Imirimo Ujejwe Yoba Ikubera Intambamyi mu Kwamamaza?
1 Abantu benshi bafise vyinshi bacurumbamwo mu buzima, muri abo n’Ivyabona vya Yehova bakaba barimwo. Hariho kwiga Ijambo ry’Imana, kwitaba amakoraniro y’ishengero n’ukugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro. Vyongeye, turitwararika cane akazi k’umubiri, ibikorwa vy’i muhira canke vyo kw’ishure be n’ayandi mabanga menshi, vyose bikaba bisaba umwanya. Ivyo ni urugamba canecane kuri baserugo.
2 Kubera ko ivy’ubutunzi vyifashe nabi mu turere dutandukanye, baserugo boshobora gukora igihe kirekire kandi bagatama kugira ngo baronke igitunga ingo zabo. Igihe ubuzi bw’umubiri bubatwara umwanya wabo munini n’inguvu zabo nyinshi, usanga basigarana akanya gato k’igikorwa co kwamamaza. Kubera ko babwirizwa kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye mu vy’umubiri, bamwebamwe bashobora kwiyumvamwo ko bafise umwanya mutoyi gusa wo kugira uruhara mu busuku. (1 Tim. 5:8) Nta gukeka, muri iki gihe hari imikazo myinshi ijanye no kuronka ibikenewe mu buzima. Ariko rero, akazi k’umubiri umuntu akora si ngombwa ngo gacike intambamyi ku kwamamaza inkuru nziza. (Mrk. 13:10) Ni co gituma vyoba vyiza dusuzumye ukuntu ivyacu vyifashe muri iki gihe.
3 Kubera ko uko ivy’isi vyifashe kugenda nantaryo guhinduka, serugo yoshobora kugira impengamiro yo kumara umwanya munini cane ku kazi, afise intumbero y’ukwirundaniriza mu bubiko amahera azokwikorako mu gihe c’amagume. (1 Kor. 7:31) Ego ni ko, akazi k’umubiri kiyongereye koshobora kuba gasa n’akaturonsa ibintu vy’umubiri vy’umurengera canke kakaturonsa uturyo twinshi two kwinezereza n’ukwidagadura. Ariko none, ubwo ivyo bizotuma umuryango urushiriza kugira ubuhirwe canke gushira akanyota nimba nya kazi gakorwa mu mwanya wo gukurikirana ivy’impwemu be n’ukwitaba amakoraniro ubudahorereza? Nta nkeka dushaka kwirinda ikintu ico ari co cose coshira mu kaga kamere yacu y’ivy’impwemu. Kugumiza ku muzirikanyi ya mpanuro Yezu yatanga yo ‘kwirundaniriza ubutunzi mw’ijuru’ no kuba “umutunzi mu vy’Imana,” ni ingendo iranga ubukerebutsi.—Mat. 6:19-21; Luka 12:15-21.
4 Tubanze Kurondera Ivy’Ubwami: Yezu yigishije abayoboke biwe gushira ivy’impwemu imbere y’ibindi bintu vyose. Yabahimirije ati: “Ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki?” Kubera iki yavuze ukwo? Yasiguye ati: “[Kubera] so wo mw ijuru arazi kw ivyo vyose mubikena.” Nimba vy’ukuri twarajijutse kuri ivyo, nta ntambamyi n’imwe izotubuza gukora ivyo Yezu yongeyeko ati: “Ariko mubanze mwitwararike ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose [ivyo mukenera mu vy’umubiri] muzovyongerwa.” Imana ivyo izoba ibibona! (Mat. 6:31-33) Nkako, iki si igihe co gusamazwa n’ivy’ukwitwararika kurenze urugero ukurondera ibibatunga canke ukwipfuza kubaho neza muri uru runkwekwe rw’ibintu rugiye kuzokurwaho vuba.—1 Pet. 5:7; 1 Yoh. 2:15-17.
5 Intumbero nyamukuru y’akazi k’umubiri ni ukwironsa ivyo umuntu akeneye mu vy’umubiri. Mugabo twoba dukeneye ibintu bingana iki? Intumwa Paulo yanditse ati: “Iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye.” Twoba turiko turagerageza kurondera ibiruta ivyo? Nimba ari uko bimeze, twoba turiko turimbura ingaruka mbi Paulo yabuye ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura.” (1 Tim. 6:8, 9; Mat. 6:24; Luka 14:33) Dushobora kuvuga iki mu gihe ivyifuzo birenze urugero biriko biradusubiza inyuma?
6 Nimba kubera ugukurikirana ivy’umubiri dufise umwanya mutoyi gusa wo kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro canke tukananirwa kubona ko dukeneye kugira akigoro ku bw’inkuru nziza, ico gihe biba bikenewe ko duhindura ivyo dushira imbere y’ibindi. (Heb. 13:15, 16) Uburyo bwo kubaho burushirije kuba ubuciye bugufi buzodufasha kurandurana n’imizi iyo ntambamyi yobangamira ukwamamaza. Ivy’Ubwami bikwiye kwama bihabwa ikibanza ca mbere mu vyerekeye ugukoresha umwanya wacu n’inguvu zacu.
7 Ubutame Butari Ubw’Ubusa: Amajambo ya Paulo araturemesha kwama dufise ‘vyinshi dukora mu Mwami, kuko tuzi yuko ubutame [bwacu] atari ubw’ubusa mu Mwami.’ (1 Kor. 15:58) ‘Igikorwa c’Umwami’ ca mbere na mbere ni igikorwa c’ukwamamaza Ubwami n’uguhindura abantu abigishwa. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Kugira ngo tugire uruhara muri ico gikorwa bimwe bishitse uko bishoboka kwose, dukwiye gushira ku rutonde umwanya wo kuja mu murimo wo mu ndimiro ku ndwi ku ndwi kandi tukihata kugira ngo ntidukoreshe uwo mwanya ikindi kintu na kimwe. (Ef. 5:15-17) Ico gihe kaba ari akazi k’umubiri canke ikindi kintu ico ari co cose ntibizobera intambamyi ubusuku bwacu.
8 Igihe twitanze mu kubwira abandi ukuri kwa Bibiliya, turagira ubuhirwe buhebuje buva ku gutanga. (Ivyak. 20:35) Mu gukurikirana igikorwa c’ukwamamaza Ubwami, turashobora guhanga amaso kazoza dufise icizigiro, kuko “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa [vyacu] n’urukundo [tw]erekanye ko [d]ukunze izina ryayo.”—Heb. 6:10.