ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/01 rup. 7
  • Ivyibukijwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyibukijwe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 3/01 rup. 7

Ivyibukijwe

Ivyahindutse ku vy’ukugabanganya ibisohokayandikiro ata mahera arishwe ntibihindura ivy’uko amahera aguma akenerwa kugira ngo hahingurwe hongere hagabanganywe ibisohokayandikiro kw’isi yose. Hariho kandi inkenero nini y’ukwubaka Ingoro z’Ubwami, ikora ry’amashami no kuyaronsa ivyangombwa, ukwitwararika ayakoreshwa n’abari mu murimo w’igihe cose udasanzwe, n’ibindi. Uko abavukanyi bacu hamwe n’abantu bashimishijwe bose babandanya gushigikira birafasha mu kwitwararika inyungu z’Ubwami kw’isi yose.

Abamamaji benshi n’imiryango yabo ivyo barabigira akamenyero mu “gushira ikintu ku ruhande” bwa ntererano ku ndwi ku ndwi. Ukwo gushigikira kwabo mu vy’amahera ni bumwe mu buryo bwinshi bashobora guserura ugukenguruka ubwitwararitsi n’imihezagiro vya Yehova. Naho muri iyi misi ivy’ubutunzi bishobora kuba vyifashe nabi cane kuri bamwebamwe mu bavukanyi bacu, turazi neza yuko uko ivyabo vyifashe kubakundiye bazogira ico bakoze n’umutima wabo wose nk’uko wa mupfakazi wo mu gihe ca Yezu yabigize. Bazogira ivyo bashoboye vyose kugira ngo berekane urukundo bakunda Yehova n’ishirahamwe ryiwe.—Luka 21:2-4; 1 Kor. 16:2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika