Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Rusama: Ibinyamakuru vy’Umunara w’Inderetsi hamwe na Réveillez-vous! Niwamize hafi agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kugira ugahe abashimishijwe, kandi hagirwe utwigoro two gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ruheshi: Ni Ibiki Imana Idusaba? Hihatirwe gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose muri utu tuboroshire tw’impapuro 32 karashobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, hamwe na Quel est le but de la vie?—Comment le découvrir? Utuboroshire Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre? Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes—qui nous aidera à les résoudre? hamwe na Un livre pour tous, turashobora gushikirizwa aho bibereye. N’udutabu Imizimu hamwe na Cette bonne nouvelle du Royaume twoshobora gukoreshwa muri ayo mezi.
◼ Tubona ko bikenewe kwibutsa abamamaji bose yuko aderese ikoreshwa mu kurungika ibintu kuri Sosiyete idakwiye na rimwe gukoreshwa ku makete umuntu yirungikira ku ruhara rwiwe. Aho harimwo amakete yose n’ibindi bisohokayandikiro bicishwa muri posita vyo gushinga intahe ku bantu bashimishijwe, ku bataba i muhira, canke ku baba mu bibanza bigoye gushikamwo. Iyo hashingwa intahe biciye kuri posita, nukoreshe aderese yawe bwite canke aderese y’Ingoro y’Ubwami y’iwanyu. Turabinginze ntimukoreshe aderese ya Sosiyete.
◼ Turafise amakaseti y’idaramu Doing God’s Will With Zeal (Dukorane Ishaka Ivyo Imana Igomba) mu Congereza. Amashengero aremeshejwe gusaba iyo kaseti kugira ngo abamamaji bashobore kwungukira ku kwumviriza iyo daramu.
◼ Amateraniro y’intara magufimagufi yararinganijwe muri Tanzaniya muri uyu mwaka nk’uko vyerekanywe hano:
Sumbawanga 5-6 Myandagaro 2000
Songea 26-27 Myandagaro 2000
Kigoma 26-27 Myandagaro 2000