ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/00 rup. 6
  • Nimuzigame Ingendo Nziza Ininahaza Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimuzigame Ingendo Nziza Ininahaza Imana
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • “[Ni]mwame Mukurikira Iciza”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • “Ivyo Mukora Vyose Mubikorane Urukundo”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Mube abera mu ngeso zanyu zose
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Nidukore Ivyiza Duheze Dushimwe!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 5/00 rup. 6

Nimuzigame Ingendo Nziza Ininahaza Imana

1 Aho turi hose, ingendo yacu, inyambaro yacu, n’ukwitunganya kwacu biradushingira intahe bikongera bikayishingira Imana twambaza. Ivyo biribonekeza canecane ku mitororokano mininiminini y’abasavyi b’Imana, aho abantu benshi batwitegereza. Iyo turi intangakarorero, izina rya Yehova riraninahazwa. (1 Pet. 2:12) Ariko rero, inyifato mbi canke ibikorwa abantu bari ku rushi batibanga abandi bapfa gukora birashobora gutukisha izina ry’Imana n’abasavyi bayo. (Umus. 9:18b) Tugumije ku muzirikanyi yuko inyifato yacu ari yo abo hanze barabirako ishirahamwe ryacu n’Imana twambaza, birakwiye kudutuma twitwararika ‘ugukorera vyose gushimisha Imana.’—1 Kor. 10:31.

2 Inyifato y’Akarorero mu Bibanza vy’Indaro: Kenshi na kenshi, abakozi bo mu mahoteli canke mu ndaro baratangazwa cane n’urutonde, urupfasoni hamwe n’isuku babonana Ivyabona vya Yehova. Umuyobozi umwe igihe yavuga ivyerekeye imiryango y’Ivyabona bari bacumbitse mw’ihoteli yiwe, yagize ati: “Abana b’Ivyabona vya Yehova ni abana beza ntaribwigere mbona! Bambara nk’abakenyezi n’abashingantahe; barisoneye, bari n’ubugwaneza kandi bari n’urupfasoni; bitayeko nta ngorane bigeze batera namba. Vy’ukuri murakwiye gushimirwa kubera abana banyu. Twarahimbawe no kwakira abana banyu hano.” Amajambo nk’ayo aravugwa ata ngorane kubera abo dufitaniye imigenderanire bashobora kubona urukundo n’ukwubaha biri mu basavyi ba Yehova.

3 Ku rundi ruhande, ivyavuzwe n’abandi bakozi bo mu mahoteli birerekana yuko hakiri ingorane ya bamwebamwe batitwararika ingendo yabo canke bakoresha ukutari ko uburaro butangwa. Ivyo biratera ingorane kandi bigatuma tunegurwa kandi bitari bikwiriye. Abayobozi bamwebamwe baridoga yuko abana n’abayabaga bavuza urwamo kandi ntibigarure, kubera ko abavyeyi babo batabacungera igihe bariko bagendagendera mu bigo vyaho.

4 Amahoteli menshi n’amashure birafise amategeko abashitsi bategerezwa gukurikiza. Abavukanyi bamwebamwe bararenze kuri ayo mategeko yerekeye urugero rw’ijwi canke ugutekera mu vyumba vyabo. Gutekera aho bitarekuwe birakunda kwonona inyubakwa.

5 Turakwiye kugira akigoro dushimitse kugira ngo dusenyere ku mugozi umwe n’ubuyobozi bw’ihoteli. Nta gukekereza, ntidushaka gusiga iceyi abasavyi ba Yehova. Kubera ko turi Abakirisu dutegerezwa kwigenza nk’abatagira ubugunge igihe cose. Ntidukwiye gutwara ibisaswa canke utugenegene tw’ “icibutso” tubikuye mu bibanza vy’uburaro, kuko ukwo ni ukwiba; vyongeye ntidukwiye kutavuga ukuri igihe tumenyesha abantu dutegekanya kuzobana mu cumba igihe tubikisha ivyumba canke igihe co kwimenyekanisha dushitse.

6 Inyifato Ibereye kw’Iteraniro: Tutaravye ubwoko bw’ibintu bikoreshwa, kw’iteraniro hakwiye kubonwa nk’Ingoro y’Ubwami nini muri ico kiringo. Inyambaro n’ukwitunganya bibereye birakwiye kwigaragaza no mu gihe nyene twitaba amakoraniro mw’ishengero ry’iwacu. Mu biringo vy’iteraniro n’inyuma yavyo, abavukanyi n’abavukanyikazi barakwiye kwirinda kwambara ntibikwize canke kwambara impuzu z’agaharawe, ari na vyo bigaragaza agatima k’isi kandi bikaba vyogora ko tuboneka nk’abatandukanye n’abandi bantu. Abavukanyikazi barakwiye kwitwararika ko umuderi be n’uburebure vy’amaguturiya n’amakanzu yabo biranga urupfasoni bimwe bikwiriye. (1 Tim. 2:9, 10) Twaba twitavye iteraniro, ducumbitse kw’ihoteli, dufungura mw’iresitora, canke tugura ibintu mu mamangazini, dukwiye kugaragaza igihe cose yuko turi abasuku b’Imana, ntitureke ngo hagire ikintu na kimwe cotuma dutsitaza abandi.—2 Kor. 6:3.

7 Ibatiza rizogirwa ku musi wa Gatandatu mu gitondo. Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 1995, urupapuro rwa 30, uradondora inyifato dukwiye kugira muri ico gihe. Uvuga yuko “ibatiza dukwiye kurifatana uburemere bubereye. Si igihe co kwiha akaruru k’umunezero, co kugira umusi mukuru canke co kwidagadura. Ariko kandi si n’igihe co kwijirwa canke co kwiraburanirwa.” Ntivyoba bibereye namba yuko ababatizwa bambara impuzu zibafata cane canke zibonerana, baba ari abagabo canke abagore. Nuko rero, bose bakwiye kugaragaza ko babifatana uburemere n’umunezero biranga ibatizwa ry’Abakirisu.

8 Petero aratwibutsa ‘ingene dukwiye kumera mu migenzo myeranda no mu bikorwa vy’ukuyobokera Imana.’ (2 Pet. 3:11, UB) Ese amajambo yacu n’ibikorwa vyacu mu kiringo c’Iteraniro ry’Intara ry’uyu mwaka ryataziriwe ngo “Abakora ivy’Ijambo ry’Imana” vyofasha abarorerezi b’inzirabugunge kumenya no kwambaza Imana yacu ihambaye, yo ibereye icubahiro cose n’ubuninahazwa bwose.—1 Kor. 14:24, 25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika