Isubiramwo ry’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Isubiramwo rigirwa ibitabu bizinze ry’amayagwa yihwejwe mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, yo ku mushamvu wo ku w’ 7 Rusama gushika ku wo ku wa 20 Myandagaro 2001. Korera ku rundi rukaratasi mu kwishura ibibazo vyinshi ushoboye mu mwanya watanzwe.
[Ibimenyeshejwe: Mu gihe c’iryo subiramwo, ushobora gukoresha Bibiliya yonyene kugira ngo wishure ikibazo ico ari co cose. Amarabiro yatanzwe inyuma y’ibibazo agenewe kworohereza ubushakashatsi wewe wigirira. Ibitigiri biranga urupapuro n’ingingo bishobora kuterekanwa ku marabiro arungika ku Munara w’Inderetsi.]
Ishura Ni Vyo canke Si Vyo ku bivuzwe bikurikira:
1. Isengesho rivugwa muri Nehemiya 2:4 ryari iryo kwihebura, rimwe rigirwa ku munuta wa nyuma. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/2 rup. 25 ing. 8.]
2. Ukwiyegura kumwe rudende Yehova yemera ni ukwiyegura gushimikiye ku rukundo, kuvuye ku mutima kandi kukaba gushingiye ku mwidegemvyo wo kwihitiramwo. [w98-RU 1/4 rup. 11 ing. 11]
3. Abantu bagamburuka nibamara kwerekana ko ari intahemuka kuri Yehova muri ca kigeragezo ca nyuma, bazokurwako ibihe bidahera icaha n’urupfu barazwe. (Ivyah. 20:7-10) [w98-RU 1/3 rup. 16 ing. 3]
4. Mu kiringo Yobu yabayemwo, yari we muntu wenyene yari intahemuka kuri Yehova. (Yobu 1:8) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w92-F 1/8 rup. 31 ing. 3-4.]
5. Naho twokorera Yehova ibingana gute, ntidushobora kwigera dushitsa ivyotuma abona ko ategerezwa kuduha ubuzima. [uw-RU rup. 36 ing. 13]
6. Igihe Umukirisu yumva ashaka umwidegemvyo wo gukora ibintu bikorwa n’abantu b’isi ata kibatangira, azosanga ariko aba umuja w’icaha. [uw-RU rup. 43 ing. 12]
7. Dukwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo dushitse ivyo twasezeranye naho nyene mu nyuma twosanga kubishitsa bigoye, kiretse gusa hamwe ikintu twasezeranye coba kidahuje n’ivyanditswe. (Zab. 15:4) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w89-F 15/9 rup. 28 ing. 5.]
8. Zaburi 22:1 igaragaza yuko igihe Dawidi yari mu mikazo yatakaje ukwizera kwiwe mu gihe gitoya. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/8 rup. 20 ing. 19.]
9. Umukirisu ashobora “[gu]temba” bivuye ku mibabaro, ku kwihebura no ku guhinduka kw’ivy’amategeko canke kw’ivy’ubutunzi, mugabo afashijwe n’impwemu y’Imana be n’abasavyi bayo b’abanyarukundo, “ntazoshika hasi” buhere mu buryo bw’impwemu. (Zab. 37:23, 24) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 1/11 rup. 30 ing. 14.]
10. Abakirisu ntibabona ivy’ukwumvira Imana nk’ibirengera akarimbi umwidegemvyo bifitiye ubwabo. [w98-RU 1/4 rup. 12 ing. 16]
Ishura ibibazo bikurikira:
11. Ni gute Ezira n’abamufasha ‘bashize insobanuro’ mu Vyagezwe? (Neh. 8:8) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/2 rup. 26 ing. 4.]
12. “Umunezero w’Uhoraho” uva mu biki? (Neh. 8:10) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/2 rup. 26 ing. 9.]
13. Ni kubera iki “[a]bitanze n’imitima ikunze kuba i Yeruzalemu” bahezagiwe? (Neh. 11:2) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/2 rup. 26 ing. 12.]
14. Ni kuki Esiteri yatevye kumenyesha umwami umugambi nyakuri yari afise? (Esiteri 5:6-8) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/3 rup. 24 ing. 18.]
15. Intumbero yacu ikwiye kuba nyabaki igihe dusoma Bibiliya? [uw-RU rup. 25 ing. 11]
16. Ni kubera iki impanuro ya Elifazi yavunye Yobu umutima maze ntishobore kumuremesha? (Yobu 21:34; 22:2, 3) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w95-F 15/2 rup. 27 ing. 5-6.]
17. Wishimikije Abaroma 8:15-17, wosigura gute yuko impwemu ishingira intahe abaraganwa na Kirisitu? [w98-RU 1/3 rup. 13 ing. 11]
18. Nk’uko vyanditswe muri Zaburi 2:1, “ivy’ubusa” amahanga aguma ‘agīra ingingo’ ni ibiki? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/8 rup. 20 ing. 5.]
19. “Intoke z’umuntu zandika ku gihome” zivugwa muri Daniyeli ikigabane ca 5 zanditse ibiki, kandi ivyo vyasigura iki? [my-RU Inkuru ya 78]
20. Yobu yatangiye ikigereranirizo gute ukujijuka kwiwe yuko Imana yari ishoboye kumuzura imukuye mu mva, iyo yabona nk’ahantu ho kwikinga ingorane ziwe? (Yobu 14:7, 13-15) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w00-F 15/5 rup. 27 ing. 7–rup. 28 ing. 1.]
Tanga i(ama)jambo canke imvugo (b)ikenewe kugira wuzuze ibivuzwe bikurikira:
21. Muri Esiteri 8:17 havuga yuko abantu bariko “baratora idini y’Abayuda”; no muri iki gihe nyene “_________________________” ry’ “izindi ntama” baragiye ku ruhande rw’_________________________. (Ivyah. 7:9; Yoh. 10:16; Zek. 8:23) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/3 rup. 25 ing. 14.]
22. Icabona ca Yehova wese, yaba uwufise icizigiro c’_________________________, canke ico kw’_________________________, ubwiwe yariyeguriye Imana. [w98-RU 1/4 rup.12 ing. 17]
23. Mu misi ya Hezekiya, Yehova yarakijije abasavyi biwe mu kurungika _________________________; akica abasoda b’Abasiriya _________________________ mw’_________________________. [my-RU Inkuru ya 72]
24. _________________________ yiyumviriye ko yari akiri muto ku buryo atoshoboye kuba umumenyeshakazoza, mugabo _________________________ yaramukuye amazinda ko yomufashije. [my-RU Inkuru ya 74]
25. Imyaka 17 inyuma y’aho Abisirayeli basubiriye i Yeruzalemu bavuye i Babuloni, Yehova yararungitse abamenyeshakazoza babiri ari bo _________________________ na _________________________ ngo baremeshe abantu gusubira kwubaka urusengero. [my-RU Inkuru ya 81]
Robanura inyishu y’ukuri muri kimwekimwe mu bivuzwe bikurikira:
26. Ukuba Moridekayi “yari yicaye ku kirimba i bgami” vyerekana yuko (yacungera umwami; yari umwe mu bakozi b’Umwami Ahasuwerusi; yari arindiriye kubonana n’umwami). (Esiteri 2:19, 20) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/3 rup. 24 ing. 9.]
27. Nk’uko bivugwa muri Yobu 19:25-27, Yobu yaseruye ukwizera kw’uko ‘yobonye Imana’ mu buryo bw’uko (yogiriwe ubuntu bwo kwerekwa inzozi; yozuriwe kuba mw’ijuru; amaso yiwe y’ugutahura yohumutse kugira abone ukuri kwerekeye Yehova). [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w94-Ru 1/11 rup. 25 ing. 17.]
28. Akigeme k’Akisirayeli kabwiye umugore wa (Ahabu; Namani; Nebukadineza) yuko hamwe umugabo wiwe yoja ku mumenyeshakazoza wa Yehova, yoshoboye gukizwa imibembe yiwe. [my-RU Inkuru ya 69]
29. Mw’Itanguriro 3:14,15, ya nzoka igereranya (inzoka yavugishije Eva; amademo; Shetani) wa mugore na we akagereranya (Eva; abamarayika; ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru). [uw-RU rup. 30 ing. 3]
30. Muri Luka 2:37 hatubwira yuko igihe (Hana; Salome; Ana) yari afise imyaka (20; 52; 84) “[at]ava mu rusengero.” [w98-RU 1/3 rup. 30 ing. 14]
Huza ivyanditswe bikurikira n’ibivuzwe bitondetswe aha hepfo:
Neh. 3:5; Zab. 12:2; 19:7; Ivyak. 17:26; 2 Kor. 1:20
31. Dukwiye kugira umutima ukunze wo kwitanga kandi ntitwanke gukora tubitumwe n’ubwishime, mu kubona yuko igikorwa kiruhisha kidusuzuguza. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w86-F 15/2 rup. 25 ing. 12, 19.]
32. Hariho ubwoko bumwe rudende—ubwoko bw’umuntu. [w98-RU 1/4 rup. 29 ing.15]
33. Imihango yose Imana yahaye abantu, ibintu vyose twipfuza cane, bizoranguka biciye kuri Yezu. [uw-RU rup. 31 ing. 6]
34. Nimba dushaka kuba abakunzi b’Imana, dutegerezwa kugira umutima uzira ubugunge vy’ukuri ata buryarya burimwo [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w89-F 15/9 rup. 26 ing. 7.]
35. Kugamburukira ivyagezwe vy’Imana birahembura ubugingo bw’umuntu, bikanatuma arushiriza kumererwa neza. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w00-RU 1/10 rup. 22, 23 ing. 4.]