yezu arabatizwa na Yohani mu gatasi ko muri uwo mwaka nyene. (Luka 3:21, 22) Mu 30 G.C., ‘Yezu aragaruka i Galilaya hanyuma agatangura kwigisha mu masinagogi yabo’.​—Luka 4:14, 15.

Yezu aratangura urugendo rwiwe rwa mbere rwo kwamamaza i Galilaya. Arabwira isinzi ry’abantu ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana”. (Luka 4:43) Agenda ajanye na Simoni umurovyi be n’abandi. Avuga ati: “Guhera ubu [m]uzohora [m]uroba abantu ari bazima”. (Luka 5:1-11; Mat. 4:18, 19) Za ntumwa 12 zirajana na Yezu mu gihe c’urugendo rwiwe rugira kabiri rwo kwamamaza i Galilaya. (Luka 8:1) Mu gihe c’urugendo rugira gatatu na ho, ararungika bamwe 12 “kwamamaza ubwami bw’Imana no gukiza”.​—Luka 9:1, 2.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:35​—Akabuto ka Mariya koba karagize uruhara na rumwe mu bijanye n’ugusama kwiwe? Kugira ngo umwana wa Mariya abe uwukomoka vy’ukuri kuri ba sekuruza ba Mariya ari bo Aburahamu, Yuda be na Dawidi, nk’uko Imana yari yarabisezeranye, akabuto kiwe kategerezwa kugira uruhara mu bijanye n’ugusama kwiwe. (Ita. 22:15, 18; 49:10; 2 Sam. 7:8, 16) Ariko rero, impwemu nyeranda ya Yehova yarakoreshejwe mu kwimura ubuzima butunganye bw’Umwana w’Imana maze ituma Mariya asama. (Mat. 1:18) Bisa n’uko ico kintu catumye akabuto ka Mariya gakurwamwo agasembwa kose kari gafise congera gituma umwana akiri umusoro yariko arakura akingirwa kuva mu ntango ikintu cose cari kumugirira nabi.

1:62​—Zekariya yoba yarabaye ikiragi yongera aba ikitumva? Habe namba. Yagize ingorane gusa mu bijanye no kuvuga. Abandi bantu barabajije Zekariya bakoresheje “ibimenyetso” izina yipfuza kwita uwo mwana, ariko ivyo ntibabigize kubera ko yari ikitumva. Birashoboka rwose ko yumvise ivyo umukenyezi wiwe yari yavuze ku bijanye n’izina umwana wabo yokwiswe. Kumbure abandi barabajije Zekariya ku bijanye n’ivyo, bakoresheje ikimenyetso. Kuba Zekariya yari akeneye gusa gusubira kuvuga birerekana ko ata ngorane yari yaragize mu bijanye no kwumva.​—Luka 1:13, 18-20, 60-64.

2:1, 2​—Kuba havugwa ngo “iryo yandikwa rya mbere” bifasha gute kumenya igihe Yezu yavukiyeko? Ku ngoma ya Sezari Ogusito, ntihabaye iyandikwa rimwe gusa. Irya mbere ryabaye mu 2 B.G.C., haba harangutse ubuhanuzi buvugwa muri Daniyeli 11:20; irya kabiri na ryo ryabaye mu 6 canke mu 7 G.C. (Ibik. 5:37) Kiriniyo yari buramatari wa Siriya igihe ayo mayandikwa abiri yaba, bikaba biboneka ko yahawe ico giti incuro zibiri. Kuba Luka avuga iryo yandikwa rya mbere bitwereka ko Yezu yavutse mu 2 B.G.C.

2:35​—“Inkota ndende” yasogose gute umutima wa Mariya? Ivyo vyerekeza ku mubabaro mwinshi Mariya yagize igihe yabona ingene abantu nka bose biyamiriza Yezu uwari Mesiya, bikerekeza no ku ntuntu yahavuye agira igihe Yezu yicwa rubi.​—Yoh. 19:25.

9:27, 28​—Ni kubera iki Luka avuga ko kwa guhinduka ukundi kwa Yezu kwabaye ‘imisi umunani’ inyuma y’aho asezeraniye abigishwa biwe yuko bamwe muri bo ‘batohonjeje urupfu na gato’ batabanje kumubona aje mu Bwami bwiwe, mu gihe Matayo na Mariko bobo bavuga yuko ivyo vyabaye “haciye imisi itandatu”? (Mat. 17:1; Mrk. 9:2) Bigaragara ko Luka yongerako imisi ibiri, ni ukuvuga umusi uwo muhango watangiweko be n’umusi warangukiyeko.

9:49, 50​—Ni kubera iki Yezu atabujije umuntu umwe kwirukana amadayimoni, naho nyene uwo muntu atariko amukurikira? Yezu yaretse kubuza uwo muntu kubera ko ishengero rya gikirisu ritari bwashingwe. Ku bw’ivyo rero, uwo muntu ntiyategerezwa kujana na Yezu kugira ngo yerekana ko yizera mw’izina rya Yezu maze ngo yirukane amadayimoni.​—Mrk. 9:38-40.

Ivyigwa tuhigira:

1:32, 33; 2:19, 51. Mariya yarazigamye mu mutima wiwe ibintu vyabaye be n’ivyavuzwe vyashikije ubuhanuzi. Twoba tuzigama ivyo Yezu yavuze vyerekeye “insozero y’ivy’isi”, maze tukaza turabigereranya n’ibiriko biraba muri iki gihe?​—Mat. 24:3.

2:37. Akarorero ka Ana karatwigisha ko dukwiye kuguma dusenga Yehova, ‘tugashishikara gusenga’ kandi ntitwibagire “kwa gukoranira hamwe kwacu” ku makoraniro ya gikirisu.​—Rom. 12:12; Heb. 10:24, 25.

2:41-50. Yozefu yashira ivy’impwemu imbere mu buzima bwiwe kandi akitwararika ko umuryango wiwe umererwa neza ku mubiri no mu vy’impwemu. Ku bijanye n’ivyo, yarasigiye akarorero keza ba serugo.

4:4. Ntidukwiye kureka ngo hagire umusi n’umwe uhera tutarimbuye ivy’impwemu.

6:40. Umwigisha w’Ijambo ry’Imana ategerezwa kubera akarorero keza abo yigisha. Ategerezwa gushira mu ngiro ivyo yigisha.

8:15. Kugira ngo ‘tugumye [iryo jambo] hanyuma twame ivyamwa mu kwihangana’, dutegerezwa gutahura Ijambo ry’Imana, kuriha agaciro no kuricokeramwo. Dutegerezwa kuzirikana tujanisha n’isengesho igihe dusoma Bibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo.

UBUSUKU YEZU YARANGIRIJEKO

(Luka 10:1–24:53)

Yezu aratuma abandi 70 ngo bamwitangire imbere baje mu bisagara be n’ahantu hatandukanye i Yudaya. (Luka 10:1) Aragira urugendo “ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yigisha”.​—Luka 13:22.

Hasigaye imisi itanu ngo Pasika yo mu 33 G.C. ishike, Yezu arinjira i Yeruzalemu agendera ku mwana w’indogobwa. Igihe kirashitse c’uko amajambo yari yabwiye abigishwa biwe aranguka, na yo akaba agira ati: “Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi hanyuma akicwa, maze ku musi ugira gatatu akazurwa”.​—Luka 9:22, 44.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

10:18​—Ni igiki Yezu yariko yerekezako igihe yabwira ba bigishwa 70 ati: “Natanguye kubona Shetani amaze gukoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru”? Yezu ntiyariko avuga yuko Shetani yari amaze kwirukanwa mw’ijuru. Ivyo vyagiye kuba gatoyi inyuma y’aho Kristu yimikiwe akaba Umwami mw’ijuru mu 1914. (Ivyah. 12:1-10) Naho tudashobora kuvyemeza ijana kw’ijana, igihe Yezu yerekeza ku kintu cobaye muri kazoza akivuze nk’aho cari kimaze kuba, bigaragara ko yariko ashimika ku vy’uko ico kintu corangutse ata kabuza.

14:26​—Ni mu buryo ki abayoboke ba Kristu bategerezwa ‘kwanka’ incuti zabo? Muri Bibiliya, ‘kwanka’ bishobora kwerekeza ku gukunda umuntu canke ikintu ku rugero rwo hasi ubigereranije n’ukuntu ukunda uwundi muntu canke ikindi kintu. (Ita. 29:30, 31) Abakirisu bategerezwa ‘kwanka’ incuti zabo mu buryo bw’uko babakunda ku rugero rwo hasi ubigereranije n’ukuntu bakunda Yezu.​—Mat. 10:37.

17:34-37​—Izo “nkona” ni bande, kandi “umuvyimba” zikoranirako werekeza ku ki? Abo ‘bajanwa’, ni kuvuga abarokorwa, bagereranywa n’inkona zibona kure. Uwo “muvyimba” bakoranirako na wo werekeza kuri Kristu w’ukuri mu gihe c’ukuhaba kwiwe kutaboneka, ukerekeza no ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu Yehova abaronsa.​—Mat. 24:28.

22:44​—Ni kubera iki Yezu yagize agahinda kenshi cane? Ivyo vyashitse kubera imvo zitari nke. Yezu yari arajwe ishinga n’ukuntu ukwicwa kwiwe nk’inkozi y’ikibi vyogize ico bikoze kuri Yehova Imana no kw’izina ryiwe. Vyongeye, Yezu yari azi neza ko ubuzima budahera bwiwe be na kazoza k’abantu bose vyari bihagaze ku kuguma ari intahemuka.

23:44​—Ubwirakabiri bwoba ari bwo bwatumye haba umwiza wamaze amasaha atatu? Oyaye. Ubwirakabiri bukunze kuba gusa mu mboneko z’ukwezi, ntibuba igihe ukwezi kuba ari igisyo, nk’uko biba bimeze mu gihe ca Pasika. Uwo mwiza wabaye igihe Yezu yapfa cari igitangaro kivuye ku Mana.

Ivyigwa tuhigira:

11:1-4. Tugereranije ivyo bintu bivugwa muri ico canditswe be n’amajambo asa n’ayatandukanye gatoyi dusanga muri rya sengesho ry’akarorero ryari ryatanzwe muri ya Nsiguro yo ku Musozi nk’amezi 18 imbere y’aho, usanga bitwereka neza ko amasengesho dutura adakwiye kuba agizwe n’amajambo manaka tuza gusa turasubiramwo.​—Mat. 6:9-13.

11:5, 13. Naho Yehova afise umutima ukunze wo kwishura amasengesho tumutura, turakwiye kuguma dushishikara gusenga.​—1 Yoh. 5:14.

11:27, 28. Agahimbare nyakuri kava ku gukora ivyo Imana igomba tudahemuka, ntikava ku bucuti abagize umuryango bafitaniye canke ngo kave ku vyo umuntu ashikako mu vy’umubiri.

11:41. Ingabirano zacu z’imbabazi zikwiye kuva ku mutima ukunze kandi urangwa urukundo.

12:47, 48. Umuntu aba ajejwe ibanga rirushirije kuba irihambaye ariko ntaryitwararike usanga ari we yagirizwa vyinshi kuruta uwutazi amabanga amwega canke akaba atayatahura neza.

14:28, 29. Tuba turi inkerebutsi igihe tubayeho dukurikije uburyo dufise.

22:36-38. Yezu ntiyasavye abigishwa biwe kwitwaza ikirwanisho co kwikingira canke kwirwanira. Ahubwo riho, kuba bari bafise inkota muri rya joro Yezu yagurwa vyatumye ashobora kubigisha iki cigwa gihambaye cane, ati: “Abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota”.​—Mat. 26:52.

[Ifoto ku rup. 31]

Yozefu yaratanze akarorero keza bwa serugo

[Ifoto ku rup. 32]

Luka yaranditse inkuru inonosoye kuruta izindi ku bijanye n’ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku yaranguye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika