ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp19 no. 2 rup. 10-11
  • Igihe urwaye indwara ikomeye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe urwaye indwara ikomeye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IVYAFASHIJE BAMWEBAMWE
  • Igihe Uwo mu Bagize Urugo Arwaye
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Yehova Imana yawe araguha agaciro
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Kubera iki ndwaye cane gutya?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ingene amasengesho yogufasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
wp19 no. 2 rup. 10-11

Igihe urwaye indwara ikomeye

“Igihe bantora kanseri yo mu mahaha no mu mara, niyumviriye ko ngiye gupfa. Mugabo nshitse muhira mvuye kwa muganga, nibwiye nti: ‘Naho ibi atari vyo nari niteze, ntegerezwa kuvyihanganira.’”​—Vyavuzwe na Linda w’imyaka 71.

“Ndwaye indwara ituma nkongatara uruhande rumwe rwo mu maso. Rimwe na rimwe naragira ububabare bwinshi bigatuma ngira akabonge. Akenshi nabona umengo ndi akahebwe, nkumva mbere nokwiyahura.”​—Vyavuzwe na Elise w’imyaka 49.

Umugabo arwaye yicaye mu gakinga k’ibimuga akikujwe n’abiwe

NIMBA baragutoye indwara ishobora kuguhitana canke bakaba barayitoye uwawe, urazi ingene ivyo bibabaza cane. Uretse iyo ndwara ubwayo, wewe canke abakurwaje mwoshobora kuza muratwarwa n’ishavu canke mugahagarika umutima. Mwoshobora kurushiriza kugira amaganya n’ubwoba kubera kwama muja kwa muganga, kubura uburyo bwo kwivuza canke kubera ingaruka z’imiti uba uriko urafata. Ukwo guhagarika umutima kandi urwaye indwara ikomeye birashobora gutuma urengerwa.

None ni ibiki vyogufasha? Benshi basanze ari ngirakamaro kwiheka ku Mana biciye kw’isengesho be n’ugusoma ivyanditswe vyo muri Bibiliya biremesha. Incuti n’abagenzi na bo nyene barashobora kugufasha.

IVYAFASHIJE BAMWEBAMWE

Uwitwa Robert w’imyaka 58 yavuze ati: “Niwihanganire indwara ubigiranye ukwizera, maze Imana izogufasha. Niwiture Yehova mw’isengesho. Numubwire uko wiyumva. Numusabe inkomezi kugira uremeshe umuryango no kugira ushobore kwihanganira iyo ndwara yawe.”

Yongerako ati: “Igihe umuryango wawe ugushigikiye biraremesha cane. Buri musi, umwe canke babiri baranterefona bakambaza uko merewe. Abagenzi bo hirya no hino barandemesha. Batuma numva merewe neza, kandi ivyo biratuma ntihebura.”

Igihe ugiye gusuhuza uwurwaye, raba impanuro Linda atanga. Agira ati: “Umurwayi aba yipfuza kugira ubuzima busanzwe uko bishoboka kwose kandi yoshobora kutama yipfuza kuvuga ivy’iyo ndwara. Numuyagishe rero ibintu vyo mu buzima bwa misi yose.”

Tubifashijwemwo n’Imana, Ivyanditswe biremesha, incuti be n’abagenzi, turashobora kwemera tudakeka ko kubaho biri n’ico bimaze naho twoba turwaye indwara ikomeye.

Ivyanditswe vyogufasha

Niwiheke ku Mana.

“Narasiguje Yehova, na we aranyishura, andokora mu binca ivutu vyose. Uyu murushwa yarahamagaye, Yehova ubwiwe arumva.”​—Zaburi 34:4, 6.

Umwe Linda twavuga, agira ati: “Sinigera nsenga nsaba yuko notora mitende. Nama nsaba nti: ‘Numpe inkomezi, maze nshobore kwihanganira indwara yanje.’”

Nukomezwe n’Ijambo ry’Imana.

“Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​—Yesaya 33:24.

Nuzirikane ku mihango y’Imana yerekeye kazoza. Ivyo bizotuma ugira icizigiro maze bikuronse inkomezi zo kwihangana.

Nusabe incuti n’abagenzi bagufashe.

“Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

Umwe Elise twavuga, ahanura ati: “Ntiwigungire ukwawe. Nureke abagenzi bagufashe. Vyoshobora gushika ukagira irungu, mbere ukiyumvira ko Imana itakwumviriza. Ariko rero, ntiwigere wigungira ukwawe.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika