Ingene wobaho igihe umushahara ugabanutse
OBED ni se w’abana babiri. Yamaze imyaka cumi akorera kw’ihoteli ikomeye cane yo mu gisagara kinini kimwe co muri Afrika. Ntivyamugora kuronsa umuryango ivyo ukeneye. Uko haciye igihe, uburyo bwaramukundira gutwara umuryango wiwe kuruhukira mu bibanza vyo muri ico gihugu bitungiwemwo ibikoko. Ivyo vyose vyarahagaze igihe yakurwa mu kazi bivanye n’uko abakiriya b’iyo hoteli bari bagabanutse.
Mu myaka irenga 22 Stephen yamaze akorera mw’ibanki nini, yagiye araduzwa igarade gushika abaye umwe mu bakozi bakurubakuru b’iyo banki. Tumwetumwe mu turusho ako kazi kamuronsa ni inzu nini, umuduga, abakozi bo mu nzu n’amashure akomakomeye abana biwe bigamwo. Igihe iyo banki yatunganya bushasha ivy’abakozi bayo, Stephen yarakuwe mu kazi. Avuga ati: “Twe n’umuryango wanje vyaraturengeye. Narishwe n’umwiheburo, ndagira umujinya n’ubwoba.”
Abo si bo bonyene ibintu nk’ivyo bimaze gushikira. Kubera ukuntu ubutunzi buguma busubira inyuma kw’isi yose, abantu amamiliyoni baratakaje akazi kahora kabaronsa umushahara udahindagurika. N’abo vyakunze ko basubira kuronka akandi vyabaye ngombwa ko bemera umushahara muto, ibiciro na vyo biguma biduga bwampi. Nta gihugu na kimwe, caba igiteye imbere canke ikitaratera imbere, kitashikiwe n’ingaruka z’ukwo gusubira inyuma kw’ubutunzi.
Ubukerebutsi ngirakamaro burakenewe
Igihe umushahara twaronka ugabanutse canke tukaba ata kazi tugifise, biroroshe ko turengerwa n’ivyiyumviro vy’ukwihebura. Ni ivy’ukuri yuko uwo vyashikiye atobura kugira ubwoba na bukeyi. Ariko rero, hari umugabo umwe w’inkerebutsi yavuze ati: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” (Imigani 24:10) Aho guca duta umutwe igihe ivy’ubutunzi bibaye nabi, dukwiye “[kubika] muri ntibate ubukerebutsi ngirakamaro” nk’uko Ijambo ry’Imana rivuga.—Imigani 2:7.
Naho Bibiliya atari igitabu kigenewe kuduhanura mu vy’ubutunzi, impanuro ngirakamaro itanga muri ivyo zarafashije abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi. Reka twihweze zimwezimwe mu ngingo ngenderwako z’ishimikiro Bibiliya itanga.
Banza uharure. Rimbura ivyo Yezu yavuze muri Luka 14:28 ati: “Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza?” Iyo ngingo ngenderwako twoyishira mu ngiro mu kugira urutonde rw’ukuntu tuzokoresha amahera kandi tukarwubahiriza. Ariko nk’uko Obed avyivugira, hari igihe usanga bitoroshe. Avuga ati: “Ntarakurwa mu kazi, twama twaguze ibintu vyinshi tutaba dukeneye vy’ukuri. Ntitwigera tugira urutonde rw’ingene tuzokoresha amahera kuko twari dufise ayo kugura ico dushatse cose.” Tugize urwo rutonde bizotuma amahera yagabanutse turonka akoreshwa ku bintu bihambaye cane umuryango ukeneye.
Hindura ubuzima. Kwemera kugira ubuzima buri hasi gatoyi tugereranije n’ubwo twahorana, emwe si icoroshe, ariko birakenewe. Hari umugani wo muri Bibiliya uvuga ngo: “Umunyabwenge arabona icago kiriko kiraza agaca aryama hasi.” (Imigani 22:3, The New English Bible) Umwe Stephen twavuga agira ati: “Kugira tuziganye amahera, vyabaye ngombwa ko twe n’umuryango wanje twimukira mu nzu yacu bwite naho yari ntoyi ugereranije n’iyo twabamwo kandi imbere muri yo hakaba hari habayabaye. Abana na bo vyabaye ngombwa ko bahindura amashure bigako bakaja kwiga ku mashure atazimvye cane mugabo yigisha neza.”
Kugira ngo ubuzima bushasha bukunde bisaba ko abagize umuryango bugurukiranira. Uwitwa Austin yamaze imyaka icenda akorera ishirahamwe rimwe ry’ivy’amahera maze arakurwa mu kazi. Avuga ati: “Twe n’umukenyezi wanje twaricaye turandika ibintu twari dukeneye vy’ukuri. Vyarabaye ngombwa ko tugabanya ibifungurwa bizimvye, ingendo zo kuja gufata akaruhuko zatwara uburyo bwinshi no kugura impuzu nshasha zidakenewe. Ndaryoherwa kubona umuryango wanje warasenyeye ku mugozi umwe mu kugira ayo mahinduka yose.” Naho abana boshobora kudatahura neza igituma ayo mahinduka akenewe, mwebwe abavyeyi murashobora kubafasha kubitahura.
Niwemere ubundi bwoko bw’akazi. Nimba waramenyereye akazi ko mu biro, hari aho wobona umengo akazi k’inguvu ntiwogashobora. Austin avuga ati: “Kubera ko nari naramenyereye akazi ko kuyobora abandi mw’ishirahamwe rikomeye nakoreramwo, vyarangoye kwiyumvisha ko nokora akazi k’amaboko.” Ivyo ntibitangaje uravye ivyo Bibiliya ivuga mu Migani 29:25 iti: “Kujugumira imbere y’abantu ni vyo bitega umutego.” Kuguma wiyumvira ukuntu abandi bobibona ntibizogufasha kuronka ikibukura mu cibo. None ni igiki cogufasha gutsinda mwene ivyo vyiyumviro bitaremesha?
Ukwicisha bugufi. Obed amaze gukurwa muri ka kazi yakora kw’ihoteli, hari umugabo bahoze bakorana yari afise igaraje y’imiduga yamusavye ngo bokorane. Ako kazi kasaba ko umuntu agira urugendo rurerure n’amaguru mu mabarabara atuma inkungugu agiye kurondera irangi ry’imiduga n’ivyuma vyayo. Obed avuga ati: “Narabona ko ata kundi ndi bugire. Ukwicisha bugufi kwaramfashije kwemera ako kazi kandonsa amahera adashika n’ica kane c’ayo nahora ndonka mugabo akwiranye n’ivyo umuryango wanje ukeneye.” Ubwo kubona ibintu mu buryo nk’ubwo ntivyogufasha nawe?
Nubumbwe n’ivyo ufise. Umuntu abumbwa n’ivyo afise ni umuntu ahimbarwa kandi ashimishwa n’ukuntu ivyiwe biba vyifashe. Uwugeze habi mu vy’ubutunzi hari aho yobona umengo ivyo ntibishoboka. Ariko raba amajambo intumwa Paulo yavuze, uno akaba yari umumisiyonari yari azi ico ari co gukena. Yavuze ati: “Nize kwikwira, uko ivyanje biba vyifashe kwose. Emwe, ndazi kugira bike, nkamenya no kugira umurengera.”—Abafilipi 4:11, 12.
Hari aho vyoba bishoboka ko ivyacu biba vyiza gusumba. Yamara, muri ibi bihe biguma bihindagurika turimwo, ivyacu vyoshobora no kuba bibi gusumba. Vyoba vyiza rero dufashe nka nkama iyi mpanuro Paulo yatanze ahumekewe n’Imana ati: “Nkako, ukwo kwihebera Imana, kuri kumwe n’ukwikwira, ni uburyo bwo kuronka inyungu ikomeye. Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.” Paulo ntiyariko aremesha ubunebwe, ahubwo yariko atwereka ukuntu dukwiye kubona ivy’umubiri mu buryo bubereye.—1 Timoteyo 6:6, 8.
Aho agahimbare nyakuri kava
Agahimbare nyakuri ntikava ku kwirundaniriza ibintu vyose twoba twipfuza canke kubaho tworohewe, ata co dukenye. Yezu ubwiwe ni we yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” Ni vyo, gukoresha ivyo dufise kugira dufashe abandi no kugira tubaremeshe ni vyo bizana agahimbare n’umunezero.—Ivyakozwe 20:35.
Umuremyi wacu Yehova Imana arazi neza ivyo dukeneye vyose. Biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, yaratanze impanuro ngirakamaro zafashije benshi kuryohora ubuzima bwabo no kwikurako amaganya adakenewe. Ni ivy’ukuri yuko bitazotuma ubutunzi umuntu afise buca bwongerekana bukwi na bukwi canke mu buryo bw’igitangaza. Ariko Yezu yaradukuye amazinda yuko abaguma “[ba]banza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana” bazoronswa ivyo bakeneye vyose ku musi ku musi.—Matayo 6:33.