Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura Ku wa 10 Nzero
Ururirimbo rw’107
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo Arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami.
Imin. 15: “Kwamamaza Izina rya Yehova mw’Isi Yose.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nushiremwo insasanuro zerekeye ugushinga intahe akaryo kizanye, zivuye mu gitabu Huduma Yetu, urupapuro rwa 93–94.
Imin. 20: Guhitamwo Kuvugwa Hadakoreshejwe Amaraso Dukurikije Amategeko. (Ivyak. 15:28, 29) Insiguro ishikirizwa n’umukurambere abishoboye ishimikiye kw’ikete ryo kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 1997 n’iryo ku wa 1 Kigarama 1998. Iri koraniro rirangiye, Ivyabona babatijwe baraza guhabwa ikarata nshasha Instructions médicales/Pas de sang (Amabwirizwa mu vy’Ubuvuzi: Ntimuntere Amaraso), kandi abafise abana batoyi batarabatizwa baraza kuronka twa Dukarata Karanzi ku bw’umwana wese. Ayo makarata ntakwiye kwuzuzwa kuri uyu mugoroba. Mukwiye kuyuzuriza i muhira mwitonze ariko NTIMUYASHIREKO umukono. Ivy’ukuyashirako umukono yose, ukuyashirako ivyabona, hamwe n’ukuyashirako amatariki bizogirwa Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero iza irangiye, bihagarikiwe n’umurongozi w’inyigisho y’igitabu aho bikenewe. Imbere y’ugushirako umukono, nimurabe ko ayo makarata yujujwe neza. Abashirako umukono bwa vyabona bakwiye kwibonera uwo nyene ikarata ashirako umukono kuri ico cete. Abamamaji batarabatizwa bakurikije imvugo ikoreshwa kuri iyo karata bakayihuza n’uko ivyabo vyifashe be n’ivyo bemera, barashobora kwiyandikira amabwirizwa bazokoresha bo hamwe n’abana babo. Abarongozi b’inyigisho y’igitabu bakwiye kuraba neza yuko abakurikira imigwi yabo bose basahirijwe nk’uko bavyipfuza kugira ngo buzuze iyo karata Instructions médicales/Pas de sang (Amabwirizwa mu vy’Ubuvuzi: Ntimuntere Amaraso).
Ururirimbo rw’155 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 17 Nzero
Ururirimbo rw’12
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: Ukwisukura. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishimikiye kuri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Munyonyo 1998, urupapuro rwa 31, “Nukarabe Wongere Wumutse Iminwe!,” Réveillez-vous! yo ku wa 22 Munyonyo 1997, urupapuro rwa 11 ahavuga ngo “Ba Ukaraba n’Isabuni,” hamwe na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Munyonyo 1997, urupapuro rwa 28, ahavuga ngo “Ba Ukaraba.” Nucishemwo yuko inyuma yo gukorana mu minwe twokwisukura mu gukaraba iminwe imbere y’uko dukora ku mfungurwa. Ico ni ikintu ciza twibukijwe na canecane mu gihe c’amateraniro y’umuzunguruko canke y’intara.
Imin. 20: “Nukoreshe Udutaragiti mu Gutanguza Ibiyago.” Nukoreshe udutaragiti tune utwo ari two twose dukunda gukoreshwa mu karere. Nubaze ikibazo cishurwa mu gataragiti kamwekamwe kose. Nusabe abumviriza bavuge ingene ico kibazo coshobora gukoreshwa mu gutanguza ikiyago kandi nimba bishoboka kigashikana ku nyigisho ya Bibiliya. Nimugire umwerekano w’ukuntu ivyo vyogirwa mukoresheje udutaragiti tubiri muri two.
Ururirimbo rwa 57 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 24 Nzero
Ururirimbo rw’110
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’ivyabonywe mu gikorwa co mu ndimiro.
Imin. 15: “Nurimbure Ijambo rya Yehova Imisi Yose!” Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nuremeshe umwe wese gukoresha neza agatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2000. Nimuyage ku vyerekeye amajambo y’intangamarara ari ku rupapuro rwa 3-4. Nimba agatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2000 kataraboneka mw’ishengero, nimukoreshe amayagwa avuye mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—1999, urupapuro rwa 3-4. (mu Gifaransa canke mu Giswahili) Nusabe abamamaji bigane ingene bagira akigoro kadasanzwe ko kwihweza ubudasiba icanditswe c’umusi hamwe n’insobanuro zaco ku musi ku musi.
Imin. 20: “Wewe Ni Ho Uzoba Uri?” Insiguro n’ivyabonywe, bihagarikirwe n’umukurambere. Imitororokano mininiminini yararanguye uruhara ruhambaye mu gukomeza abantu b’Imana kuva mu bihe vya Bibiliya gushika muri iyi misi turimwo. (Raba igitabu Prédicateurs, urupapuro rw’254, ingingo ya 1-3, hamwe n’igitabu Étude perspicace des écritures, imbumbe ya 1, urupapuro rw’882, ingingo ya 3.) Nuremeshe bose gutangura ubu kwitegurira kuzokwitaba imisi itatu yose y’iteraniro ry’intara ry’uyu mwaka. Nusabe abumviriza bigane ivyabaye vyerekana yuko utwigoro bagira bashirutse ubute kugira babe ari ho bari mu gihe cashize vyabaronkeje impera mu vy’impwemu.
Ururirimbo rw’157 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 31 Nzero
Ururirimbo rwa 16
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse bose gutanga raporo y’umurimo y’ukwezi kwa Nzero. Nuvuge igisohokayandikiro kizoshikirizwa muri Ruhuhuma: Igitabu Furaha ya Familia. Nimugire umwerekano w’ukuntu ibibazo bitatu biri mu ruzitiro ku rupapuro rwa 12 rw’ico gitabu bishobora gukoreshwa bwa shimikiro ryo kwinjiza umuntu mu kiganiro.
Imin. 15: Inyishu ku Kibazo Cerekeye ‘Ukwitegereza.’ Insiguro ishikirizwa n’umukurambere, ishingiye ku Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1999, urupapuro rwa 29-31.
Imin. 18: Ukuntu Twofasha Abandi Kumenya Idini ry’Ukuri. Ikiganiro kigirwa hagati y’umukozi w’ishengero abishoboye n’abamamaji babiri canke batatu babishoboye cerekeye ukuntu abantu boshobora gutangazwa n’Ivyabona vya Yehova ariko badatahura neza itandukaniro riri hagati y’ayandi madini n’idini ryacu. Nimusubiremwo ibintu cumi biri muri Réveillez–vous! yo ku wa 8 Rusama 1995, ku rupapuro rwa 20. Nusigure ukuntu kumenya ivyo bintu bishobora gufasha umuntu w’umutima nziraburyarya kubona itandukaniro riri hagati y’ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma, no kubona igituma bikenewe kwigira ku basavyi ba Yehova be no kwifatanya na twe.
Ururirimbo rwa 60 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 7 Ruhuhuma
Ururirimbo rw’113
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa Gitewokarasi.
Imin. 17: Nimwihweze igitabu Unabii wa Daniyeli. Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri ico gitabu gishasha: Imitwe y’ibigabane ikwegera cane, amashusho akabura, utuzitiro turimwo ibibazo bikabura ubwenge turi ku mpera y’ikiganiro cose, amakarata ndondabihugu hamwe n’ibicapo bitomora ido n’ido ry’amakuru yashikirijwe. Nurimbure insiguro iremesha y’ukuntu Mikayeli “azohaguruka” mu buryo budasanzwe (urupapuro rw’288-290). Nuvuge akamaro k’ukwihangana kwacu turi abigisha b’Ijambo ry’Imana (urupapuro rw’311-312). Twese dukwiye gusoma ico gitabu tuvyitondeye kandi tugahimiriza abashimishijwe ngo bagire kuno nyene.
Imin. 20: Bagize Ihitamwo Riranga Ubukerebutsi. Insiguro ishimikiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1997, urupapuro rwa 15-18, ingingo ya 3-16. Niwigane ibintu vyavuzwe n’abatsimvyi, vyerekana igituma bumva yuko ubuzima bwabo bwakoreshejwe mu buryo burushirije buronsa impera, bw’ingirakamaro. Nuremeshe abari aho bose kuraba ko batoba boshobora gukora ubutsimvyi.
Ururirimbo rw’182 n’isengesho ryo gusozera.