Woba Ushima Ibintu Vyeranda?
1 Hamwe twobazwa nimba dushima ibintu vyeranda, kumbure twokwishura tudatevye duti: egome! None zimwezimwe mu ntunganyo nyeranda Imana yashizeho dushima ni izihe?
2 Ese ukuntu dushima cane imigenderanire twemerewe kugiranira na Data wa twese wo mw’ijuru! Aradukura amazinda yuko ‘nitwamwiyegereza na we azotwegera.’ (Yak. 4:8) Ata nkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu, nta muntu yoronse ubuzima budahera. (Yoh. 3:16) Ku musi ku musi turaserura ugukenguruka dufise gushika kure kutagiramwo uburyarya ku bw’iyo ngabirano y’agaciro kanini y’Imana, tukabigira n’ugushima kugera kure.
3 Ijambo ryahumetswe ry’Imana, Bibiliya, na ryo nyene ni ryeranda kuri twebwe, nk’uko ishirahamwe ryo kw’isi rya Yehova ari ryeranda. Turagaragaza ugushima kubereye dufitiye izo ntunganyo ziva kuri Yehova igihe tubaho twisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya, tugakomeza imigozi yunga urukundo rwa kivukanyi, tugakurikiza twitonze urutonde rwa gitewokarasi, vyongeye tugakorana n’abaturongora.—1 Pet. 1:22.
4 Biciye ku mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge, turaronka imfungurwa z’ivy’impwemu z’umusesekara. Uko ni kwo bizoba bimeze kuri rya Teraniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abakora ivy’Ijambo ry’Imana” rizoba muri uyu mwaka. Aho tuzoharonkera inyigisho ngirakamaro kandi twongere twinovore ukwifatanya n’abandi dukeneye bimwe vyihutirwa. Ni gute dushobora kugaragaza ugushima kuvuye ku mutima ku bw’iyo ndinganizo nyeranda?
5 Ntufate Minenerwe Inzu ya Yehova: Nehemiya yarakebuye abari barakoze bagatama kugira ngo basanure impome za Yeruzalemu, ngo ‘ntibafate minenegwe inzu y’Imana.’ (Neh. 10:39, NW) Muri iki gihe, “Inzu” ya Yehova ni indinganizo yiwe y’ivyo gusenga. Amateraniro yacu y’intara agize umuce w’iyo ndinganizo. Kugira ngo ntidufate minenerwe iyo ndinganizo, dutegerezwa kuba ari ho turi mu bayitavye kandi tugatega yompi n’igishika, tukereka Yehova yuko duha agaciro cane intunganyo ashiraho. (Heb. 10:24, 25) Ni ibiki dukwiye gutegekanya ubu kugira ngo tugaragaze ko dushima ico kintu ceranda bimwe bishitse?
6 Nube Uhari Imisi Itatu Yose: Umwe wese muri twebwe akwiye kwitegura kugira ngo azobe ahari iyo misi itatu yose iteraniro rizomara. Woba uriko urategekanya gushika hakiri kare no kuhaguma gushika kw’isengesho rya nyuma ku musi w’Iyinga? Nimba ari uko, uzohikurira imihezagiro myinshi. Kwitaba iteraniro bishobora kutama vyoroshe. Kugira ico uhinduye ku kazi ukora k’ivy’umubiri bishobora gusaba ko ufata ingingo ushikamye. Ivy’ukwiyunguruza bishobora kuba bitama vyoroshe. Ariko ntureke ivyo ngo biguce intege zo kwitaba iryo teraniro.
7 Niwihweze Aka Karorero Keza Cane: Bari mu nzira baja kw’iteraniro ry’intara ryo mu mwaka uheze, umugwi w’abavukanyi bo mu gihugu kimwe co muri Afirika kirimwo intureka z’abanyagihugu, warahuye n’umugwi umwe w’abasirikare. Abo bavukanyi barabajijwe ngo: “Muri bande, kandi muja he?” Bishuye bati: “Turi Ivyabona vya Yehova, tukaba turiko tuja kwitaba iteraniro ry’intara.” Umwe mu basirikare yaciye asigura ati: “Mwebwe Ivyabona vya Yehova nta kintu na kimwe mutinya. Nimwigire, kandi muzoshobora kugira iteraniro ryanyu ata nkomanzi. Ariko rero, muragabe kuko muja guhura n’abasirikare benshi. Mugendere nantaryo hagati mw’ibarabara! Nimwabona abantu bagize ikigwi, mubandanye mugendera hagati mw’ibarabara!” Ni ko babigenjeje kandi bashitse impore kw’iteraniro. Abo bavukanyi bararonse impera kubera bagaragaje ugushima bafitiye ibintu vyeranda.
8 Cokimwe n’abavukanyi bacu bo muri Afirika, na twebwe turahura n’ingorane twisangije. Ariko, ata gukeka, turashobora kwigana ukwizera kwabo kandi tukiyemeza kwitaba ibiringo vyose vy’iteraniro ryacu ry’intara. Nimba hakenewe ko ugira ivyo uhindura ukundi, nuhange amaso Yehova kugira ngo aduhe inyobozo, kuko tuzi yuko azohezagira utwigoro twacu two kwitaba porogarama yose uko ingana.
9 Niwimbure Imihezagiro: Turacambirwa Ijambo ry’Imana, kuko tuzi yuko biciye kuri ryo dushobora gukura tugashika ku bukiriro. (1 Pet. 2:2) Ukwitaba iteraniro ry’intara kwacu hamwe n’ukwumviriza porogarama, bizofasha umwe wese muri twebwe kwubaka ukwizera gukomeye muri iryo Ijambo, gutyo tukazoshobora kurushiriza kurinda ibitero bikaze vya Shetani. Nitwabigenza gutyo, tuzoba tweretse Yehova hamwe n’abaturaba bose yuko dushima rwose ibintu vyeranda, n’uko ‘tutari mu biyonjorora . . . ariko turi abo mu bizera ubuzima bwabo bugakizwa.’—Heb. 10:39; 12:16; Imig. 27:11.
10 Turashobora kurindirana igishika yuko Yehova Imana azogomorora ingomero zo mw’ijuru hanyuma akadushungururirako imigisha myinshi y’ivy’impwemu. (Mal. 3:10) Niwishingire ihangiro ryo kuzoba uri kw’Iteraniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abakora ivy’Ijambo ry’Imana,” uhereye ku ntango ya porogarama ku musi wa Gatanu mu gatondo gushika kw’isengesho ryo guheraheza na “Amen!” ku musi w’Iyinga ku muhingamo. Uzogira urweze rwo kuba wabigize!