ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/10 rup. 9
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • “Mu misi ya Herodi Umwami”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ibara rigwa ku musi mukuru
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • «Ijambo rya Yehova ribandanya gukwiragira»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Inyenyeri Irōngōra Abantu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/10 rup. 9

WARI UBIZI?

Ni ibiki bitoroheye Herodi igihe yasubira kwubaka urusengero rw’i Yeruzalemu?

Salomo yari yarubatse urusengero rw’i Yeruzalemu ku musozi yubaka n’ibihome mu buseruko no mu burengero bwawo kugira aharinganize. Herodi yashaka kwubaka urusengero ruhambaye kuruta urwo rwa Salomo. Yaciye rero atangura gusubiramwo no kwagura urwo rwari ruhasanzwe.

Igicapo cerekana urusengero n’impome zirukikuje

Abubatsi bakorera Herodi barongereje vya bihome gushika mu buraruko bw’uwo musozi kugira na ho nyene haringanire. Mu bumanuko baraguye imbuga bongerako imetero 32. Kugira ivyo vyose babishikeko, barubatse ibihome vy’amabuye maze hejuru yavyo baraharinganiza. Mu bice bimwebimwe wasanga ivyo bihome bishika ku metero 50 z’amaduga.

Herodi yaririnze gushavuza Abayuda no guhungabanya ibikorwa vyo ku rusengero be n’ibijanye n’amashikanwa. Umwanditsi w’ivya kahise w’Umuyuda yitwa Josèphe avuga ko Herodi yamenyereje mbere abaherezi b’Abayuda mu vyo kuringaniza amabuye no mu vy’ububaji kugira ntihagire uwinjira mu bibanza vyeranda atabirekuriwe.

Herodi yapfuye ataraheza ico gikorwa. Mu mwaka wa 30 inyuma ya Kristu, ico gikorwa cari kimaze imyaka 46 gitanguye. (Yohani 2:20) Umwuzukuruza wa Herodi ari we Agiripa wa kabiri, ni we yagisozereye hagati mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu.

Kubera iki abantu bo mw’izinga rya Malita biyumviriye ko intumwa Paulo yari umwicanyi?

Ikimanakazi c’ubutungane kiriko gikubita ikimanakazi c’akarenganyo

Ikimanakazi c’ubutungane (ibubamfu) kiriko gikubita ikimanakazi c’akarenganyo

Abantu bamwe bo muri iryo zinga bashobora kuba barohejwe n’ivyiyumviro vy’idini ry’Abagiriki. Raba ivyabaye igihe ubwato Paulo yari arimwo bwasabira muri iryo zinga nk’uko bivugwa mu gitabu c’Ivyakozwe. Igihe Paulo yegeranya umukama w’inkwi akawushira ku muriro bari bacanye kugira abari muri ubwo bwato bote, imamba yaramwizingiye ku kuboko. Abantu bo muri iryo zinga baciye bavuga bati: “Ni ukuri uyu muntu ni umwicanyi, kandi naho yashoboye gukira ikiyaga, ubutungane budaheranwa ntibwamwemereye kubandanya kubaho.”​—Ivyakozwe 28:4.

Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ng’aho ngo “ubutungane” ni “di’ke.” Iryo jambo rirashobora gusobanura ubutungane muri rusangi. Ariko rero mu nkuru z’ibitito zo mu Bugiriki, Dike ryari izina ry’ikimanakazi c’ubutungane. Vyiyumvirwa ko cakurikiranira hafi ivyo abantu bakora maze kikamenyesha imana Zeyu ibintu vy’akarenganyo bitaba vyamenyekanye kugira uwabikoze ahanwe. Ku bw’ivyo, igitabu kimwe kivuga ko abantu b’i Malita bashobora kuba biyumviriye bati: “Naho Paulo yarokotse mu kiyaga, imanakazi Dike yamufashe . . . biciye kuri irya mamba.” Abo bantu barahinduye ivyiyumviro igihe babona Paulo ata co abaye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika