Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Nzero: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles” Udutabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre? hamwe na Un livre pour tous, twoshobora gutangwa aho bibereye. Ruhuhuma: La Révélation: le grand dénouement est proche!, L’humanité à la recherche de Dieu, La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? canke ikindi gitabu cose ca kera c’impapuro 192 coba kiri mu bubiko bw’ishengero. Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Akigoro kadasanzwe kazogirwa kugira hatanguzwe inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Ndamukiza: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Ahabonetse abashimishijwe igihe c’amasubirayo, nimubasabe kwandikisha abonema. Nimushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku mihana.
◼ Mu bisohokayandikiro vyacu canke mu busuku bwo mu ndimiro, tuzohora dukoresha ijambo “agapapuro” aho kuvuga ngo “itaragiti.”
◼ Abamamaji bose babatijwe bazoba bitavye Ikoraniro ry’Umurimo ryo ku wa 14 Nzero bazoshobora kuronka ya karata L’instruction Médicales/Pas de Sang (Amabwirizwa mu vy’Ubuvuzi/Ntimuntere Amaraso) be na twa Dukarata Karanzi tw’abana babo.
◼ Guhera muri Ruhuhuma, kandi bitarenze kw’igenekerezo rya 3 Ntwarante, insiguro y’icese nshasha izoshikirizwa n’abacungezi b’imizunguruko izoba ifise umutwe uvuga ngo: “Kuronka Umutekano mw’Isi Irimwo Akaga.”
◼ Nk’uko vyamenyeshejwe kw’Ihwaniro ry’Intara ryo mu 2001, ca gitabu gishasha kivuga ngo: Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi kizoba cabonetse mu ntango z’umwaka w’2002. Guhera kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2002, ugusaba ico gisohokayandikiro mu Congereza birashobora kugirwa biciye ku mashengero. Imbere yuko kiboneka hanyuma kikarungikwa, kizoguma ku rutonde rw’ “Ibirindiriye” kurungikirwa ishengero. Ivyo mu zindi ndimi bizomenyeshwa hanyuma.
◼ Amashengero akwiye kugira indinganizo zibereye zerekeye uguhimbaza Icibutso muri uyu mwaka ku wa Kane igenekerezo rya 28 Ntwarante izuba rirenze. Naho insiguro ishobora gutangura hakiri kare, ugutembereza ibimenyetso ntigukwiye gutangura izuba ritaramara kurenga. Murabarikiririza kugira ngo mumenye igihe izuba rirengera mu karere iwanyu. Naho ari vyiza ko ishengero ryose rihimbaza Icibutso ukwaryo, ivyo ntivyama bishoboka. Aho usanga amashengero menshi asanzwe akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, kumbure ishengero rimwe canke ayarenga arashobora kuronka iyindi nyubakwa akoresha kuri uwo mugoroba. Aho bishoboka, twobagira inama n’imiburiburi gusiga iminuta 40 hagati y’amaporogarama kugira ngo bose bashobore kuyungukirako bimwe vyuzuye kuri ico gihe, haboneke umwanya wo kuramutsa abashitsi no kuremesha abashimishijwe bashasha. Murakwiye kwihweza ivy’uruja n’uruza rw’imiduga be n’ivyerekeye aho kuyihagarika mutibagiye n’ivyo kuzana no gutahukana ingenzi. Inama y’abakurambere ikwiye kuraba indinganizo zoba zibereye aho iwanyu.
◼ Abashakashatsi be n’abandi bantu barashikiriye abavukanyi batari bake, barondera amakuru ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova n’ishirahamwe ryacu. Barasavye ko hokuzuzwa amafomu y’itohoza, mu gutanga inyishu ku bibazo bijanye n’ivyo twemera hamwe n’inyigisho zacu. Nimba mwene abo bantu baganiriye n’umwamamaji wo mw’ishengero, uno akwiye kubaha izina ry’umucungezi muhagarikizi. Abakurambere barashobora kwiga ivyo bibazo bagaheza bagatanga inyishu ishingiye kw’ikete ryo ku wa 25 Ndamukiza 2001 ryandikiwe inama zose z’abakurambere.
◼ Igihe umucungezi muhagarikizi aronse Icete cemeza ivy’amakonte uko ukwezi guheze, arakwiye kuraba yuko ivyemejwe vyose vyerekeye intererano zigenewe Ikigega ca Sosiyete ku bw’Ingoro z’Ubwami hamwe n’izigenewe igikorwa irangurira kw’isi yose bisomerwa ishengero hamwe na raporo y’ivy’amakonte izokurikira.
◼ Ku vyerekeye Réveillez-vous! mu Gishinwa no mu Gishinwa Coroheje vyarahindutse; yahora isohoka kabiri mu kwezi ubu igiye gusohoka rimwe mu kwezi.
◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:
La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains I—mu Ndome Nininini—mu Gifaransa no mu Gishinwa Coroheje (citwa Pinyin)
Traduction du Monde Nouveau—mu Gishinwa no mu Gishinwa (Coroheje)
◼ Amakaseti ya Videwo Mashasha Aboneka:
Le plus grand homme de tous les temps (Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose)—Kw’ikaseti ya videwo, Imbumbe ya 4—mu Mvugo y’Ibimenyetso y’Ikinyamerika