ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/02 rup. 2
  • Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Udutwe
  • Indwi Itangura ku wa 10 Ruheshi
  • Indwi Itangura ku wa 17 Ruheshi
  • Indwi Itangura ku wa 24 Ruheshi
  • Indwi Itangura ku wa 1 Mukakaro
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 6/02 rup. 2

Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo

Indwi Itangura ku wa 10 Ruheshi

Ururirimbo rwa 11 (85)

Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Mu mashengero aho amavidewo aboneka, nimuremeshe umwe wese kuraba ya videwo ivuga ngo: Our Whole Association of Brothers (Umuryango Wacu Wose w’Abavukanyi) mu kwitegurira ikiganiro co kw’Ikoraniro ry’Umurimo ryo ku ndwi yo ku wa 24 Ruheshi. Mu mashengero aho abavukanyi batagira amavidewo, kuri iyo ndwi bazoganira ku mayagwa ari mu gitabu Abahurikiye Hamwe mu Gusenga Imana Imwe Nsa y’Ukuri, ku kigabane ca 17, kivuga ngo: “Mugiriranire Urukundo Rufashe,” ingingo ya 1-5 n’iya 14-17. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4, nimwerekane mu buryo butandukanye ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Rusama be na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Rusama. Mu mwerekano umwumwe wose, nimwerekane uburyo butandukanye bw’ukuntu umuntu yovyifatamwo igihe umuntu asubijeyo amajambo yohava ahagarika ikiyago ngo: “Ivyerekeye idini ntavyo ngomba.”—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, urupapuro rw’9.

Imin. 10: Inyishu ku Bibazo Vyanyu. Nusome ikiganiro cose uko kingana hamwe n’ivyanditswe vyatanzwe. Hanyuma utange izindi nsasanuro, maze wongereko ibindi vyiyumviro biri mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1998 ku Nyishu ku Bibazo Vyanyu.

Imin. 20: “Kubiba Vyinshi Bizana Imihezagiro Myinshi.”a Nushiremwo insasanuro zishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1992, urupapuro rw’9-10, ingingo ya 14-17.

Ururirimbo rwa 17 (187) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 17 Ruheshi

Ururirimbo rwa 20 (93)

Imin. 7: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.

Imin. 20: “Turafise Igikoresho Gishasha co Gutanguza Inyigisho!” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nimba ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo: Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya? kaboneka, abakira abantu nibahe agapapuro kamwekamwe abitavye ikoraniro bose. Nimushiremwo n’imyerekano ibiri yateguwe neza, mukoresheje inama ziri mu ruzitiro, ahavuga ngo: “Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru.” Umwamamaji umwe ashikirize Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Rusama, uwundi ashikirize Réveillez-vous! yo ku wa 22 Rusama. Muri umwumwe wose, umwamamaji asozere ahereza umunyamuhana ka gapapuro k’inkuru nziza Kumenya Bibiliya agashikirize uwutemeye ibinyamakuru be n’uwavyemeye. Nuremeshe umwe wese guha ako gapapuro gashasha k’inkuru nziza abantu bose bahura mu busuku.

Imin. 18: “Nubumbwe n’Ivyo Ufise.”b Nushimike kuri iyo mpanuro ishingiye ku Vyanditswe, musome mwongere muganire kuri vyinshi mu vyanditswe vyatanzwe uko umwanya ubibakundiye.

Ururirimbo rwa 26 (212) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 24 Ruheshi

Ururirimbo rwa 12 (113)

Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu. Abubakanye bariko barakorana mu murimo berekane ukuntu umuntu yokoresha inama ziri ku rupapuro rwa 4 mu gushikiriza ikinyamakuru co ku wa 1 Ruheshi n’ico ku wa 8 Ruheshi. Umukenyezi ashikirize Umunara w’Inderetsi, umugabo na we ashikirize Réveillez-vous!

Imin. 12: Niwigane canke ugire agakino k’ivyabonywe n’abamamaji bo ngaho iwanyu (1) bashinga intahe ku bo bakorana canke ku bo bigana (2) bashinga intahe mu bindi bihe atari mu gikorwa c’inzu ku nzu no mw’ibarabara. Mu kwitegurira Ikoraniro ry’Umurimo ryo ku ndwi ikurikira, nuremeshe umwe wese kurobanura no gutegura uburyo bwo gushikiriza kamwe mu dutabu tuzoshikirizwa muri Mukakaro no muri Myandagaro.—Raba mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2002, ahavuga ngo: “Ibindi Bisohokayandikiro.”

Imin. 25: Mu mashengero aho abavukanyi batagira amavidewo, nimuganire amayagwa ari mu gitabu Abahurikiye Hamwe mu Gusenga, ikigabane ca 17, kivuga ngo: “Mugiriranire Urukundo Rufashe,” ingingo ya 1-5 no ku ya 14-17. Kubera iyi si ibandanya kwigabagura, nushimike ku vy’uko Ivyabona vya Yehova bazwi ku bw’urukundo rushitse bagiranira kandi yuko batareka ikintu na kimwe mu vyotera amacakubiri nk’ayashingiye ku moko, ubwenegihugu, ibara ry’urukoba canke ururimi ngo bibatandukanye. Aho abavukanyi bashobora kuronka amavidewo, nimugire igice kivuga ngo: “Igituma Dukunda Umuryango Wacu Wose w’Abavukanyi.” Nuce ugira ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza kuri ya videwo ivuga ngo: Our Whole Association of Brothers (Umuryango Wacu Wose w’Abavukanyi), mukoresheje ibibazo vyatanzwe.

Ururirimbo rw’7 (51) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 1 Mukakaro

Ururirimbo rw’8 (53)

Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Udukuru twa Gitewokarasi. Niwibutse abamamaji gutanga raporo z’umurimo z’ukwezi kwa Ruheshi. Nubaze abamamaji bavuge agatabu bategekanya gushikiriza muri Mukakaro be n’uburyo bwo kugashikiriza bazokoresha.

Imin. 15: Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Niwerekane ibiranga ako gatabu bituma kaba igikoresho c’ukwigisha gikomeye mu gufasha abana be n’abandi bantu batize amashure menshi canke badashoboye gusoma neza kugira ngo bige ivyerekeye Yehova. Nimuganire ku burorero bw’ukuntu gatanga insobanuro zoroshe kandi zumvikana. (Raba icigwa ca 2, c’8 n’ica 12.) Niwerekane ukuntu amashusho ashobora gukoreshwa kugira ngo akore ku mutima w’umwigishwa. Nugire inama z’uburyo ako gatabu gashobora gukoreshwa mu buryo ngirakamaro. Abavyeyi barakwiye kukigana n’abana babo bakiri bato. Nuremeshe umwe wese kugashikiriza mu busuku aho hose bibereye.

Imin. 15: “Woba ‘Ushaka’ Gufasha Abandi?”c Nuremeshe umwe wese mw’ishengero kugira agatima ko gufasha.

Ururirimbo rwa 25 (204) n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika