Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
IBIMENYESHEJWE: Igikorwa Dukorera Ubwami kizoshinga urutonde rw’Ikoraniro ry’Umurimo ry’indwi yose yo mu kiringo c’amezi y’iteraniro. Amashengero yoshobora kugira ivyo ahinduye uko bizoba bikenewe kugira ngo bifashe kuzokwitaba Iteraniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abakora ivy’Ijambo ry’Imana.” Aho bibereye, nimukoreshe iminuta 15 kw’Ikoraniro ry’Umurimo rya nyuma imbere yuko mwitaba iryo teraniro kugira ngo mwiyibutse impanuro zatanzwe mu nyongera y’uku kwezi. Nimuremeshe bose kuzofata iminuta mikeyi yo kuraba kuri porogarama imbere yuko ikiringo cose co mu gatondo no ku muhingamo gitangura, bongere bitegane igishika ibija kuvugwa. Ivyo bizotuma vyoroha gutega yompi porogarama hamwe no kwandika ibintu bike ariko vyumvikana. Imishamvu iva kuri ibiri gushika kuri ine ikurikira iryo teraniro, isubiramwo ry’ivyiyumviro bikurubikuru vya porogarama ry’iminuta 30 rirategekanijwe ku rutonde rw’Ikoraniro ry’Umurimo. Muri ico gihe, umwe wese azoba yiteguriye gushikiriza amajambo makeyi niyaramuka abisabwe n’abavukanyi batatu bakwije ibisabwa bazoba bagenywe ngo bashikirize ico kigabu. Muri ayo majambo umuntu ashobora kwerekana ingene ivyizwe kw’iteraniro bikora mu buzima bw’umwumwe wese hamwe no mu ndimiro. Icabonywe kigufi kimwe canke bibiri vyatowe neza, birashobora kwiganwa. Ukwitegura kwiza kugizwe na bose ni urupfunguruzo rutuma Ikoraniro ry’Umurimo riba irishimishije kandi ryigisha.
Indwi Itangura Ku wa 8 Rusama
Ururirimbo rw’16 (143)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu hamwe n’Amatangazo arobanuwe avuye mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Umukurambere araja gusubiramwo yitonze ivyo bimenyeshejwe aho haruguru ku vyerekeye ibihindurwa biraba Ikoraniro ry’Umurimo. Udukuru twa Gitewokarasi.
Imin. 15: “Woba Ushima Ibintu Vyeranda?” Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Shimikira ku kamaro ko kwitaba iteraniro ry’intara imisi itatu yose rizomara.
Imin. 15: “Ivyo Mukora Vyose Mubikorane Urukundo.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Niwigane intambamyi zimwezimwe zivyuka igihe hari abantu badakurikije ubuyobozi butangwa ku bijanye no kuronka uburaro.
Ururirimbo rw’23 (200) n’isengesho ryo gusozera
Indwi Itangura Ku wa 15 Rusama
Ururirimbo rw’12 (113)
Imin. 13: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’Amakonte.
Imin. 16: “Nutege ugutwi Ivyavuzwe Vyeranda.” Ibibazo n’inyishu. Nushimikire ku mvo zotuma twese tuba turi mu vyicaro vyacu igihe ikiringo cose gitanguye.
Imin. 16: “Nimuzigame Ingendo Nziza Ininahaza Imana.” Umukurambere agirane ico kiganiro n’umuryango. Barihweza ivyo bakeneye gukora kugira ngo bagumane urutonde, urupfasoni, isuku, kugira kandi bagume baboneka neza kandi bigenza neza mu bibanza vy’ihuriro ry’abantu.
Ururirimbo rw’28 (224) n’isengesho ryo gusozera
Indwi Itangura Ku wa 22 Rusama
Ururirimbo rwa 8 (53)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Nimugire umwerekano uteguye neza werekana ingene twoshikiriza igitabu Ubumenyi muri bwa buryo bw’ivy’intererano mu gikorwa c’inzu ku yindi. Uwo dusanze ku muhana arabaza igiciro c’ico gitabu Ubumenyi. Abwirwa yuko tugisigira abashimishwa n’ukugisoma ataco turinze kubarihisha. Maze uwo muntu amenyeshwe ivya ya ndinganizo y’ivy’intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi hose. Araheza agaterera avyishakiye hanyuma umwamamaji atege ibahasha kugira ngo ashiremwo iyo ntererano yiwe. Nimusubiremwo Inyishu ku Bibazo Vyanyu.
Imin. 20: “Gume Muri Maso.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nusigure igituma vyihutirwa ko tuguma turi maso mu vy’impwemu naho nyene tutazi umusi n’isaha.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 1995, ku rupapuro rwa 30.
Imin. 13: Utegekanya Kuzokora Iki Muri Myandagaro na Nyakanga? Umuryango uganire ku vyo uzokora muri Myandagaro no muri Nyakanga. Baravuga ivyo kwitaba iteraniro ry’intara mu misi itatu yose rizomara, hamwe no ku gukora ubutsimvyi bwo gufasha ukwezi kumwe canke ayarenga. Hoshobora kandi kubaho akaryo ko gutemberera aho kuratira ijisho canke kuja gusama akayaga mu buryo bunaka bwiza. Baremeranya bose hamwe kudafata minenegwe akamenyero kabo ko gukora ibikorwa vya gitewokarasi.
Ururirimbo rwa 6 (45) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 29 Rusama
Ururirimbo rw’16 (143)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse bose gutanga raporo z’igikorwa co mu ndimiro c’ukwezi kwa Rusama. Nugire umwerekano mutoyi w’uburyo bwo gushikiriza ibisohokayandikiro bizotangwa mu kwezi kwa Ruheshi. Niwerekane ingene bagira inyigisho ya Bibiliya, ukoresheje icigwa ca 13 mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?
Imin. 15: “Kuronkera Umunezero mu Gikorwa Ceranda.” Insiguro. Niwihweze imvo zituma tugira umunezero mu gikorwa.—Raba igitabu Étude perspicace, Imbumbe ya 2, urupapuro rwa 45, 46.
Imin. 18: Ugusoma Bibiliya Kuvamwo Ivyiza. Insiguro n’umwerekano ushingiye ku gitabu Manuel pour l’École, urupapuro rwa 33-34, ingingo ya 6-7. Porogarama idahinduka yo gusoma Bibiliya, iyo ivyiyumviro bikurubikuru vya Bibiliya bishingiyeko, ni umuce w’inyigisho z’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi. (Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Kigarama 1999, urupapuro rw’7) Umugwi w’abagize umuryango ugire umwerekano w’ingene umuryango wari gushobora kwihwereza hamwe igisomwa c’iyi ndwi categanijwe mw’ishure. Baratoranya ikintu kimwe canke bibiri bishimishije kandi bakagira n’ubundi bushakashatsi mw’irabiro Index des publications de la Société Watch Tower, canke mu gitabu Étude perspicace des Écritures. Niwerekane ingene gusoma Bibiliya gushobora kuba ugufise akamaro, kukarushiriza kudufasha ‘kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri.’—2 Tim. 2:15.
Ururirimbo rwa 5 (46) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 5 Ruheshi
Ururirimbo rwa 9 (37)
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 10: Ibikenewe aho iwanyu.
Imin. 15: “Agateka Gashobora Guterwa Abakiri Bato.” Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Niwigane ivyabonywe dusanga mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1996, urupapuro rwa 23, ingingo ya 15. Nusabe abakiri bato bibuke ingene banezererewe gutanga ibinyamakuru. Umwe canke babiri muri abo bakiri bato nagire umwerekano woroshe werekeye ugushikiriza ikinyamakuru igihe ava ku rugi aja ku rundi. Nuremeshe abavyeyi kujana n’abana babo muri ico gikorwa c’ugutanga ibinyamakuru ku mushamvu ku mushamvu.
Imin. 15: “ ‘Babanza Kugezwa’—Mu Buryo Ki?” Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Nusubiremwo indinganizo ishingiye ku Vyanditswe yo kugira abakozi b’ishengero mw’ishengero. (Raba igitabu Étude perspicace, Imbumbe ya 2, urupapuro rwa 289-290.) Niwerekane ibisabwa bategerezwa gushitsa kugira ngo bagenwe. (Raba igitabu Notre ministère, urupapuro rwa 55-56.) Nushire ahabona uburyo abakozi b’ishengero bashobora gukora, kandi uremeshe n’abandi bavukanyi kugira barondere gushikira ako gateka.
Ururirimbo rwa 10 (82) n’isengesho ryo gusozera.