Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gutanga muri Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Ahaboneka ugushimishwa ku basubiye kugenderwa, abantu barashobora gusabwa kugirisha amabonema. Kuva ku wa 16 Gitugutu, Inkuru z’Ubwami No. 36 zizogabanganywa. Munyonyo: Igabanganywa ry’Inkuru z’Ubwami No. 36 rizobandanya. Amashengero ahetura ivyibare vyayo mu gushikira abanyamihana bo mu rugo rwose mu kubaha ikopi y’Inkuru z’ubwami No. 36, arashobora gutanga agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi. Niba abantu baramaze kubironka, igitabu Kubaho Ibihe Bidashira canke igitabu Création bishobora gukoreshwa. Kigarama: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera hamwe na Bibiliya yitwa Traduction du monde nouveau. Nzero: Igitabu c’impapuro 192 ico ari cose casohowe imbere y’1986 ishengero ryoba rifise mu bubiko. Amashengero afise igitabu L’humanité à la recherche de Dieu arashobora kandi kugitanga.
◼ Guhera ku wa 27 Munyonyo 2000, igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera kizokwihwezwa mu Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero mu mashengero yose akoresha ururimi rw’Ikirundi.
◼ Niba ku wa 1 Nzero ibihe vy’amakoraniro bizohinduka mw’ishengero ryanyu, umunyamabanga w’ishengero akwiye kumenyesha Sosiyete ayo mahinduka mu kurungika ya fomu y’Amamenyeshwa Yerekeye Amakoraniro y’Ishengero no Gusaba Udukaratasi tw’Ubutumire (S-5). Niba bikenewe, murashobora kugira iyindi komande y’udukaratasi tw’ubutumire kuri nya fomu nyene. Udukaratasi tw’ubutumire dukwiye gusabwa n’imiburiburi hasigaye amayinga umunani ngo igihe mutwipfurizako gishike.
◼ Udukaratasi tw’ubutumire bw’Icibutso co mu 2001 mu rurimi rukoreshwa n’ishengero tuzorungikanwa n’amafomu arungikwa ku mwaka ku mwaka. Niba hari izindi ndimi zivugwa mu cibare c’iwanyu kandi mukaba mwipfuza kuzironkamwo udukaratasi tw’ubutumire, ivyo bikwiye guca bisabwa mu maguru masha kuri ya Fomu yo Gusabirako Ibisohokayandikiro (S-14). Udukaratasi tw’ubutumire bw’Icibutso turaboneka mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa, no mu Giswahili, mu Kirundi, muri Luganda. Turabasavye mugire komande y’udukaratasi two mu ndimi zikenewe gusa mu cibare canyu.
◼ Amashengero arakwiye gutangura gusaba twa dutabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2001 kuri komande y’ibisohokayandikiro yo muri Gitugutu. Utwo dutabu tuzoboneka mu ndimi zikurikira: Amharike, Icarabu, Icongereza, Igifaransa, Igihindi, Igipunjabi, Igishinwa (Coroheje), Igiswahili, Igitigirinya, Ikigujarati, Ikinyarwanda, Ikirundi, na Urdu. Gushika aho utwo dutabu tuzobonekera kandi tukarungikwa, ku mpapuro ziherekeza ibirungitswe hazoguma handitsweko ko ‘turi mu nzira.’ Udutabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi ni udutabu dusabwa mu buryo budasanzwe.
◼ Ibisohokayandikiro Biboneka:
Index des publications de la Société Watch Tower 1999—mu Congereza
Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Bemera Ibiki?—mu Congereza
Jéhovah—qui est-il? (Yehova—Ni Nde?) (Itaragiti No. 23)—mu Gihindi
La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains I—mu Congereza, mu Gifaransa, no mu Giswahili
Le plus grand homme de tous les temps—mu Congereza
Ni Ibiki Imana Idusaba?—mu Cateso, muri Luganda, mu Kiluwo, mu Kinyankore, no mu Gitoro
Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!—mu Congereza, mu Gifaransa no mu Giswahili
◼ Amakasete Mashasha yo Kwumviriza Aboneka:
La bonne nouvelle selon Marc (amakasete atatu ari hamwe)—mu Gishinwa (Mandarini)
La bonne nouvelle selon Matthieu (amakasete atatu ari hamwe)—mu Gishinwa (Mandarini)
Mélodies du Royaume Imbumbe 9 (ikasete imwe)
Uturorero two Kutuburira Muri Iki Gihe (Idaramu, ikaseti imwe)—mu Congereza
◼ Disques compacts Nshasha Ziboneka:
Mélodies du Royaume Imbumbe y’9