Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles.” Udutabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre? hamwe na Un livre pour tous, twoshobora gutangwa aho bibereye. Agatabu Imizimu hamwe n’ibitabu Les jeunes s’interrogent—Réponses pratiquent na L’humanité à la recherche de Dieu na vyo nyene vyoshobora gushikirizwa. Nyakanga: Le plus grand homme de tous les temps, Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, hamwe na La Révélation: le grand dénouement est proche! Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Habonetse abashimishwa igihe dusubiye kubagendera, twoshobora kubasaba kugirisha abonema. Munyonyo: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Nimba abantu baramaze kubironka, igitabu L’humanité à la recherche de Dieu canke ikindi gisohokayandikiro ca kera birashobora gushikirizwa.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye kugenzura amakonte y’ishengero ku wa 1 Nyakanga canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze kugirwa, nimutangarize ishengero raporo y’amakonte ikurikira imaze gusomwa.
◼ Amashengero arakwiye gutangura gusaba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2002 (Ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova 2002) kuri komande yayo y’ibisohokayandikiro yo muri Nyakanga. Ivyo birangamisi bizoboneka mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa, mu Gihindi no mu Gishinwa.
◼ Ishengero ryose rizorungikirwa igitigiri gihagije c’amafomu yo gukoresha mu mwaka w’umurimo w’2002. Turabingize ngo muze mukoreshe ayo mafomu mwigengesera. Akwiye gukoreshwa mu vyo yagenewe gusa.
◼ Guhera mu ntango y’uyu mwaka, abatsimvyi basanzwe ntibazokwemererwa kwitaba rya Shure ry’Umurimo w’Abatsimvyi badakwije n’imiburiburi imyaka 16 y’amavuka kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga ry’umwaka iryo shure riberamwo. Uwutarayikwiza yoshobora kuryitaba mu gihe nyina ari umutsimvyi akwije ibisabwa vyo kwitaba iryo shure nyene.
◼ Kuva ku wa 31 Myandagaro 2001 gushika ku wa 1 Nyakanga 2002, Sosiyete izogira itondanuza ry’ibisohokayandikiro vyose Beteli ifise. Kubera iryo tondanuza, nta ma komande y’ibisohokayandikiro y’ishengero azotunganirizwa ivyayo ngo birungikwe canke ngo bitorwe muri iyo misi.
◼ Umunara w’Inderetsi mu Giswahili uzoboneka mu nteguro iri mu ndome nininini, guhera ku nomero yo ku wa 1 Nyakanga 2001.
◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:
La Prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains I—mu Gipunjabi
Ni Ibiki Imana Idusaba?—Acholi, Kirundi
Quel est le but de la vie? Comment le découvrir?—Niuean
Ririmbira Amashemezo Yehova (Indirimbo 29)—mu Gitigirinya
The Guidance of God—Our Way to Paradise (Ubuyobozi bw’Imana Ni Yo Nzira Izodushikana mw’Iparadizo)—mu Gihindi
Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!—mu Kibengali