ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/11 rup. 24-28
  • Dufashe abagabo batere imbere mu vy’impwemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dufashe abagabo batere imbere mu vy’impwemu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kurondera ubuzima
  • Gutinya ivyo abandi bovuga
  • Kubona ko batabishoboye
  • Nurushirize ‘kuroba’ abagabo
  • Fasha abo wigisha Bibiliya babe abasavyi ba Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Nufashe abo wigisha Bibiliya gutera imbere babatizwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • ‘Nimugende rero muhindure abantu abigishwa’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Tumenyereze abandi kugira bakwize ibisabwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/11 rup. 24-28

Dufashe abagabo batere imbere mu vy’impwemu

“Guhera ubu uzohora uroba abantu ari bazima.”​—LUKA 5:10.

1, 2. (a) Abagabo bakiriye gute inkuru nziza Yezu yamamaza? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

MU GIHE c’urugendo rwo kwamamaza Yezu n’abigishwa biwe bariko baragira hirya no hino i Galilaya, barafashe ubwato kugira ngo baje ahantu hiherereye. Mugabo amasinzi y’abantu yaciye abakurikira n’amaguru. Abaje kuri uwo musi bari “abagabo nk’ibihumbi bitanu, hatarimwo abagore n’abana batoyi.” (Mat. 14:21) Ikindi gihe, isinzi ry’abantu ryaregereye Yezu, ryipfuza gukizwa indwara no kwumva ivyo avuga. Iryo sinzi ryari rigizwe n’“abagabo ibihumbi bine, hatarimwo abagore n’abana batoyi.” (Mat. 15:38) Biragaragara ko abagabo benshi baba bari mu bantu baza kuri Yezu maze bagashimishwa n’inyigisho ziwe. Nkako, Yezu yari yiteze ko n’abandi benshi bazovyakira neza, kubera ko aho amariye gutuma abigishwa biwe baroba ifi ku gitangaro, yabwiye umwigishwa wiwe Simoni ati: “Guhera ubu uzohora uroba abantu ari bazima.” (Luka 5:10) Abigishwa biwe babwirizwa guterera insenga zabo mu bantu bagereranywa n’ikiyaga maze bakitega yuko mu bo ‘borovye’ hobaye harimwo abagabo benshi.

2 No muri iki gihe, abagabo barashimishwa n’ubutumwa bwo mu Vyanditswe twamamaza kandi baragira ico bakoze. (Mat. 5:3) Ariko rero, abagabo benshi baragonanwa maze ntibatere imbere mu vy’impwemu. None twobafasha gute? Naho Yezu atashizeho ubusuku budasanzwe bwo kurondera abagabo, nta gukeka ko yavuze ibintu vyaraza ishinga abagabo bo mu gihe ciwe. Nimuze twifashishe akarorero yatanze maze dusuzume ukuntu twofasha abagabo kuvyifatamwo neza mu bintu bitatu bikunda kubaraza ishinga muri iki gihe, ari vyo (1) kurondera ubuzima, (2) gutinya ivyo abandi bovuga, no (3) kubona ko batabishoboye.

Kurondera ubuzima

3, 4. (a) Ni ikintu nyamukuru ikihe kiraza ishinga abagabo benshi? (b) Ni kubera iki abagabo bamwebamwe bashira imbere ivyo kurondera ubuzima aho gushira imbere ivy’impwemu?

3 Umwanditsi umwe yabariye Yezu ati: “Mwigisha, nzogukurikira iyo uzoja hose.” Ariko rero, igihe Yezu yamubwira yuko “Umwana w’umuntu [a]tagira aho arambika umutwe,” uwo mwanditsi yaciye atangura gukekeranya. Kuba uwo mwanditsi atabona neza aho yokuye ivyo yofunguye canke aho yobaye, biboneka ko bitamuguye neza kubera yuko ata kintu na kimwe cerekana ko yabaye umuyoboke wa Kristu.​—Mat. 8:19, 20.

4 Akenshi usanga abagabo bashira imbere ivyo gutekanirwa mu vy’umubiri aho gushira imbere ivy’impwemu. Benshi muri bo bashira imbere ivyo kwiga amashure ahanitse no kuronka akazi k’umushahara mwinshi. Biyumvira yuko kuronka amahera ari vyo vyihutirwa be n’uko ari vyo bishobora kubagirira akamaro kuruta kwiga Ivyanditswe no kugiranira n’Imana ubucuti somambike. Ivyo Bibiliya yigisha vyoshobora kubashimisha, mugabo “amaganya y’ivy’iki gihe be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi” bikanyoha ugushimishwa ukwo ari kwo kwose boba bafise. (Mrk. 4:18, 19) Raba ukuntu Yezu yafashije abigishwa biwe kubona ivyo bakwiye gushira imbere y’ibindi.

5, 6. Ni igiki cafashije Andereya, Petero, Yakobo na Yohani kubona icari gihambaye kuruta ikindi hagati yo kwamamaza inkuru nziza no kurondera ubuzima?

5 Andereya na mwene wabo Simoni Petero bari bafatanije igikorwa co kuroba. Ukwo nyene ni ko vyari bimeze kuri Yohani, mwene wabo Yakobo na se wabo Zebedayo. Ico gikorwa cari giteye imbere cane ku buryo vyasaba ko bafashwa n’abacangero. (Mrk. 1:16-20) Igihe Andereya na Yohani batangura kumenya ivyerekeye Yezu babibwiwe na Yohani Umubatizi, barajijutse yuko bari babonye Mesiya. Andereya yarabwiye iyo nkuru mwene wabo Simoni Petero, bikaba bishoboka ko na Yohani yayibwiye mwene wabo Yakobo. (Yoh. 1:29, 35-41) Mu mezi yakurikiye, bose uko ari bane baramaze igihe bari kumwe na Yezu igihe yariko aramamaza i Galilaya, i Yudaya be n’i Samariya. Mu nyuma abo bigishwa uko ari bane barasubiye ku gikorwa cabo co kuroba. Barashimishwa n’ivy’impwemu, mugabo ubusuku si co kintu nyamukuru bitwararika.

6 Haciye igihe, Yezu yarateye akamo Petero na Andereya ngo bamukurikire maze babe “abarovyi b’abantu.” None abo uko ari babiri bavyakiriye gute? “Bac[iye] baheba za nsenga, baramukurikira.” Ukwo nyene ni ko vyagenze kuri Yakobo na Yohani. “Bac[iye] basiga ubwato na se, baramukurikira.” (Mat. 4:18-22) Ni igiki none cafashije abo bagabo kuja mu busuku bw’igihe cose? Yoba ari ingingo bafashe gihutihuti? Habe namba! Mu mezi y’imbere y’aho, abo bagabo barumvirije Yezu, baramubona akora ibitangaro, barabona umwete afitiye ubugororotsi, bongera baribonera ukuntu abantu benshi cane bakira neza inkuru nziza yamamaza. Ivyo vyatumye barushiriza kwizera no kwizigira Yehova!

7. Twofasha gute abo twigana Bibiliya kwizigira ubushobozi Yehova afise bwo kuronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye?

7 Twokwigana gute Yezu mu bijanye no gufasha abo twigana Bibiliya kwizigira Yehova? (Imig. 3:5, 6) Uburyo twigisha burafasha cane muri ivyo. Igihe twigisha, turashobora gushimika ku muhango Imana yatanze w’uko izoduhezagira cane nitwashira imbere ivyungura Ubwami. (Soma Malaki 3:10; Matayo 6:33.) Naho dushobora gukoresha ivyanditswe bitandukanye kugira ngo dushimike ku kuntu Yehova aronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye, dukwiye kwibuka ko akarorero dutanga gashobora kugira ico kabakozeko. Kubwira abo twigana Bibiliya ivyadushikiye mu buzima birashobora kubafasha cane kwiheka kuri Yehova. Turashobora kandi kubabwira ibintu biremesha dusoma mu bisohokayandikiro vyacu.a

8. (a) Ni kubera iki bihambaye ko umutohoji wa Bibiliya ‘ahonja, akabona ko Yehova aryoshe’? (b) Twofasha gute uwo twigana Bibiliya kwibonera ko Yehova aryoshe?

8 Kugira ngo umuntu agire ukwizera gukomeye ategerezwa gukora n’ibindi uretse gusa gusoma no kwumviriza ukuntu abandi bahezagiwe na Yehova. Umutohoji wa Bibiliya arakeneye no kwibonera ukuntu Yehova aryoshe. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe; hahiriwe umuntu w’umugabo ahungira muri we.” (Zab. 34:8) Twofasha gute none uwo mutohoji kubona ko Yehova aryoshe? Dufate ko umutohoji munaka afise ingorane z’amahera akaba kandi ariko aragerageza gutsinda ingeso mbi, nk’ukunywa itabi, ugukina akamari canke akaborerwe. (Imig. 23:20, 21; 2 Kor. 7:1; 1 Tim. 6:10) Kwigisha uwo mutohoji gusenga Imana ayisaba ngo imufashe gutsinda iyo ngeso ntivyomufasha none kwibonera ukuntu Yehova aryoshe? Rimbura kandi ivyoshika igihe turemesheje uwo mutohoji gushira imbere ivy’impwemu mu kurondera umwanya wo kwiga Bibiliya buri ndwi n’uwo gutegura amakoraniro ya gikirisu no kuyitaba. Niyibonera ukuntu Yehova ahezagira utwigoro agira, ukwizera kwiwe kuzorushiriza gukomera!

Gutinya ivyo abandi bovuga

9, 10. (a) Ni kubera iki Nikodemu na Yozefu w’i Arimateya banse kwerekana ko bashimishwa n’ivyo Yezu yigisha? (b) Ni kubera iki abagabo bamwebamwe bo muri iki gihe batinya gukurikira Kristu?

9 Abagabo bamwebamwe boshobora gutinya gukurikira Kristu bimwe bishitse kubera akosho k’urunganwe. Nikodemu na Yozefu w’i Arimateya baranse kwerekana ko bashimishwa n’ivyo Yezu yigisha kubera ko batinya ivyo abandi Bayuda bovuze canke bokoze baramutse babimenye. (Yoh. 3:1, 2; 19:38) Ubwo bwoba bwari bufise ishingiro. Urwanko indongozi z’idini zanka Yezu rwahavuye rukomera cane ku buryo uwo wese yemera icese ko amwizeye yaca acibwa mw’isinagogi.​—Yoh. 9:22.

10 Mu mihingo imwimwe muri iki gihe, igihe umugabo yitwararika cane ivy’Imana, Bibiliya canke ivy’idini, yoshobora kubuzwa amahoro n’abo bakorana, abagenzi, canke incuti. Mu yindi mihingo, vyoshobora mbere kubamwo akaga umuntu avuze ko agomba guhindura idini. Akosho k’urunganwe koshobora canecane gukomera igihe umugabo munaka ari mu gisoda, muri politike, canke igihe afise ikibanza gihambaye mu kibano. Nk’akarorero, hari umugabo wo mu Budagi yiyemereye ati: “Ivyo mwebwe Ivyabona mwigisha ku bijanye na Bibiliya ni ukuri. Mugabo hamwe noba Icabona uno musi, ejo abantu bose boba bamaze kubimenya. Abo dukorana, abo mu kibano hamwe n’abatuzi twe n’umuryango wanje, bombona gute? Sinoshobora kuvyihanganira.”

11. Yezu yafashije gute abigishwa biwe gutsinda ugutinya abantu?

11 Naho intumwa za Yezu zitari ibinyabwoba, vyarashika zigatinya ukuntu abandi boziyumviriye. (Mrk. 14:50, 66-72) Yezu yabafashije gute none gutera imbere naho abo mu runganwe rwabo babagirako akosho gakomeye? Yezu yaragize ico akoze kugira ngo afashe abigishwa biwe kwitegurira ukurwanywa kwobashikiye. Yavuze ati: “Muzoba muhiriwe igihe cose abantu bazoba babanse, n’igihe cose bazoba babaciye, bakabatuka kandi bakiyamiriza izina ryanyu ngo muri babi babahora Umwana w’umuntu.” (Luka 6:22) Yezu yaraburiye abayoboke biwe ko bakwiye kwitega gutukwa. Bari gutukwa “[bahorwa] Umwana w’umuntu.” Yezu yarabakuye amazinda kandi yuko Imana yobafashe mu mugongo magingo boyihetseko kugira ngo ibafashe yongere ibakomeze. (Luka 12:4-12) Vyongeye, Yezu yarateye akamo abashasha ngo bifatanye ata kibatangira n’abigishwa biwe bongere bagiranire ubugenzi na bo.​—Mrk. 10:29, 30.

12. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twofasha abashasha gutsinda ugutinya abantu?

12 Na twebwe nyene turakeneye gufasha abatohoji ba Bibiliya gutsinda ugutinya abantu. Akenshi usanga umuntu birushiriza kumworohera gutsinda ingorane yinaka igihe ayiteguriye. (Yoh. 15:19) Nk’akarorero, ubona gute ufashije uwo mutohoji gutegura inyishu zishingiye kuri Bibiliya zoroshe kandi zitegereka yokwishura abo bakorana be n’abandi igihe babajije ibibazo canke bavuze amajambo yo guhagarika ikiyago? Turetse ko tumugira umugenzi somambike, turashobora no kumufasha kumenyana n’abandi bantu bo mw’ishengero, na canecane abo twoshobora kuba dufise ivyo duhuriyeko. N’ikiruta vyose, turakwiye kumwigisha kwama asenga abikuye ku mutima. Ivyo birashobora kumufasha kwiyegereza Imana no kugira Yehova Ubuhungiro bwiwe n’Igitandara ciwe.​—Soma Zaburi 94:21-23; Yakobo 4:8.

Kubona ko batabishoboye

13. Kubona ko batabishoboye bishobora gute gutuma bamwebamwe batinya kwitwararika ivy’impwemu?

13 Abagabo bamwebamwe baratinya kwitwararika ivy’impwemu kubera ko baba batazi gusoma neza canke badashobora kuvuga neza cabure kubera gusa ari abanyamasoni. Boshobora kuba batoroherwa no kuvuga ukuntu babona ibintu canke ukuntu biyumva igihe bari mu bandi. Ni co gituma vyoshobora kubagora cane kwiga Bibiliya, kwishura ku makoraniro ya gikirisu, canke kubwira abandi ibijanye n’ukwizera kwabo. Umuvukanyi umwe yiyemerera ati: “Nkiri muto, naragenda ku rugi ningoga na ningoga, nkigira nk’uwufyonze agakengeri ko ku muryango, ngaca nsoboka nkigira, nizigiye ko ata n’umwe yanyumvise canke yambonye. . . . Iciyumviro co kugenda inzu ku nzu carandwaza mu nda.”

14. Ni kubera iki abigishwa ba Yezu batashoboye gukiza agahungu karimwo idayimoni?

14 Iyumvire ukuntu abigishwa ba Yezu bategerezwa kuba bariyumvisemwo ko ata co bashoboye igihe vyabananira gukiza agahungu karimwo idayimoni. Se w’ako gahungu yaregereye Yezu maze amubwira ati: “Umwana wanje . . . asanzwe arwaye intandara zikaba zamuvyutse, kuko kenshi agwa mu muriro no mu mazi; nanje namuzaniye abigishwa bawe, mugabo ntibashoboye kumukiza.” Yezu yaciye yirukana iyo dayimoni, gutyo arakiza nya gahungu. Mu nyuma abigishwa ba Yezu baramwegereye maze bamubaza bati: “Ni kubera iki tutashoboye kuyirukana?” Yezu yabishuye ati: “Kubera ukwizera kwanyu guke. Kuko ndababwije ukuri: Mubaye mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, muzobwira uyu musozi, muti ‘Imuka uve ng’aha uje hariya,’ kandi uzokwimuka, kandi nta kitazobashobokera.” (Mat. 17:14-20) Umuntu arakeneye kwizera Yehova kugira ngo atsinde intambamyi zimeze nk’imisozi. Bigenda gute igihe umuntu ataba akibona ko ico kintu gihambaye maze agatangura kwizigira ubushobozi bwiwe bwite? Mu gihe ataroraniwe, aca abona ko ata co ashoboye.

15, 16. Twoshobora gute gufasha umutohoji wa Bibiliya kwikuramwo agatima ko kubona ko atabishoboye?

15 Uburyo bwiza bwo gufasha umuntu abona ko atabishoboye ni ukumuremesha kwizigira Yehova aho kwiyizigira. Petero yanditse ati: “Mwicishe bugufi . . . munsi y’ukuboko kw’ububasha kw’Imana, kugira ngo ibashire hejuru igihe kigeze; muterere amaganya yanyu yose kuri yo.” (1 Pet. 5:6, 7) Ivyo bisaba ko dufasha uwo twigana Bibiliya kuba umuntu akunda ivy’impwemu. Umuntu akunda ivy’impwemu arabiha agaciro cane. Arakunda Ijambo ry’Imana kandi akagaragaza “icamwa c’impwemu” mu buzima bwiwe. (Gal. 5:22, 23) Usanga ari umuntu akunda gusenga. (Flp. 4:6, 7) Vyongeye, ahanga amaso Imana kugira imuhe umutima rugabo n’inkomezi akeneye kugira ngo yihanganire ingorane iyo ari yo yose canke arangure igikorwa ico ari co cose aba yashinzwe.​—Soma 2 Timoteyo 1:7, 8.

16 Abatohoji bamwebamwe boshobora kandi kuba bakeneye gufashwa kuryohora ubushobozi bwabo bwo gusoma no kuvuga. Abandi boshobora kwiyumvamwo ko batabereye gukorera Imana kubera ibintu bibi bakoze bataramenya Yehova. Muri ivyo bihe vyompi, boshobora gusa kuba bakeneye ko tubafasha tubigiranye urukundo n’ukwihangana. Yezu yavuze ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”​—Mat. 9:12.

Nurushirize ‘kuroba’ abagabo

17, 18. (a) Dushobora gute kurushiriza gushikira abagabo mu busuku turangura? (b) Tuzokwiga iki mu kiganiro gikurikira?

17 Twipfuza ko abagabo borushiriza kwakira neza ubutumwa bumara akanyota cane buboneka gusa muri Bibiliya. (2 Tim. 3:16, 17) Dushobora gute none kurushiriza gushikira abagabo mu busuku turangura? Turashobora kurushiriza gushinga intahe ku migoroba, ku mpera z’imishamvu ku muhingamo, canke ku misi y’ikonje aho abagabo bakunda kuba bari i muhira. Turashobora gusaba yuko twoganira na serugo igihe bishoboka. Nimuze tubwire inkuru nziza akaryo kizanye abantu b’igitsina gabo dukorana igihe bibereye, twongere tugerageze gufasha abagabo batizeye bubakanye na bashiki bacu.

18 Igihe tubwira inkuru nziza abantu bose duhura, turashobora kwizigira ko abafise imitima ikenguruka bazovyakira neza. Nimuze dufashe twihanganye abo bose bashimishwa n’ukuri. Ariko none twofasha gute abagabo babatijwe bo mw’ishengero gukwiza ibisabwa kugira ngo bashingwe amabanga mw’ishirahamwe ry’Imana? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ico kibazo.

[Akajambo k’epfo]

a Raba ibitabu vy’umwaka (Annuaires des Témoins de Jéhovah) be n’inkuru z’ubuzima zasohowe mu Munara w’Inderetsi na Be maso!

Wokwishura gute?

• Twofasha gute abagabo gushira imbere ivy’impwemu?

• Twofasha gute abashasha kunanira akosho k’urunganwe?

• Ni igiki cofasha umuntu kwikuramwo agatima ko kubona ko atabishoboye?

[Ifoto ku rup. 25]

Woba urondera uturyo two kubwira inkuru nziza abagabo?

[Ifoto ku rup. 26]

Wofasha gute uwo mwigana Bibiliya kwitegurira ibigeragezo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika