Inkuru nziza ni iki?
“Iyi nkuru nziza . . . ”—MATAYO 24:14.
ABAKIRISU bategerezwa kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami” bayibwira abandi, bakabasigurira ko ubwo Bwami ari intwaro izoganza isi mu bugororotsi. Ariko rero, imvugo ngo “inkuru nziza” irakoreshwa no mu bundi buryo muri Bibiliya. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga “inkuru nziza y’ubukiriro” (Zaburi 96:2), “inkuru nziza y’Imana” (Abaroma 15:16), n’“inkuru nziza yerekeye Yezu Kristu.”—Mariko 1:1.
Tubivuze mu buryo bworoshe, inkuru nziza irimwo ibintu vyose Yezu yavuze be n’ivyo abigishwa biwe banditse. Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yabwiye abayoboke biwe ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.” (Matayo 28:19, 20) Igikorwa c’abakirisu b’ukuri rero si ukubwira abandi ivyerekeye ubwo Bwami gusa; bategerezwa no kwihatira guhindura abantu abigishwa.
None ni igiki amadini ariko arakora ku vyerekeye ico gikorwa? Abantu badatahura ubwo Bwami ico ari co, na bo bakaba ari benshi, ntibashobora kubwigisha abandi ata makosa. Ahubwo, bigisha abayoboke babo ibintu vyeza agatima vyerekeye guharirwa ibicumuro no kwizera Yezu. Barondera kandi gutuma abantu binjira mu madini yabo mu gukora ibikorwa vyo gufasha abantu canke mu kwubaka amavuriro, amashure, n’inzu z’abakene. Naho utwo twigoro twabo dushobora gutuma abayoboke b’idini ryabo bongerekana, ntidutuma abo bayoboke baba abakirisu b’ukuri bipfuza vy’ukuri kubaho bahuza n’ivyo Yezu yigishije.
Umunyatewolojiya umwe yandika ati: “Uzosanga ari bake mu ncabwenge z’abakirisu no mu ndongozi zabo bahakana ko twategerezwa guhindura abantu abigishwa ba Yezu no kubigisha gukora ivyo yavuze vyose. . . . Kanatsinda ubuyobozi Yezu yatanze ku bijanye n’ivyo buratomoye rwose. Ariko, ntidukora ivyo yavuze. Ntitugerageza vy’ukuri kubikora. Kandi biboneka ko tutazi n’aho twohera.”
Mu buryo busa n’ubwo, itohoza rimwe ryagizwe ku bagatolika bo muri Leta Zunze Ubumwe ryerekanye ko ibice 95 kw’ijana bemera ko kwamamaza inkuru nziza ari ikintu basabwa n’ukwemera kwabo. Yamara, hafi bose wasanga babona ko uburyo bwiza bwo kubikora atari ukuvuga iyo nkuru nziza ariko ko ari ukubaho mu buryo bubera akarorero abandi. Umwe mu bagizweko iryo tohoza yavuze ati: “Kwamamaza injili si amajambo. Ahubwo ni twe dukwiye kuba iyo Nkuru Nziza.” Ikinyamakuru cagize iryo tohoza (U.S. Catholic) cavuze ko benshi bareka kubwira abandi ibijanye n’ukwizera kwabo kubera “ukuntu Ekeleziya isigaye iboneka nabi bivuye kuri rya bara riheruka kugwa rijanye n’amabi yo mu vy’igitsina, bivuye no ku nyigisho za Ekeleziya zigiteye ibibazo.”
Umusenyeri umwe w’umumetodisite w’ahandi hantu na we yidoze avuga ko abagize amashengero yiwe bigabaguye kandi bazazaniwe, bakaba batagira uburindutsi bwo kurangura igikorwa bajejwe, mu vy’inyifato runtu na ho bakabaho nk’abandi bose bo mu kibano. Yabajije n’ijwi ry’akababaro ati: “None ni bande babereye gushira abandi injili y’Ubwami kandi ni bande bariko barabigira?”
Uwo musenyeri ntiyatanze inyishu y’ico kibazo ciwe. Ariko inyishu irahari. Urayisanga mu kiganiro gikurikira.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]
Inkuru nziza ni inkuru yerekeye Ubwami bw’Imana hamwe n’ubukiriro biciye ku kwizera Yezu Kristu