Woba Uriko Urarangura Ubusuku Bwawe mu Buryo Bunogangije?
1 Mu gitabu c’Ivyakozwe n’Intumwa, tubwirwa ko abigishwa ba Yezu baranguye ubusuku bwabo mu gushinga ‘intahe inogangije’ ku bantu. (Ivyak. 2:40; 8:25; 28:23) Nta nkeka, iyo ni yo yari intumbero y’intumwa Paulo. (Ivyak. 20:24) None uwo si wo mugambi wawe bwa musuku w’inkuru nziza? Ivyo ushobora kubirangura gute?
2 Nutegure Uburyo Utanguza Ikiyago: Ukwitegura kurahambaye kugira ngo umenye neza yuko ushinga intahe nziza mu busuku. Ivyo ni ko biri canecane igihe ushikiriza ibinyamakuru, kuko ibibazo vyo kuganirirako biguma bihindagurika. Kugira ngo idufashe kuronka ivyagombwa vyotuma tuba kirumara, iyi nomero y’Igikorwa Dukorera Ubwami irimwo uburyo bushasha, ni ukuvuga inkingi iri ku ruhande rw’ibubamfu, itondetsemwo uburyo bwo gutanguza ibiyago bw’akarorero bwerekeye ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! biherutse gusohoka. Ikiganiro gihuye n’igihe kizokwegera abantu benshi kizoshimikwako ku nomero yose. None wokoresha gute ubwo buryo bugufi bwo gutanguza ibiyago?
3 Nuhitemwo iciyumviro kimwe ubona ko kizoba kirumara kuruta mu cibare cawe. Nusome ikiganiro cerekanywe witonze, maze wandike ivyiyumviro bitomoye kumbure bishobora kuvyura ugushimishwa. Nurondere icanditswe mu vyatanzwe muri ico kinyamakuru gihuje n’ico kiganiro kandi woshobora gusomera uwo usanze ku muhana. Niwongereko amajambo magufi yo gusozera aremesha uwukwumviriza gusoma ico kinyamakuru, wongere umubwire muri make nimba bibereye yuko yoshobora gutanga intererano ku bw’igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose. Buno, nuce usubiramwo ubwo buryo wahisemwo.
4 Nutegekanye Gukoresha Bibiliya: Ubitegekanije neza, icanditswe kimwe urashobora kenshi kugishiramwo mu gihe utanguza ikiyago. Nk’akarorero, abamamaji bazi utuntu n’utundi bo mu mihingo myinshi bariko barererwa mu kuja ku mihana bafise Bibiliya mu minwe, bakaramutsa uwo basanze ku muhana, hanyuma bakavuga bati:
◼ “Turiko turabaza abantu ko ibi boba bavyemera . . . “Soma Itanguriro 1:1, maze uce ubaza uti: “Woba wemera aya majambo?” Nimba uwo muntu yemeye, nuce uvuga uti: “Na jewe ndayemera. Ariko none, woba wiyumvira ko nimba Imana ari yo yaremye ibintu vyose, ari na yo kandi yobazwa ubukozi bw’ikibi?” Umaze kumenya inyishu y’uwo muntu, nusome Umusiguzi 7:29. Nuzingurure igitabu Ubumenyi ku rupapuro rwa 71, maze usome ingingo ya 2. Nuremeshe uwo muntu gusoma ico gitabu.
5 Nukurikirane Ugushimishwa Kwose Kubonetse: Ntushobora kurangura ubusuku bwawe mu buryo bushitse nimba udakurikirana ugushimishwa kwabonetse. Igihe wagize ikiganiro ciza n’umuntu, niwandike izina ryiwe n’aho aba, utaravye ko wamuhaye ibinyamakuru canke ikindi gisohokayandikiro. Nugerageze gutsimbataza ugushimishwa kw’uwo muntu ushirutse ubute mu gusubira kumugendera bidatevye. Ukwo bishoboka kwose, numusabe kumugirira inyigisho ya Bibiliya.
6 Abigishwa bo mu kinjana ca mbere bari bazi ko Yezu yari yabategetse ‘gushinga intahe inogangije.’ (Ivyak. 10:42) Iryo tegeko nyene riratwerekeye, kuko ari bwo buryo bwonyene buzoshobora gutuma duhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira ngo turangure ubusuku bwacu mu buryo bunogangije.—2 Tim. 4:5.