ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 1 rup. 3
  • Kubera iki wosoma Bibiliya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki wosoma Bibiliya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Bibiliya yorushiriza kukugirira akamaro
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 1: Gusoma canke kuraba ividewo?
    Icofasha umuryango
  • Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 1 rup. 3
Umugore atoye Bibiliya kuri etajeri

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOSOMA BIBILIYA IKAKUGIRIRA AKAMARO

Kubera iki wosoma Bibiliya?

“Nahora niyumvira yuko Bibiliya igoye cane gutahura.”​—Jovy

“Nabona ko kuyisoma vyondambira.”​—Queennie

“Ndavye ukuntu Bibiliya ari nini, naca ncika intege zo kuyisoma.”​—Ezekiel

Vyoba birashika ukipfuza gusoma Bibiliya, mugabo ugaca uhesha kubera yuko ubona ibintu cokimwe n’abo duhejeje kuvuga? Abenshi babona ko gusoma Bibiliya bigoye cane. Ariko none wokora iki umenye ko Bibiliya ishobora gutuma urushiriza guhimbarwa mu buzima? Bite hoho umenye ko hari ibintu vyotuma kuyisoma birushiriza kukuryohera? Ubwo ntiwoca ufata akanya ugasuzuma ico yokumarira?

Rimbura ivyavuzwe n’abantu bakeyi gusa Bibiliya yagiriye akamaro igihe batangura kuyisoma.

Ezekiel, akaba arengeje gato imyaka 20, avuga ati: “Kera, nari meze nk’umushoferi anyonga umuduga atazi iyo aroye. Ariko gusoma Bibiliya vyaramfashije kugira ubuzima bufise intumbero. Nasanze irimwo impanuro ngirakamaro nshobora kwisunga buri musi.”

Frieda, na we nyene arengeje imyaka 20. Avuga ati: “Nahora ndi umuntu akaza ishavu. Ariko gusoma Bibiliya vyaratumye niga kwigumya. Ubu nararushirije kwumvikana n’abandi, ku buryo nsigaye mfise abagenzi benshi.”

Eunice ni umugore arengeje imyaka 50. Ku bijanye na Bibiliya, avuga ati: “Iriko iramfasha kuba umuntu ameze neza no guheba ingeso zitabereye.”

Nk’uko abo bantu bavyiboneye hamwe n’abandi amamiliyoni, gusoma Bibiliya birashobora gutuma na wewe ugira ubuzima buhimbaye cane. (Yesaya 48:17, 18) Birashobora kugufasha (1) gufata ingingo nziza, (2) kuronka abagenzi beza, (3) kuvyifatamwo neza mu ngorane, (4) kumenya ukuri kwerekeye Imana, ico kikaba ari co kiruta vyose. Impanuro dusanga muri Bibiliya ziva ku Mana, zikaba rero zitazokwigera zikuzimiza. Imana ntiyigera itanga impanuro mbi.

Igihambaye ni ugutangura gusoma Bibiliya. Ni ibiki none vyotuma woroherwa no gutangura kuyisoma kandi ikarushiriza kukuryohera?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika