Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 12 Ntwarante
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo Arobanuwe mu Gikorwa Dukorera Ubwami.
Imin. 15: Udukuru twa Gitewokarasi n’ “Ivyibukijwe.” Bishikirizwe n’umunyamabanga. Nuremeshe abavukanyi kutirengagiza ivy’uko bose bakeneye gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Nusome mwongere muganire ivyibukijwe ku bw’intererano.
Imin. 20: “Ndamukiza—Igihe co ‘Gukora Tugatama no Kwihata.’ ” (Ingingo ya 1-13) Gishikirizwe n’umucungezi muhagarikizi. Kibe ikiganiro gishwashwanutse c’ivyo twipfuza kurangura muri Ndamukiza. Nuremeshe umwe wese mw’ishengero kurangura uruhara rwiwe kugira ngo mushitse intumbero yuko mugira uruhara 100 kw’ijana mu busuku muri ukwo kwezi.
Ururirimbo rwa 4 (43) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 19 Ntwarante
Ururirimbo rw’10 (82)
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’Amakonte.
Imin. 17: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Ndamukiza—Igihe co ‘Gukora Tugatama no Kwihata.’ ” (Ingingo ya 14-30) Ishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Ibe insiguro hamwe n’ibihimba vy’ibibazo n’inyishu birobanuwe. Umwe wese akwiye kugira urutonde ngirakimazi kugira ngo agire uruhara runini mu busuku uko bishoboka kwose muri Ndamukiza. Niwerekane urutonde rwose rw’amakoraniro y’ugusohoka mu ndimiro rwategekanijwe ku bw’ukwo kwezi. Nuremeshe bose abashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha maze baronke ifomu yo kubisaba inyuma y’ikoraniro.
Ururirimbo rwa 6 (45) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 26 Ntwarante
Ururirimbo rwa 25 (204)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusigure yuko hatararengerana kwuzuza amafomu yo gusaba ubutsimvyi bwo gufasha muri Ndamukiza. Nuremeshe bose gukurikirana ubusomyi bwa Bibiliya mu kiringo c’Icibutso bwashizwe ku rutonde ku bw’igenekerezo rya 3-8 Ndamukiza, nk’uko vyerekanywe mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2001. Nutangaze igihe Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi izobera mu ndwi y’Icibutso. Ntiwibagire insiguro y’icese idasanzwe yo kuri uyu w’Iyinga, igenekerezo rya 1 Ndamukiza, ifise umutwe uvuga ngo “Ni Nde Ashobora Gukizwa?” Nuhimirize umuntu wese kugira uruhara mu busuku kuri uwo musi nyene, kugira ngo atangurane neza na Ndamukiza.
Imin. 20: “Nimuze Twese Dutere Iteka Yehova n’Umwana Wiwe.” Insiguro ikabura ishingiye ku Vyanditswe ishikirizwa n’umukurambere. Nuremeshe umuntu wese kugira uruhara bimwe vyuzuye uko bishoboka kwose mu gikorwa kidasanzwe categekanijwe ku bwa Ndamukiza no kugira akigoro karushirije ko gutumira abantu ku Cibutso.
Imin. 15: Dutegure Ukuntu Dushikiriza Ibinyamakuru Vyacu. Tuzoshikiriza Umunara w’Inderetsi na Réveillez-Vous! muri Ndamukiza. Niwihweze urupapuro rw’8, ingingo ya 3 n’iy’10, mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1996. Nushire ahabona (1) ikiganiro, (2) iciyumviro kibereye mwoganirako, (3) ikibazo kivyura ugushimishwa, hamwe (4) n’icanditswe kijanye n’igihe coshobora gukoreshwa mu buryo kirumara mu gishikiriza kimwekimwe cose mu binyamakuru biherutse gusohoka. Niwihatire gukoresha ya boroshire Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi mu gutanguza inyigisho za Bibiliya n’abantu bashimishijwe. Nusozere n’umwerekano wateguwe neza w’ukuntu ivyo vyogirwa ugendeye umuntu ari bwo bwa mbere.
Ururirimbo rwa 16 (143) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 2 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 2 (15)
Imin. 9: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ukwezi kwa Ntwarante. Nimwihweze “Ivyibukijwe Vyerekeye Icibutso.”
Imin. 18: “Urukundo Ruradusunikira ku Kwamamaza.”a Nushire ahabona ivyanditswe biri muri ico kiganiro. Nushiremwo ivyiyumviro vyatanzwe mu gitabu Étude perspicace Imbumbe ya 2, urupapuro rwa 633, ingingo ya 3. Nutumire umwamamaji amaze imyaka myinshi ari umunyamwete yigane ingene urukundo akunda Imana rumusunikira ku gukomera ku muheto mu gikorwa co kwamamaza. Nuhimirize abamamaji bose kugira uruhara mu gikorwa co gushinga intahe muri Ndamukiza no mu yandi mezi yose akurikira.
Imin. 18: “Nufashe Abandi Kwitaba Amakoraniro.”b Inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1996 ingingo ya 14-16, iratanga izindi nama zerekeye ivy’ukuyobora abatohoji ba Bibiliya kw’ishirahamwe. Niwerekane ukuntu ya boroshire Ni Ibiki Imana Idusaba? (icigwa ca 5, ingingo 7) hamwe n’igitabu Ubumenyi (ikigabane ca 5, ingingo 22) bishobora gukoreshwa hakiri kare mu kumuremesha kwitaba amakoraniro. Kugira ngo ivyo ubitangire akarorero, nugire umwerekano wateguwe neza w’umwamamaji abishoboye aremesha n’igishika cinshi umutohoji kuzirikana yitonze ivyerekeye ukuza ku makoraniro.
Ururirimbo rw’11 (85) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.