ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/6 rup. 14
  • ‘Uzokwunama unshikire’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Uzokwunama unshikire’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Uze ubabwire iri jambo”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Sinshobora kuguma ncereje”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Nube umurindutsi nka Yeremiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/6 rup. 14

Niwiyegereze Imana

‘Uzokwunama unshikire’

UKWICISHA BUGUFI ni kamere ihimbaye. Abantu bicisha bugufi, akenshi turumva tubakunze kandi tukumva twobiyegereza. Ariko rero, ikibabaje ni uko ukwicisha bugufi nyakuri ari imbonekarimwe mw’isi ya kino gihe, na canecane mu bantu bafise ububasha canke ubukuru ku bandi. Mugabo tuvuge iki kuri Yehova Imana, we Munyabubasha asumba abandi bose kw’isi no mw’ijuru? Yoba yicisha bugufi? Reka twihweze amajambo y’umuhanuzi Yeremiya ari mu Gucura intimba 3:20, 21.​—Soma.

Yeremiya yanditse igitabu co Gucura intimba igihe Isirayeli yari igeze aho umwansi ashaka. Yari ahejeje kwibonera ikintu camutuntuje cane, na co kikaba ari ukuntu igisagara yikundira ca Yeruzalemu catikijwe n’Abanyababiloni. Uwo muhanuzi yari azi neza ko ico cago cashikije urubanza rubereye Imana yari yaraciriye Abisirayeli kubera ibicumuro vyabo. Ariko Yeremiya yoba ata cizigiro yari afise? Yoba yabona ko Yehova yari kure cane ku buryo atoshoboye kubona Abisirayeli bigaya ngo abakure mu mwiheburo? Umviriza ukuntu Yeremiya avuga aserukira Abisirayeli bagenziwe.

Naho abantu benshi bishwe n’umubabaro, Yeremiya arafise icizigiro. Aririra Yehova ati: “Emwe, uzokwibuka, wuname unshikire.” (Umurongo wa 20) Yeremiya ntakekeranya na gato. Arazi ko Yehova atazomwibagira canke ngo yibagire abasavyi biwe bigaya. None Imana mushoboravyose izokora iki?​—Ivyahishuwe 15:3.

Yeremiya arazi neza ko Yehova ‘azokwunama’ ashikire abigaya vy’ukuri. Ayo majambo aratuma tubona mu bwenge ukuntu Yehova afise ikibabarwe. Mu buryo bw’ikigereranyo, Yehova we “Musumbavyose kw’isi yose” azokwunama akure abasavyi biwe mu marushwa ateye akagongwe barimwo maze asubire kubatonesha. (Zaburi 83:18) Ico cizigiro kirakomeza Yeremiya kikongera kigahoza koko umutima wiwe wuzuye intuntu. Uwo muhanuzi w’Imana w’umwizigirwa yiyemeje kurindira yihanganye gushika igihe Yehova yashinze kigeze co kurokora abasavyi biwe bigaya.​—Umurongo wa 21.

Ayo majambo Yeremiya yanditse aratwigisha koko ibintu bibiri ku vyerekeye Yehova. Ica mbere ni uko yicisha bugufi. (Zaburi 18:35) Naho Yehova ari “agahebuza mu bubasha,” aremera akamera nk’uwimanura gushika aho turi kugira adukure habi. (Yobu 37:23; Zaburi 113:5-7) Wumva none bidahumuriza? Ica kabiri ni uko Yehova ari umunyembabazi; “[ar]iteguriye kubabarira” abacumuzi bigaya maze agasubira kubatonesha. (Zaburi 86:5) Izo kamere zibiri, ni ukuvuga ukwicisha bugufi n’imbabazi, zama zijana.

Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova atameze nk’abategetsi b’abantu, abo usanga ubwibone bwabo butuma bagira akagagazo kandi ntibiteho abandi! Vyoba bikuvyuriye umutima wo kumenya n’ibindi ku bijanye n’iyo Mana yicisha bugufi yemera ‘ikunama’ kugira ikure abasavyi bayo mu mwiheburo?

Aho turemeshejwe gusoma muri Ruheshi:

◼ Yeremiya 51-52; Gucura intimba 1-5–Ezekiyeli 1-5

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 14]

Yehova aremera akamera nk’uwimanura gushika aho turi kugira adukure habi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika