Udukuru twa Gitewokarasi
◼ Ishikiriza ry’impapuro z’umutsindo ry’Abasohotse Ishure Rimenyereza Abakenuzi rigira 9, ryaragizwe ku Biro vy’Ishami i Nairobi ku wa 16 Nzero, 2000. Abavukanyi 24 basohotse iryo shure baje bava mu bihugu indwi vyo muri Afirika y’Ubuseruko. Iryo shure ririko riragaragara ko ari intunganyo nziza mu vyo guha inyigisho z’agaciro abavukanyi bitanga bavyigombeye kugira ngo bakore ku bw’inyungu z’Ubwami. (Zab. 110:3) Abakurambere n’abakozi b’ishengero b’abirebange bafise imyaka iri hagati ya 23 na 50, bashobora gusoma, kwandika no kuvuga Icongereza canke Igifaransa kandi bakaba bashimishwa n’iryo shure, bararemeshejwe kwitaba inama igiranwa n’abashaka kwitaba iryo shure, kw’iteraniro ry’umuzunguruko rikurikira.
◼ Ingoro z’Ubwami zikurikira ziherutse kwinjirwa:
Burundi: Bujumbura Ngagara na Gitezi.
Kenya: Nakuru West.
Rwanda: Gashoba, Ngarama, be na Rwamagana.