ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/2 rup. 17-21
  • Guma mu mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Guma mu mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “UMUSI WA YEHOVA” UTANGURA
  • YEHOVA ASHIRAHO “UMUBANDE MUNINI CANE”
  • GUHUNGIRA MU MUBANDE BITANGURA
  • ‘UMUSI WO KURWANYA’ ABANSI USHIKA
  • “AMAZI MAZIMA” AZOTEMBA
  • Guma mu “mubande wo hagati y’imisozi”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Nta kirwanisho bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Imikogote n’urugori bidukingira
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/2 rup. 17-21

Guma mu mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we

“Yehova [azorwanya] ayo mahanga nko ku musi arwana, ku musi w’intambara.”—ZEK. 14:3.

WOSHOBORA KUBISIGURA?

  • Ugusaduka kwa wa “musozi w’ibiti vy’imyelayo” kugereranya iki?

  • Wa “mubande munini cane” ugereranya iki, kandi twowugumamwo gute?

  • Ya “mazi mazima” ni iki, kandi ni bande bazokwungukira ku kuyanywa?

1, 2. Ni intambara itari umugani iyihe iraririye gushika, kandi ni igiki abasavyi b’Imana batazoba bakeneye gukora muri iyo ntambara?

KU WA 30 Gitugutu 1938, abantu amamiliyoni bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bariko barumviriza ikiganiro co kw’iradiyo gikundwa cane kijanye n’ibikino. Igikino co kuri uwo mugoroba cari gishingiye ku nkuru abantu biremaremeye ifise umutwe uvuga ngo Intambara y’imibumbe (mu congereza). Abakinyi bariko bakina uruhara rw’abamenyeshamakuru baravuze ibijanye n’igitero kivuye ku mubumbe witwa Mars cagira gitikize ibiri kw’isi vyose. Naho vyari vyamenyeshejwe ko ico kiganiro co kw’iradiyo cari igikino, abantu benshi bariko baracumviriza biyumviriye ko ico gitero cari ic’ukuri, baca baratekerwa n’ubwoba. Bamwebamwe mbere baragize ivyo bakoze mu kugerageza kwikingira abansi batabaho.

2 Muri iki gihe hariho intambara itari umugani iraririye gushika. Ariko rero, abantu ntibariko barayitegurira. Iyo ntambara ntivugwa mu nkuru abantu biremaremeye ahubwo ivugwa mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya. Ni intambara ya Harumagedoni, akaba ari intambara y’Imana yo kurwanya iyi si mbi. (Ivyah. 16:14-16) Muri iyo ntambara, abasavyi b’Imana bo kw’isi ntibazoba bakeneye kwivuna abansi bavuye ku wundi mubumbe. Ariko rero, bazoterwa ubwoba n’ibintu bitangaje cane be n’ukuntu ububasha bw’Imana buzoba buriko buragaragazwa mu buryo buteye akoba.

3. Ni ubuhanuzi ubuhe tugira turimbure, kandi kubera iki buhambaye cane kuri twebwe?

3 Ubuhanuzi bumwe bwo muri Bibiliya buri muri Zekariya ikigabane ca 14 buravuga ibijanye n’iyo ntambara ya Harumagedoni. Naho haciye imyaka nka 2.500 ubwo buhanuzi bwanditswe, buragira ico bukoze ku buzima bwacu. (Rom. 15:4) Vyinshi mu bivugwa muri bwo bijanye n’ibintu bishikira abasavyi b’Imana kuva igihe Ubwami bwa Mesiya bwashingwa mw’ijuru mu 1914 be n’ibintu bishimishije biraririye gushika. Mu bintu nyamukuru bigize ubwo buhanuzi harimwo ishirwaho ry’“umubande munini cane” be n’ugutemba kw’“amazi mazima.” (Zek. 14:4, 8) Uwo mubande urarangura uruhara ruhambaye mu gukingira abasavyi ba Yehova. Nitwatahura ico ayo mazi mazima ashobora gusobanura kuri twebwe, ntituzobona gusa ko dukeneye kuyanywa mugabo kandi tuzokwipfuza kuyanywa. Birahambaye rero ko dutega yompi ubwo buhanuzi.—2 Pet. 1:19, 20.

“UMUSI WA YEHOVA” UTANGURA

4. (a) “Umusi wa Yehova” watanguye ryari? (b) Imyaka mirongo imbere ya 1914, abasavyi ba Yehova bamenyesheje iki, kandi indongozi z’isi zavyakiriye gute?

4 Ikigabane ca 14 co muri Zekariya gitangura cerekeza ku “musi wa Yehova.” (Soma Zekariya 14:1, 2.) None uwo musi ni iki? Ni “umusi w’Umukama” watanguye igihe “ubwami bw’isi” bwacika “ubwami bw’Umukama wacu n’ubwa Kristu wiwe.” (Ivyah. 1:10; 11:15) Uwo musi watanguye mu 1914 igihe Ubwami bwa Mesiya bwashingwa mw’ijuru. Imyaka mirongo imbere ya 1914, abasavyi ba Yehova baramenyesheje amahanga yuko “ibihe vyashinzwe vy’amahanga” vyorangiye muri uwo mwaka be n’uko isi yokwinjiye mu kiringo c’umuvurungano kitari bwigere kibaho. (Luka 21:24) None amahanga yavyakiriye gute? Aho kwumvira iyo ngabisho yari ije hageze, indongozi mu vya politike be n’indongozi z’amadini zaratwengeye mw’ijigo zongera zirahama abo bamamazanjili barobanuwe b’abanyamwete. Mu kubigenza gutyo, izo ndongozi z’isi zari zikengereye Imana Mushoboravyose ubwayo, kuko abaserukira Ubwami barobanuwe bagereranya “Yeruzalemu yo mw’ijuru,” ni ukuvuga Ubwami bwa Mesiya, bakaba bari mu bayigize.—Heb. 12:22, 28.

5, 6. (a) Ni ikintu cari caravuzwe ikihe amahanga yakoze mu kurwanya ca “gisagara” be n’‘abenegihugu’ baco? (b) ‘Abasigaye bo mu bantu’ bari bande?

5 Zekariya yari yaravuze ico amahanga yokoze, mu kuvuga ati: “Ico gisagara [Yeruzalemu] kizofatwa ata kabuza.” “Ico gisagara” kigereranya Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya. Kw’isi giserukirwa n’‘abenegihugu’ baco, abo na bo bakaba ari amasigarira y’abakirisu barobanuwe. (Flp. 3:20) Mu Ntambara ya mbere y’isi yose, abaserukira abandi mu gice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova ‘barigaruriwe,’ ari kwo gufatwa, maze bajanwa mw’ibohero ry’i Atlanta muri Jeworojiya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. ‘Amazu yarasahuwe’ mu buryo bw’uko bo hamwe n’abandi bantu b’intungane barenganijwe cane bongera barakorerwa ivy’ubunyamaswa. Bene kubatera barivye itunga rigereranya akosho keza ayo masigarira yariko aragira, mu kubuza ibisohokayandikiro vyabo no mu kuburabuza ibikorwa barangura ari abamamaji b’Ubwami.

6 Naho abasavyi ba Yehova bari inkehwa, bakavugwa ukutari kwo, bakarwanywa bakongera bagahamwa n’abo bene kubatera, ugusenga kw’ukuri ntikwazimanganijwe. Hariho ‘abasigaye mu bantu,’ ni ukuvuga amasigarira y’abarobanuwe banse ‘kurandurwa mu gisagara’ babigiranye ukudahemuka.

7. Ukuntu Ivyabona vya Yehova barobanuwe bavyifashemwo bibera gute akarorero abasavyi b’Imana b’ukuri bose bo muri iki gihe?

7 Ubwo buhanuzi bwoba none bwararangutse mu buryo bwuzuye igihe Intambara ya mbere y’isi yose yarangira? Oya. Amahanga yogavye ibindi bitero ku masigarira y’abarobanuwe no kuri bagenzi babo b’intahemuka bafise icizigiro co kuba kw’isi. (Ivyah. 12:17) Intambara ya kabiri y’isi yose ni ikimenyamenya c’ivyo. Kuba Ivyabona vy’Imana barobanuwe b’abizigirwa baragumanye ugutungana kwabo, biratuma abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bihanganira ibigeragezo ivyo ari vyo vyose bibashikira, harimwo ukurwanywa n’incuti zitemera, abo bakorana canke abo bigana babatyekeza babahora ukwizera kwabo. (1 Pet. 1:6, 7) Abasavyi b’Imana b’ukuri, aho baba hose biyemeje kuruta ikindi gihe cose ‘guhagarara bashikamye mu mpwemu imwe, badaterwa ubwoba n’ababarwanya.’ (Flp. 1:27, 28) Ariko none, abasavyi ba Yehova bazoronkera umutekano hehe mw’isi ibanka?—Yoh. 15:17-19.

YEHOVA ASHIRAHO “UMUBANDE MUNINI CANE”

8. (a) Imisozi ishobora kugereranya iki muri Bibiliya? (b) Wa “musozi w’ibiti vy’imyelayo” ugereranya iki?

8 Kubera ko Yeruzalemu, ca “gisagara,” igereranya Yeruzalemu yo mw’ijuru, “umusozi w’ibiti vy’imyelayo uri imbere ya Yeruzalemu,” utegerezwa na wo nyene gufatwa mu buryo bw’ikigereranyo. None uwo musozi ugereranya iki? Ni mu buryo ki “uzosadukira hagati” ugacika imisozi ibiri? Kubera iki Yehova avuga ko ari ‘imisozi yiwe’? (Soma Zekariya 14:3-5.) Muri Bibiliya, imisozi ishobora kugereranya ubwami canke intwaro. Vyongeye, imihezagiro no gukingirwa bisanishwa n’umusozi w’Imana. (Zab. 72:3; Yes. 25:6, 7) Ku bw’ivyo, uwo musozi w’ibiti vy’imyelayo Imana ihagararako mu buseruko bwa Yeruzalemu yo kw’isi ugereranya ukuba Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose, ni ukuvuga ubutegetsi kaminuza bwiwe.

9. Ni mu buryo ki wa Musozi w’imyelayo usaduka?

9 Kuba uwo musozi w’ibiti vy’imyelayo usaduka vyerekana iki? Uwo musozi, uwuri mu buseruko bwa Yeruzalemu, urasaduka mu buryo bw’uko Yehova ashiraho ubundi butegetsi, ni ukuvuga ubutegetsi bw’inyongera. Ubwo butegetsi ni Ubwami bwa Mesiya burongowe na Yezu Kristu. Ni co gituma Yehova avuga ko ya misozi ibiri iva kw’isaduka ry’Umusozi w’ibiti vy’imyelayo ari ‘imisozi yiwe.’ (Zek. 14:4) Yompi ni rwiwe.

10. “Umubande munini cane” uri hagati ya ya misozi ibiri ugereranya iki?

10 Igihe uwo musozi w’ikigereranyo usaduka, igice kimwe kikaja mu buraruko ikindi na co mu bumanuko, ibirenge vya Yehova biguma kuri iyo misozi yompi. Munsi y’ibirenge vya Yehova haraba “umubande munini cane.” Uwo mubande ugereranya ugukingirwa n’Imana, ari na kwo gutuma abasavyi ba Yehova baronka umutekano bayobowe na we Segaba w’ibiriho vyose be n’Ubwami bw’Umwana wiwe Mesiya. Yehova azokwitwararika ivy’uko ugusenga gutyoroye kutigera kuzimanganywa. None ukwo gusaduka kw’uwo musozi w’ibiti vy’imyelayo kwabaye ryari? Kwabaye igihe Ubwami burongowe na Mesiya bwashingwa igihe Ibihe vy’Abanyamahanga vyarangira mu 1914. Abasavyi b’Imana b’ukuri batanguye guhungira muri uwo mubande w’ikigereranyo ryari?

GUHUNGIRA MU MUBANDE BITANGURA

11, 12. (a) Uguhungira muri wa mubande w’ikigereranyo kwatanguye ryari? (b) Ni igiki cerekana ko ukuboko gukomeye kwa Yehova kuri kumwe n’abasavyi biwe?

11 Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Muzokwankwa n’amahanga yose muhorwa izina ryanje.” (Mat. 24:9) Mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si, kuva mu 1914, urwo rwanko rwararushirije gukomera. Naho amasigarira y’abarobanuwe yagabweko igitero gikomeye n’abansi bayo mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, abo muri uwo mugwi w’abizerwa ntibaherengetejwe. Mu 1919 barabohowe barakurwa mu vyara vya Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. (Ivyah. 11:11, 12)a Ico gihe ni ho kwa guhungira muri wa mubande w’imisozi ya Yehova kwatangura.

12 Kuva mu 1919 uwo mubande ugereranya ugukingirwa n’Imana, urabandanya gukingira abasavyi bayo b’ukuri bo kw’isi yose. Mu myaka mirongo iheze, ubusuku bwo mu ndimiro n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vy’Ivyabona vya Yehova vyarabujijwe vyongera biraburabuzwa mu mihingo myinshi yo kw’isi. Ukwo kuburabuzwa kuracariho mu bihugu bimwebimwe. Ariko rero naho amahanga yokwita ku rutare gute, ntazokwigera ashobora guhagarika ugusenga kw’ukuri! Ukuboko kwa Yehova kw’ububasha kuzoba kumwe n’abasavyi biwe.—Gus. 11:2.

13. Tuguma dute mu mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we, kandi ni kubera iki ubu bihambaye kuruta ikindi gihe cose ko tuwugumamwo?

13 Nitwumira kuri Yehova kandi tukaguma dushikamye mu kuri, we hamwe n’Umwana wiwe Yezu Kristu bazorangura uruhara rwabo, kandi Imana ntizoreka ngo hagire umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe ‘kidushikura mu kuboko kwayo.’ (Yoh. 10:28, 29) Yehova ariteguriye kuturonsa imfashanyo yose dukeneye kugira ngo dushobore kumugamburukira nka we Segaba w’ibiriho vyose no kuguma turi abatwarwa b’intahemuka b’Ubwami burongowe na Mesiya. Dutegerezwa kuguma muri wa mubande ugereranya ugukingirwa, kuko uwo mubande uzorushiriza kugira ico usobanuye ku basavyi b’Imana b’ukuri mu gihe ca ya makuba akomeye ariko aregereza yihuta.

‘UMUSI WO KURWANYA’ ABANSI USHIKA

14, 15. Ku ‘musi Imana izorwanya’ abansi bayo, abatazoba bari muri wa mubande bizobagendera gute?

14 Uko iherezo ry’ivy’iyi si rirushiriza kwegereza, Shetani azorushiriza kugaba ibitero ku basavyi ba Yehova. Hazoca hashika ‘umusi Imana izorwanya’ abansi bayo. Yehova azokwiyemeza neza yuko kimwe mu bitero vya Shetani kiba ica nyuma. Kuri uwo musi, Segaba w’ibiriho vyose azokwerekana ko ari Umurwanyi mu buryo buninahaye kuruta uko yigeze kubigira ku wundi “musi w’intambara” uwo ari wo wose.—Zek. 14:3.

15 Ku musi Imana izoba iriko irarwana, abatazoba bari muri wa “mubande munini” ugereranya ugukingirwa na yo bizobagendera gute? Ntibazokwakirwa n’“umuco w’agaciro” ugereranya ugutoneshwa n’Imana. Kuri uwo musi w’intambara uriko uraza, “ifarasi n’inyumpu n’ingamiya n’indogobwa y’ingabo n’ubwoko bwose bw’igitungwa,” ibigereranya ibirwanisho vy’amahanga, bizoshikirwa n’ingorane. Ivyo birwanisho “bizokanya bigumarare,” ni ukuvuga ko bitazokora, bimere nk’aho vyakongatajwe n’ubukanye. Yehova azokoresha kandi “ikiza.” Ico kiza, caba ari ikiza nya kiza canke atari ko biri, kizohagarika ibintu biteye ubwoba. Kuri uwo musi, ‘amaso y’umuntu n’ururimi rwiwe bizobora’ mu buryo bw’uko bene gutera bazokoresha ibirwanisho vyabo nk’impumyi, imvugo yabo y’akagagazo na yo inumishwe. (Zek. 14:6, 7, 12, 15.) Nta gace na kamwe ko kw’isi kazokira ako gatikizo. Ingabo zizoba ziri ku ruhande rwa Shetani muri iyo ntambara zizoba ari nyinshi cane. (Ivyah. 19:19-21) “Abishwe na Yehova kuri uwo musi bazohera koko ku mpera imwe y’isi bashike ku yindi.”—Yer. 25:32, 33.

16. Turavye ivy’uko wa musi Imana izorwanya abansi bayo uriko uregereza, ni ibibazo ibihe dukwiye kuzirikana, kandi tuzoba dukeneye gukora iki?

16 Intambara yama iteza imibabaro, mbere no ku batahukana intsinzi. Ibifungurwa vyoshobora gukena. Abantu boshobora gutakaza ivyo batunze. Uburyo bwo kubaho bwoshobora guhinduka. Umwidegemvyo woshobora kugabanuka. Ingorane nk’izo nizadushikira, tuzovyakira gute? Twoba tuzohagarika umutima? Twoba tuzoheba ukwizera kwacu kubera imikazo? Twoba tuzotakaza icizigiro maze tukihebura? Ese ukuntu bizoba bihambaye cane muri ya makuba akomeye ko tubandanya kwizera ububasha Yehova afise bwo kurokora tukongera tukaguma muri wa mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we!—Soma Habakuki 3:17, 18.

“AMAZI MAZIMA” AZOTEMBA

17, 18. (a) Ya “mazi mazima” ni iki? (b) “Ikiyaga co mu buseruko” be n’“ikiyaga co mu burengero” bigereranya iki? (c) Wiyemeje iki uko uhanga amaso kazoza?

17 Inyuma ya Harumagedoni, “amazi mazima” azoguma atemba avuye ku ntebe y’Ubwami buzoba burongowe na Mesiya. Ayo “mazi mazima” ni intunganyo Yehova azoshiraho kugira ngo abantu baronke ubuzima. “Ikiyaga co mu buseruko” cerekeza ku Kiyaga c’Umunyu, “ikiyaga co mu burengero” na co kikerekeza ku Kiyaga Mediterane. Ivyo biyaga vyompi bikoreshwa mu kwerekeza ku bantu. Ikiyaga c’Umunyu kigereranya neza abantu bose bari mu mva. Kubera ko Ikiyaga Mediterane cuzuyemwo ibinyabuzima, kigereranya neza rya “sinzi rinini” rigizwe n’abazorokoka kuri Harumagedoni. (Soma Zekariya 14:8, 9; Ivyah. 7:9-15) Iyo migwi yompi rero izohungukira mu kubohorwa igakurwako urwo gupfa abantu bakwegewe na Adamu uko izoguma yizimya akanyota mu kunywa kuri ya mazi mazima y’ikigereranyo, ari rwo “ruzi rw’amazi y’ubuzima.”—Ivyah. 22:1, 2.

Niwiyemeze kuguma mu mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we

18 Dukingiwe na Yehova, tuzorokoka ivy’iyi si mbi nivyakurwaho maze twinjire mw’isi nshasha igororotse y’Imana. Naho twankwa n’amahanga yose, nimuze twiyemeze kuguma turi abatwarwa b’Ubwami bw’Imana b’intahemuka, twiyemeje kuruta ikindi gihe cose kuguma muri wa mubande wa Yehova ugereranya ugukingirwa na we.

a Raba igitabu Révélation : le grand dénouement est proche!, urupapuro rwa 169-170.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika