Kwamamaza Ubwami Birafasha Kurokora Ubuzima!
1 Ni co gikorwa gihambaye kuruta ibindi kiriko kirakorwa kw’isi muri iki gihe. Yehova Imana, Yezu Kirisitu n’amasinzi y’abamarayika baragishinze ijisho. Ni igikorwa nyabaki, kandi ni kuki ari ntahara? Ni igikorwa co kwamamaza Ubwami, kandi kirafasha kurokora ubuzima!—Rom. 1:16; 10:13, 14.
2 Abantu bamwebamwe boshobora kubona yuko tworushiriza gufasha abandi mu gihe twogira uruhara mu vy’ukugerageza guteza imbere iyi si idukikije. Benshi baratwarwa n’ivy’ukugira utwigoro two kurondera amahoro, kuvura indwara, canke kunagura ivy’ubutunzi. Ariko none ni igiki kizorushiriza gufasha abantu?
3 Igikorwa Ciza Ntangere: Ubutumwa bw’Ubwami ni bwo bwonyene busigura intumbero y’ubuzima, igituma abantu bacumukura, be n’icizigiro co kwizigirwa c’ivya kazoza. Inkuru nziza ituma abantu bacika abakunzi ba Yehova maze bakaronka “amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese.” (Flp. 4:7) Ubutumwa bw’Ubwami ni bwo bwonyene butanga ubuyobozi ngirakamaro bufasha abantu kuvyifatamwo neza mu ngorane z’ubuzima bw’ubu bukongera bugasigura ukuntu umuntu yorokoka igihe iyi si mbi izosangangurwa mu gihe kigiye kuza. (1 Yoh. 2:17) Utwigoro twose dushobora kugira mu kwamamaza Ubwami, ubona tudakwiriye none?
4 Tubitangire akarorero: Ni ubuhe buryo bworushiriza kuba bwiza kugira ufasha abantu bo mu gasagara bari muri rinini bakaba bahanamiwe n’urugomero rw’uruzi ruri hafi gusesa? Kwoba ari ukuyora amazi y’urwo rugomero? Kwoba ari ugushariza ako gasagara gahanamiwe? Ihibambewe! Utegerezwa nyabuna gukangura ababa muri ako gasagara, ukababurira ico cago kibahanamiye, maze ukabafasha kuyanyaga! Muri iki gihe, abantu bari mw’itiro ryo mu vy’impwemu, bari mu kaga gahambaye. (Luka 21:34-36) Kubera ko uru runkwekwe rw’ibintu ruzovaho ubu bwa vuba, nidukore uko dushoboye kwose mu kubwira abantu benshi bashoboka inkuru nziza, tubigire mu buryo bwihutirwa cane!—2 Tim. 4:2; 2 Pet. 3:11, 12.
5 Nidukomere ku Muheto: Nimuze turondere uburyo bwo gushikira abantu b’imitima nziraburyarya benshi tubamenyeshe inkuru nziza ku mihana yabo, mw’ibarabara, biciye kuri terefone be no ku karyo kizana. Igikorwa Yehova yadushinze gukora kirahambaye kuruta ibindi bikorwa kumbure twoshobora gukora. Mu gihe twogikorana umwete, ‘tuzokwikiza twebwe ubwacu twongere dukize n’abatwumviriza.’—1 Tim. 4:16.