ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/6 rup. 24-25
  • Sinari bwaje mu karuhuko keza ukuraho!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Sinari bwaje mu karuhuko keza ukuraho!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ya Bedell
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Naramuronderanye umwete
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Gukora ivyo Yehova adusaba biravamwo imihezagiro
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • “Umumarayika wa Yehova ashagaje impande zose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/6 rup. 24-25

Ikete rivuye muri Irlande

Sinari bwaje mu karuhuko keza ukuraho!

“URAKENEYE ikintu wokora kugira ureke guhagarikwa umutima n’ibibazo uzokora. Uraza tuzoje muri Irlande kuramutsa bavyarawe no kubwira inkuru nziza y’Ubwami abantu bayumva gake.”

Ico kintu abavyeyi banje bambwiye sinashotse mbona ko ari iciyumviro ciza. Uretse ivyo kwitegurira ibibazo vyo kw’ishure, narahagaritswe umutima n’urwo rugendo kubera ko ntari bwigere mva mu Bwongereza canke ngo nurire indege. Naribajije nti: ‘Mbega umwigeme w’imyaka 17 nkanje yama yifitiye utwo akora akaba kandi aba mu gace k’igisagara ca Londres kabamwo abantu birukanga muri twinshi, yoshobora vy’ukuri ubuzima butiruka cane bwo mu gasagara k’epfo mu bumanuko bushira uburengero bwa Irlande?’

Ariko nasanze ntari nkwiye guhagarika umutima. Muri Irlande nahakunze indege ikihashika. Ariko rero, kubera ko twari twazindutse cane, twabaye tugitangura urugendo rwo mu muduga agatiro kaba kantwaye. Karacamwo nkikangura nkarabukwa intara y’urubuyebuye ariko ibereye ijisho, hirya y’utuyira twacamwo dukikujwe n’impome z’amabuye.

Umugoroba wa mbere, twashikiye mu gasagara kitwa Skibbereen, tukaba twararyohewe kandi turaremeshwa cane no kwifatanya n’umuryango umwe wari wimukiye aho muri Irlande gufasha mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Twarakinye udukino dushingiye kuri Bibiliya: Umwe wese yaratora mw’isaho izina ry’umuntu avugwa muri Bibiliya agaca agerageza kwerekana akoresheje ibimenyetso ikintu kinaka cabaye kijanye n’uwo muntu. Abandi baca bagerageza kuvuga uwo muntu uwo ari we.

Bukeye, twe n’abavyeyi banje, murumunanje w’umuhungu, bavyaranje hamwe n’uwundi muryango, twaruriye ubwato tuja ku kazinga kitwa Heir kabamwo abantu badashika na 30. None Yezu ntiyavuze ko inkuru nziza ibwirizwa kwamamazwa kw’isi yose? Twaramaze rero umusi wose dushikiriza ivyiyumviro biremesha vyo mw’Ijambo ry’Imana abantu baho bimereye neza kandi bakirana, twongera dutamarira ubwiza bw’intara yaho ikimeze neza.

Izuba ryarasira mw’ijuru rikeye risa n’ubururu. Akayaga kaho kari kuzuyemwo akamoto keza cane kava ku bisaka vy’uduterwa tumota nk’inazi tw’umuhondo ukayangana. Agace kajaga ko hagati muri iryo zinga kari gashasheko amashurwe yo mu mpeshi. Hariho utugobe tw’umusenyi dushikana umuntu ku bimanga vy’ibitandara, aho wasanga inyoni zitwa cormorans n’izitwa fous ziri kumwe n’ivyana vyazo mu vyari. Uravye nka hariya ibuheramaso, warabona utuzinga twinshi cane; twinshi muri two ntitubako abantu, ariko twose duherereye mu kigobe cahawe izina ribereye rya Roaringwater Bay (bisobanura “ikigobe c’amazi ahinda”). Emwe, twariboneye ukuntu ivyo Yehova yaremye ari agahore koko!

Tumaze gusubira i Skibbereen, narironkeye abagenzi beza benshi mw’ishengero ryaho ry’Ivyabona vya Yehova nongera ndagerageza gukora ibintu ntari bwigere nkora. Kimwe muri ivyo candyoheye gusumba ibindi ni ugusoza akato bita kayak. Emwe, nta kintu kiryoshe nko kwitegereza inkengera za Irlande uri muri ako kato! Twaragiye kuroba ifi twokwikorako ku mugoroba, ariko ivyogaruzi bita amafoke vyatwiyunzeko vyarazidutanze. Twarifondafondeye inkino zo ku nkengera y’ibahari, mbere ndanagerageza gutamba intambo zo muri Irlande.

Twarafashe n’umwanya wo kwiga utuntu tumwetumwe ku bijanye n’ako gasagara ka Skibbereen. Igihe umwimbu w’ibiraya waba mubi mu myaka ya 1840, abo muri ako gasagara no mu micungararo yako babaye mu gitigiri c’abasinzikaye gusumba abandi. Abantu ibihumbi barishwe n’ikigoyi, hakaba hariho imva abantu hafi 9.000 muri bo bahambwemwo ikivunga. Vyaraduhumurije kumenya ko vuba ku ngoma y’Ubwami bw’Imana ata kigoyi kizosubira kubaho be n’uko abantu indiri bapfuye muri ubwo buryo bubabaje bazosubira kuba bazima babe mw’isi y’iparadizo.

Twariyunze ku Vyabona vya Yehova bo mw’ishengero ryaho turagendera abantu bagenderwa gake bo mu cibare kinini cane c’iryo shengero. Turi mu muduga, twaramanukanye ibarabara ritoyi rihanamye dushika ku mazu ari hejuru ku manga irabana n’Ikiyaga Irlande. Abantu baho twahuye na bo nyene bari abantu bimereye neza kandi b’abakiranyi. Nk’uko twari twabigize kuri rya zinga rya Heir, twabanza kubabwira yuko twaje mu karuhuko, tukaba rero twariko turakoresha igice c’uwo mwanya wacu mu kubwira abandi ubutumwa buremesha bwo muri Bibiliya.

Mawe yaraganiriye n’umugore umwe, uno aca arashima kwakira ibinyamakuru vyacu Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe twasubira kumubona haciye imisi mikeyi, yavuze ko yaryohewe no kubisoma.

Yatwinginze ati: “Ndabasavye muzogaruke muzanye ibindi binyamakuru tuyage.” Twaciye tumubwira ko twari mu gusubira i muhira mugabo ko twomurungikiye umuntu.

Yaciye yishura ati: “Ni vyiza, ariko niwagaruka ndakwinginze uzoze kundaba. Burya Abanya-Irlande ntibigera bibagira uwo bahuye!”

Umusi wa nyuma w’ako karuhuko twawumaze turi ku nkengera y’ikiyaga turi kumwe n’abavukanyi bo mw’ishengero ry’aho hantu. Twarakoze amashiga dukoresheje amabuye n’ibiti ikiyaga cataye ku nkombe, duca duteka udukoko two mu mazi (twitwa moules) twari twakuye mu bitandara bicako amazi y’umusarara y’ico kiyaga. Naho nari umwana wo mu gisagara, vyarandyoheye cane!

Woca umbaza uti: ‘None wabonye gute indwi wamaze muri Irlande?’ Emwe, sinari bwaje mu karuhuko keza ukuraho! Uretse ko naryimaze, nararyohewe canecane no kumenya ko nariko ndakora ikintu gihimbara Yehova be n’uko nariko ntuma ashemezwa. Gukorera Imana birandyohera, kandi iyo ufise abagenzi n’umuryango mubona ibintu kumwe kandi mufadikanya igikorwa, birarushiriza cane kukunezera. Dushitse i muhira, narashimiye Yehova kubona yarampaye abagenzi benshi cane bakundana kandi bamukunda, ndamushimira no ku bintu vyiza niboneye ntazokwigera nibagira.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 25]

An Post, Ireland

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika