‘Nutege Yompi Wongere Wakire Izindi Nyigisho’
1 Igitabu c’Imigani kidondora ko ubukerebutsi busemerera buti: “Mwumvirize kuko ngira mvuge ibikomeye; guteranura iminwa kwanje kuvamw’ibibereye. Inama nziza n’iyanje, bo n’ubgenge bushitse. . . . Ni munyumve: kukw’abitondera inzira zanje ar’abahirwe. Kuk’ūmbona wese aba abonye ubugingo, kand’akazotoneshwa n’Uhoraho.” (Imig. 8:6, 14, 32, 35) Ayo majambo adondora neza inyigisho ziturindiriye kuri rya Hwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana.”
2 Ivyo umuryango w’abavukanyi wo kw’isi yose ukeneye vyarihwejwe, kandi porogarama y’ihwaniro yateguwe kugira ngo hitwararikwe ivyo bintu. Turamutse dushize mu ngiro inyigisho z’ivy’impwemu hamwe n’inama ngirakimazi bizoshikirizwa, birashobora kuzodufasha tukaba abahirwe, tukaguma tugiranira ubucuti bwiza na Yehova, kandi tukaguma tugendera mu nzira ija mu buzima budahera. Nta nkeka, turafise imvo nziza yo ‘gutega yompi tukongera tukakira izindi nyigisho.’—Imig. 1:5.
3 Imbere ya Porogarama: Kugira ngo twungukire bimwe vyuzuye ku bishikirizwa, turakwiye kuba turi mu bibanza vyacu kandi turi mu mero ibereye y’umuzirikanyi igihe porogarama itanguye. Ivyo bisaba ko umuntu ubwiwe yiyungunganya neza. Ikintu nyamukuru gikenewe n’ukuzinduka. Nuryame kare buca ari ihwaniro. Heza uvyuke kare bikwiye kugira ngo uhe umuntu wese wo mu mugwi urimwo umwanya wo kwitegura no kuronka ico bofungura. Nushike hakiri kare ku kibanza c’ihwaniro, ku buryo ushobora kuronka icicaro ukongera ukitwararika ibintu bikenewe imbere yuko porogarama itangura. Imiryango izoba yuguruye isaha 8:00 zo mu gitondo, maze porogarama itangure isaha 9:30 imisi yose mu gitondo.
4 Kubera ko intumbero ya mbere na mbere y’ugutororokana ari iy’ugushemeza Yehova “mu makoraniro,” ikiringo kimwekimwe cose gikwiye gutangura mu buryo buhayagiza Imana yacu. (Zab. 26:12) Ku bw’ico, twese turemeshejwe kuba twicaye imbere yuko hatangazwa ururirimbo rw’intango. Ivyo birahuye n’inkeburo yo mu Vyanditswe igira iti: “Vyose bitungane neza, birorane.” (1 Kor. 14:40) Ivyo bisigura iki kuri umwe wese muri twebwe? Igihe ubonye umuhagarikizi yicaye ku mukiruruko mu gihe umuziki w’intango uriko uravuga, nufate icicaro cawe buno nyene. Ivyo bizotuma ushobora kugira uruhara n’umutima wawe wose mu ruririmbo rutangura ikiringo kimwekimwe cose, tugashira hejuru amajwi yo gushemeza Yehova.—Zab. 149:1.
5 Mu Kiringo ca Porogarama: “Ezira yari [“yarateguriye,” NW] [u]mutima [wiwe] kwitwararika ivyagezwe vy’Uhoraho.” (Ezr. 7:10) Ni gute dushobora gutegura imitima yacu kugira ngo twakire inyigisho Yehova aduha? Uko usuzuma imitwe y’ibice bitandukanye itondetswe kuri porogarama, niwibaze uti: ‘Ni igiki Yehova ariko arambarira biciye kuri iyi porogarama? Noshobora gute gukoresha ivyavuzwe kugira ngo ubwanje nunguke hamwe n’umuryango wanje?’ (Yes. 30:21; Ef. 5:17) Nubandanye kwibaza ivyo bibazo mu kiringo cose c’ihwaniro. Niwandike ivyiyumviro utegekanya gukoresha. Nufate umwanya wo kubiganira inyuma y’ibiringo vyose vy’umusi. Ivyo bizogufasha kuzigama no gushira mu ngiro ivyashikirijwe.
6 Kumara amasaha atari make umuntu ashize ivyiyumviro kw’ihwaniro, bishobora kuba ibitoroshe. Ni igiki gishobora kudufasha kurwanya impengamiro yo kwangaza ubwenge? Niwungukire ku bushobozi ijisho rifise. Ku rugero runini, ico duhanze amaso ni co duca twiyumvira. (Mat. 6:22) Ku bw’ico, nunanire agatima ko gushaka guhindukiriza umutwe ahantu hose hari uruyogoyogo, canke ku kantu kose gakomye. Guma uhanze amaso umushikirizansiguro. Nukurikire muri Bibiliya yawe igihe icanditswe gisomwa, kandi ugume wuguruye Bibiliya yawe mu gihe icanditswe kirimburwa.
7 Urukundo rwa gikirisu ruzotuma twirinda kugora abandi mu gihe ca porogarama. (1 Kor. 13:5) Ico ni “igihe co gucereza” no gutega yompi. (Umus. 3:7) Ku bw’ico rero, nitwirinde kuganira no kugira uruja n’uruza bidakenewe. Nitugabanye ivy’ukuja kwa surwumwe, mu kwitegura imbere y’igihe. Ntidufungure canke ngo tunywe umwanya wabigenewe utaragera, kiretse mu gihe vyoba bitewe n’imvo zikomeye z’amagara. Abazana twa duterefone batwara mu ntoke, ivyuma bifata amasanamu n’amajwi, hamwe n’ivyuma vyo gufata amafoto ntibakwiye kubikoresha mu buryo bisamaza abandi. Abavyeyi bakwiye kuringaniza ivy’uko umuryango wose wokwicara hamwe dushizemwo n’imiyabaga, ku buryo bashobora gucungera abana babo mu buryo bubereye.—Imig. 29:15.
8 Mu mwaka uheze umukurambere amaze imyaka mirongo yitaba amahwaniro yavuze ati: “Niyumvira yuko iri hwaniro ryari ntangere ku bw’iyindi mvo. Hafi umuntu wese mu bumviriji yaragize utwo yandika, dushizemwo n’abana bakiri bato. Vyari bihimbaye kuraba. Amabibiliya yarakoreshejwe neza mu gihe abashikirizansiguro basaba ko azingururwa ku mirongo kanaka.” Ugutega yompi nk’ukwo kurashimwa vy’ukuri. Ntikuronsa ivyiza gusa twebwe hamwe n’abitavye ihwaniro bagenzi bacu, ahubwo ikiruta vyose kuraninahaza Umwigisha wacu Mukuru, Yehova Imana.—Yes. 30:20.