IBIBAZO VY’ABASOMYI
“Abana b’Imana y’ukuri” bavugwa mw’Itanguriro 6:2, 4 yuko bariho imbere ya rya Segenya bari bande?
Ibimenyamenya vyerekana ko iyo mvugo yerekeza ku bana b’Imana b’impwemu. Ariko none ivyo bimenyamenya ni ibihe?
Umurongo wa mbere muri iyo mirongo ugira uti: “Abana b’Imana y’ukuri batangura rero kwitegereza abakobwa b’abantu, babona ko ari beza; maze biyabirira abagore, ni ukuvuga abo batoranije bose.”—Ita. 6:2.
Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, imvugo ngo “abana b’Imana y’ukuri” be n’“abana b’Imana” ziraboneka mw’Itanguriro 6:2, 4; Yobu 1:6; 2:1; 38:7; no muri Zaburi 89:6. Iyo mirongo yerekana iki ku bijanye n’abo “bana b’Imana”?
“Abana b’Imana y’ukuri” bavugwa muri Yobu 1:6 biboneka ko vyari ibiremwa vy’impwemu vyari bikoraniye imbere y’Imana. Muri ivyo biremwa harimwo Shetani, uwari yamye ‘anyuragira mw’isi.’ (Yobu 1:7; 2:1, 2) Muri ubwo buryo nyene, muri Yobu 38:4-7, havuga ko “abana b’Imana” ‘basamirije impundu’ igihe Imana ‘yashiraho ibuye rigumya imfuruka’ y’isi. Bategerezwa kuba bari abamarayika, kubera ko abantu batari bwaremwe. “Abana b’Imana” bavugwa muri Zaburi 89:6 nta gukeka ko ari ibiremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru biri kumwe n’Imana, si abantu.
None “abana b’Imana y’ukuri” bavugwa mu nkuru yo mw’Itanguriro 6:2, 4 ni bande? Twisunze ibimenyamenya vyo muri Bibiliya duhejeje kubona, ntitwoba twihenze dushitse ku ciyumviro c’uko iyo nkuru yerekeza ku bana b’Imana b’impwemu baje kw’isi.
Bamwebamwe birabagora kwemera ko abamarayika boshobora kurazwa ishinga n’ivyo kurangura amabanga mpuzabitsina. Amajambo ya Yezu yanditse muri Matayo 22:30 arerekana ko ivyo kwabira no kurangura amabanga mpuzabitsina bitabaho mw’ijuru. Yamara, vyarashika abamarayika bakiyambika imibiri y’abantu, eka mbere bagasangira na bo. (Ita. 18:1-8; 19:1-3) Vyoba vyumvikana rero dushitse ku ciyumviro c’uko biyambitse imibiri muri ubwo buryo, bari gushobora kuryamana n’abagore.
Hariho imvo zishingiye kuri Bibiliya zo kwemera yuko abamarayika bamwebamwe bakoze ico kintu. Muri Yuda 6, 7 hagereranya igicumuro c’abagabo b’i Sodomu bakurikiye umubiri ku bwo kuwukoresha ibidakorwa n’ic’“abamarayika batagumije ikibanza cabo ca mbere mugabo bagata ahantu habo ho kuba hababereye.” Ico bahuriyeko ni uko abo bamarayika hamwe n’abo Banyasodomu ‘bakora ubusambanyi bakimonogoza, bagakurikira umubiri ku bwo kuwukoresha ibidakorwa.’ Uwundi murongo usa n’uwo, ukaba uboneka muri 1 Petero 3:19, 20, urerekana ko hariho isano hagati y’abo bamarayika b’ibigaba n’“imisi ya Nowa.” (2 Pet. 2:4, 5) Ku bw’ivyo, ingendo abo bamarayika b’ibigaba bo mu gihe ca Nowa bagize irashobora kugereranywa n’igicumuro ca Sodomu na Gomora.
Gushika kuri ico ciyumviro birumvikana mu gihe dutahura ko “abana b’Imana y’ukuri” bavugwa mw’Itanguriro 6:2, 4 bari abamarayika biyambitse imibiri y’abantu maze bagasambana n’abagore.
Bibiliya ivuga ko Yezu ‘yamamaje ku mpwemu ziri mw’ibohero.’ (1 Pet. 3:19) Ivyo bisobanura iki?
Intumwa Petero avuga ko izo mpwemu ari “izari za[ra]gambaraye kera hamwe ukwihangana kw’Imana kwari kurindiriye mu misi ya Nowa.” (1 Pet. 3:20) Biragaragara ko Petero yariko avuga ibiremwa vy’impwemu vyahisemwo kwifatanya na Shetani mu kugarariza. Yuda aravuga ibijanye n’abamarayika “batagumije ikibanza cabo ca mbere mugabo bagata ahantu habo ho kuba hababereye,” akavuga yuko Imana “[yababitse] bariko imvuto z’ibihe bidahera munsi y’umwiza w’umuzitanya, ku bw’urubanza rwo kuri wa musi uhambaye.”—Yuda 6.
Ni mu buryo ki ibiremwa vy’impwemu vyagambaraye mu gihe ca Nowa? Imbere ya rya Segenya, ivyo biremwa vy’impwemu bibi vyariyambitse imibiri y’abantu, ico kikaba cari ikintu Imana itari yarabigeneye. (Ita. 6:2, 4) Vyongeye, abo bamarayika baryamanye n’abagore, bariko bakora ibidakorwa. Imana ntiyaremye ibiremwa vy’impwemu ngo bihuze ibitsina n’abagore. (Ita. 5:2) Abo bamarayika babi kandi b’ibigaba bazotikizwa igihe Imana yashinze kigeze. Ubu, nk’uko Yuda abivuga, bari mu “mwiza w’umuzitanya,” akaba ari nk’aho bari mw’ibohero ryo mu buryo bw’impwemu.
Yezu yamamaje kuri izo “mpwemu ziri mw’ibohero” ryari kandi gute? Petero yandika ko ivyo vyashitse aho Yezu amariye “[ku]girwa muzima mu mpwemu.” (1 Pet. 3:18, 19) Urabona kandi ko Petero avuga yuko Yezu ‘yamamaje.’ Kuba Petero akoresha umwanya wa kahise vyerekana ko ukwo kwamamaza kwabaye imbere y’uko Petero yandika ikete ryiwe rya mbere. Biboneka rero ko haciye igihe kinaka Yezu azutse, yatangarije izo mpwemu mbi ibijanye n’igihano kibereye rwose zibwirizwa kuronka. Ntikwari ukwamamaza kwotumye zigira icizigiro. Kwari ukwamamaza ibijanye n’urubanza. (Yona 1:1, 2) Yezu amaze kugaragaza ukwizera n’ukudahemuka gushika ku rupfu maze akazurwa, ivyo bikaba vyari vyerekanye ko Shetani ata bubasha yari amufiseko, yari afise ishingiro ryo gutangaza urwo rubanza.—Yoh. 14:30; 16:8-11.
Muri kazoza, Yezu azoboha Shetani n’abo bamarayika maze abararirize mu nyenga. (Luka 8:30, 31; Ivyah. 20:1-3) Imbere y’uko ico gihe gishika, izo mpwemu z’ibigaba ziri mu mwiza w’umuzitanya wo mu buryo bw’impwemu, kandi ugutikizwa kwazo kwa nyuma ni ntakekeranywa.—Ivyah. 20:7-10.