Nitwunge Ubumwe na Yehova be n’Umwana Wiwe Tunezerewe Urubanza Ruhambaye Kuruta Izindi rwo Muri Uyu Mwaka Ruzohimbazwa ku wa 28 Ntwarante
1 Mu guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba izuba rirenze ku wa 28 Ntwarante 2002, turagaragaza umunezero dufise wo kwunga ubumwe na Yehova Imana be na Yezu Kirisitu. Kuri ico gihe c’agakura, amasigarira y’Abakirisu basizwe bazonezererwa ‘ukwifatanya’ kudasanzwe n’abandi baraganwa b’Ubwami, bifatanije na Data wa twese be n’Umwana wiwe. (1 Yoh. 1:3; Ef. 1:11, 12) Amamiliyoni y’abagize “izindi ntama” bazozirikana ku gateka ntangere bafise ko kwunga ubumwe na Yehova be n’Umwana wiwe, bagire umutima umwe n’umuzirikanyi umwe na bo mu kurangura igikorwa c’Imana!—Yoh. 10:16.
2 Gukorana Dufitaniye Ubucuti bwa Hafi: Yehova na Yezu bamye nantaryo bunze ubumwe mu buryo buteye umunezero. Baranezeranywe imyaka itagira igitigiri bari kumwe imbere yuko umuntu aremwa. (Mika 5:2) Ni co gituma ubucuti burangwa ikibabarwe kandi bugera kure bwatsimbataye hagati yabo uko ari babiri. Uwo Mwana w’imfura ari we bwenge bufashwe nk’umuntu, mu kubaho kwiwe kw’imbere y’uko aba umuntu, yarashoboye kuvuga ati: “Imisi yose [narahimbara Yehova], nama niginagura imbere y[iwe].” (Imig. 8:30) Kumara ibiringo bidaharurwa ari kumwe n’umwe Soko ry’urukundo mu bucuti bwa somambike vyaragize akosho kanini ku Mwana w’Imana!—1 Yoh. 4:8.
3 Amaze kubona ko abantu bakeneye gukizwa, Yehova yatoye Umwana wiwe w’ikinege, uwahimbarwa n’abana b’abantu mu buryo budasanzwe kugira ngo atange inkuka y’incungu, ikaba ari yo iduha icizigiro yonyene. (Imig. 8:31) Nk’uko Yehova n’Umwana wiwe bunze ubumwe mu kurangura umugambi umwe, nitugume twunze ubumwe na bo kandi tugume tubwunze hagati yacu mu rukundo rurangwa igishika, mu gukora ivyo Imana igomba tunezerewe.
4 Nitwerekane Ugukenguruka Kuvuye ku Mutima: Mu kuba ari ho turi ku Cibutso no mu gutega amatwi twitonze kandi mu buryo buranga icubahiro, turashobora kugaragaza ko dukenguruka vy’ukuri urukundo Yehova yadukunze, be n’inkuka Umwana wiwe yatanze ku bwacu. Ibizoshimikwako bizoba ari akarorero k’urukundo rwa Yezu, ukwizigirwa yerekanye gushika ku gupfa mu gutanga incungu, n’ukuba ategeka bwa Mwami w’Ubwami bwashinzwe n’Imana hamwe n’imihezagiro ubwo Bwami buzozanira umuryango w’abantu. Tuzokwibutswa kandi ko dukeneye kubandanya kugaragaza ukwizera, tugakorana umwete mu guhuza n’ivyo Imana igomba turi ‘abifatanije gukora mu kuri.’—3 Yoh. 8; Yak. 2:17.
5 Nidufashe Abandi Kugira Uruhara Bifatanije Natwe: Inama y’abakurambere ikwiye kugira akigoro kadasanzwe kugira ngo iremeshe Ivyabona bose bahororokewe bari mu cibare kugira ngo bitabe Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu. (Mat. 18:12, 13) Nimugire urutonde rw’abakwiye kugenderwa kugira ngo ntihagire abo mwibagira kandi bose baratumiwe umwe wese ku giti ciwe.
6 Woba uzi abandi bashobora kuza ku Cibutso? Nugire ico ukoze kugira utume baha agaciro ico gihe. Nubatumire mu buryo buranga igishika kandi utume biyumva ko bisanze. Nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira dutumire kuri urwo rubanza ruhambaye kuruta izindi rwo muri uyu mwaka abatohoji ba Bibiliya bacu bose, n’abandi bantu bashimishijwe, eka mbere n’abagize umuryango wacu be n’abo tuzinanye. Inyungu z’incungu zirabandanya kuboneka ku bantu bose biga “ubumenyi bw’agahebuza bwa Kristu Yezu.” (Flp. 3:8, UB) Abagaragaza ukwizera mu nkuka ya Kirisitu barashobora kuronka icizigiro gikomeye c’ubuzima budahera.—Yoh. 3:16.
7 Ntukigere ufata minenegwe akosho Icibutso gishobora kugira ku bantu b’imitima nziraburyarya. Mw’izinga rya Papouasie-Nouvelle-Guinée, abantu 11 bashimishijwe barafashe urugendo rw’amasaha 17 mu bwato butoyi baciye mu biyaga bisurirana kugira ngo bitabe Icibutso. Babitumwe n’iki? Bavuze bati: “Twashaka guhimbaza Icibutso ca Kirisitu turi kumwe n’abasenga Yehova bagenzi bacu, ni co gituma urwo rugendo rwari rubereye cane.” Iyumvire umwete werekanywe n’abo bashimishijwe n’ukuntu bakenguruka babigiranye umunezero kuba bunze ubumwe na Yehova be n’Umwana wiwe hamwe n’abavukanyi b’Abakirisu!
8 Nutangure inyigisho ya Bibiliya n’abo bose bashimishijwe. Nubaremeshe kwitaba amakoraniro badahorereza, no kumenyesha abandi ukuri bariko bariga. Nubafashe ‘kugendera mu muco’ no ‘gushira mu ngiro ukuri’ mu kugendera ingingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwabo. (1 Yoh. 1:6, 7) Nubasahirize kugira batsimbataze ubucuti bukomeye na Yehova bongere babandanye kwongerereza ugukenguruka ku bw’agateka bafise ko kwunga ubumwe mu gukora ivyo agomba.
9 Ese ingene ari agateka ntangere kuba tunezererwa kugiranira ubumwe “[du]fise impwemu imwe, [du]huje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza”! (Flp. 1:27, 28) Nimuze dushire imbere ukwifatanya n’abandi guhimbaye ku Cibutso co ku wa 28 Ntwarante, nantaryo dukengurukire Yehova n’Umwana wiwe!—Luka 22:19.