ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/1 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ibikoko
    Be maso!—2015
  • Ibikoko vyoba bija mw’ijuru?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/1 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Kubera iki abantu benshi bemera ko hariho Umuremyi?

Umuvyeyi ariko araraba umwana wiwe aryohewe

Ubona ubuzima atari igitangaro?

Haraciye nk’imyaka 3.000 umuryoshamvugo umwe yanditse ati: “Ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba.” (Zaburi 139:14) Iyo uravye ukuntu haba ugusama, inda igakura ikavamwo umwana, ntibigutangaza cane? Abantu benshi iyo baravye ukuntu ibinyabuzima bikozwe, baca babona ko hariho Umuremyi.​—Soma Zaburi 139:13-17; Abaheburayo 3:4.

Uwaremye ijuru agatuma n’isi ishobora kubako abantu, ni we nyene yaremye ubuzima. (Zaburi 36:9) Yaravuganye n’abantu yongera aratwimenyesha.​—Soma Yesaya 45:18.

Twoba dukomoka ku bikoko?

Hari ukuntu imibiri yacu ifitaniye isano n’iy’ibikoko mu buryo bwinshi. Ivyo bimeze gutyo kubera ko Umuremyi ari we yaremye abantu n’ibikoko ngo bibe kw’isi. Ntiyaremye umuntu wa mbere amukuye mu gikoko, ahubwo yamubumvye mu mukungugu.​—Soma Itanguriro 1:24; 2:7.

Abantu baratandukanye n’ibikoko mu buryo bubiri buhambaye. Ubwa mbere ni uko abantu bafise ubushobozi bwo gutahura, gukunda no kwubaha Umuremyi. Ubwa kabiri, ibikoko ntivyagenewe kubaho ibihe bidahera nk’abantu. Ariko ubu, abantu bose barapfa kubera ko umuntu wa mbere yanse kwumvira Umuremyi.​—Soma Itanguriro 1:27; 2:15-17.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 1 c’iki gitabu,Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika