Woba warabwiwe ibinyoma?
NI IBINTU bike bibabaza kuruta kumenya yuko umuntu wari wizigiye yakubwiye ibinyoma. Woshobora kwumva umaramaye, ushavuye, canke mbere ukiyumvamwo ko wahemukiwe. Ibinyoma birasambura ingo bikongera bigatandukanya abakundana; biratuma abantu batakaza amahera amamiliyoni n’amamiliyoni.
Iyumvire rero ukuntu wokwumva umerewe hamwe womenya ko wabwiwe ibinyoma ku vyerekeye Imana. Hamwe woba uri umuntu yubaha Imana, vyoshobora kukubabaza cane, nk’uko vyagendeye aba bayoboke b’amadini:
● “Nabona ko idini ryari ryarampemukiye.”—DEANNE.
● “Narashavuye. Nabona yuko nari narahenzwe, ko ivyizigiro vyanje n’imigambi yanje vyabaye impfagusa.”—LUIS.
Woshobora kutiyumvira ko ushobora kuba warabwiwe ibinyoma ku vyerekeye Imana. Ivyo uzi ushobora kuba wabibwiwe n’umuntu wizigiye kandi atokwigera akubabaza n’ibigirankana, nk’abavyeyi bawe, umupatiri, umupasitori, canke umugenzi somambike. Ushobora kuba wamye wemera inyigisho yinaka mu buzima bwawe bwose. Ariko none ntiwemera yuko n’iciyumviro cemerwa n’abantu benshi gishobora kuba atari co? Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe ari we Franklin D. Roosevelt yaratahura ico kintu, kuko yavuze ati: “Kuba ikinyoma kiza kirasubirwamwo ntibituma gihinduka ukuri.”
Womenya gute ko woba warabwiwe ibinyoma? Yezu yarigeze kubwira Imana mw’isengesho ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Egome, Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya ririmwo ivyo dukeneye kugira ngo dutandukanye ukuri n’ibinyoma.
Reka turabe ibinyoma bitanu Bibiliya ishira ku kabarore bikunda kuvugwa ku vyerekeye Imana. Uraza kubona ukuntu ukuri gushobora guhindura ubuzima bwawe bukarushiriza kumera neza.