Nufashe Abandi Kwitaba Amakoraniro
1 “Abagenzi abo ari bo bose bo mu micungararo . . . bipfuza kwitaba amakoraniro barahawe ikaze n’igishika cinshi co kuyitaba.” Kuva iryo tangazo risohowe mu nomero y’Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni yo muri Munyonyo 1880, Ivyabona vya Yehova baratumiye abantu babigiranye igishika ngo batororokanire hamwe ku bw’ukwigishwa Bibiliya. (Ivyah. 22:17) Uwo ni umuce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri.
2 Kuyitaba Ni Ngirakamaro: Imihezagiro tuyironka mu gihe twifatanya n’ishengero. Turarushiriza kumenya neza Imana yacu y’akaroruhore, Yehova. Mw’ishengero, duhurira hamwe ngo ‘twigishwe na Yehova.’ (Yes. 54:13) Ishirahamwe ryiwe riratanga porogarama y’ukwiga Bibiliya ibandanya ituma turushiriza kumwiyegereza kandi ikaturonsa imfashanyo ngirakimazi mu gushira mu ngiro ‘impanuro zose z’Imana.’ (Ivyak. 20:27; Luka 12:42) Amakoraniro aratuma haba ukumenyerezwa kw’umuntu ubwiwe mu buhanga bw’ukwigisha Ijambo ry’Imana. Ivyibutswa biva mu Vyanditswe biradufasha kunezererwa ubucuti bwiza dufitaniye n’abandi hamwe n’ubwo dufitaniye na Yehova ubwiwe. Ukwifatanya n’abakunda Imana birakomeza ukwizera kwacu.—Rom. 1:11, 12.
3 Nutange Ubutumire Burashe: Kuva mugitangura kwiga, nutumire umutohoji wese wa Bibiliya ku makoraniro. Numuhe agakaratasi k’ubutumire. Nuvyure ugushimishwa kwiwe mu kumubwira iciyumviro cakuremesheje mw’ikoraniro uherutse kwitaba no mu kurimbura ikintu kizoganirwa kw’ikoraniro rikurikira. Nudondore uko Ingoro y’Ubwami imeze, kandi wiyemeze neza ko azi ukuntu yoyitora.
4 Mu gihe umutohoji atayitavye buno nyene, nubandanye kumutumira. Nufate iminuta mikeyi ku ndwi ku ndwi yo kumwereka ingene ishirahamwe ryacu rikora. Nukoreshe ya boroshire Unis pour faire la volonté de Dieu na ya videwo Les Témoins de Jéhovah — Un nom, une organisation (Ivyabona vya Yehova—Ni Izina n’Ishirahamwe) kugira ngo atumenye neza yongere amenye amakoraniro yacu. Nuzanane n’abandi bamamaji kugira ngo uwo mutohoji amenyane na bo. Mw’isengesho, nushimire Yehova ku bw’iryo shirahamwe kandi ushiremwo ivyo umutohoji akeneye kugira ngo yifatanye na ryo.
5 Ntugonanwe gufasha abashimishijwe bashasha gukoranira hamwe natwe. Uko ugukengurukira Yehova kwabo gukura, ni ko bazovyurirwa ingiro yo gukurikiza ivyo biga no kuba mu bagize ishirahamwe ry’Imana ryunze ubumwe.—1 Kor. 14:25.