Ibirimwo
15 Rusama 2015
© 2015 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
INTEGURO Y’UKWIGA
29 RUHESHI 2015–5 MUKAKARO 2015
Uraba maso Shetani ashaka kukurotsa!
URUPAPURO 9 • INDIRIMBO: 54, 43
6-12 MUKAKARO 2015
Turashobora kurwanya Shetani kandi tukamutsinda
URUPAPURO 14 • INDIRIMBO: 60, 100
13-19 MUKAKARO 2015
‘Barabonye’ mu bwenge ivyasezeranywe
URUPAPURO 19 • INDIRIMBO: 81, 134
20-26 MUKAKARO 2015
Twigane umwe adusezeranira ubuzima budahera
URUPAPURO 24 • INDIRIMBO: 12, 69
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Uraba maso Shetani ashaka kukurotsa!
▪ Turashobora kurwanya Shetani kandi tukamutsinda
Bibiliya ivuga ko Shetani ameze nk’intambwe iroha kubera ishonje. Arakomeye, ni umubisha kandi ni umubeshi. Ibi biganiro biradufasha kubona igituma dutegerezwa kurwanya dushikamye uwo mwansi ateye akaga. Biratwereka kandi ukuntu dushobora kwikingira uburyo akoresha mu guhenda abantu.
▪ ‘Barabonye’ mu bwenge ivyasezeranywe
▪ Twigane umwe adusezeranira ubuzima budahera
Turashobora gukoresha neza canke nabi ubushobozi dufise bwo kubona mu bwenge ibintu bitarigera bidushikira canke tutarigera tubona. Muri ibi biganiro, turihweza abantu batari bake bavugwa muri Bibiliya. Turabona ukuntu ubushobozi dufise bwo kwiha ishusho y’ibintu tutarabona bushobora kudufasha kugira ukwizera no kwigana urukundo rwa Yehova, ubuntu bwiwe, ubukerebutsi bwiwe n’umunezero wiwe.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Kwibuka urukundo nari mfise ubwa mbere vyaramfashije kwihangana
KU GIPFUKISHO: Abavukanyi babiri bariko barigisha Bibiliya umunyagihugu waho
ARMENIYA
ABANYAGIHUGU
3.026.900
ABAMAMAJI
11.143
ABATSIMVYI BASANZWE
2.205
23.844
Ni bo bitavye Icibutso ku wa 14 Ndamukiza 2014, bakaba barenga igitigiri c’ abamamaji ukigwije kabiri