Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Muk.
“Woba wibaza ko ababisha bahanwa mu gutabwa mu muriro udahera? [Nurindire inyishu.] Bibiliya irerekana mu buryo butomoye igihano gitangwa ku caha ico ari co cose. [Soma Abaroma 6:23a.] Hoba none hariho ikibanza co kubabarizwamwo kirurumbamwo umuriro? Kwoba ari ukuba umuntu atandukanijwe n’Imana gusa? Iki kinyamakuru kiratanga inyishu zishingiye ku Vyanditswe z’ivyo bibazo.”
Réveillez-vous! 22 Muk.
“Abantu benshi babona ko gukina akamari ari uburyo bwo kwisamaza bwemewe mu kibano. Abandi bibaza ko vyonona imiryango n’ikibano muri rusangi. Iyi nomero ya Réveillez-vous! irihweza ivyerekeye akamari yisunze ubushakashatsi buherutse gusohorwa mu binyamakuru. Woshima kandi gusoma ukuntu ingingo ngenderwako za Bibiliya zivuga ibijanye n’ico kibazo.” Nk’akarorero, soma muri 1 Timoteyo 6:10.
Umunara w’Inderetsi 1 Myand.
“Abantu benshi biyumvira yuko ivyiyumviro bishingiye ku migenzo vy’ukwemera ibintazi, ari ibintu vyo kwinezereza gusa ataco bitwaye. [Niwerekane iciyumviro kimwe canke bibiri ukuye mu ruzitiro rwo ku rupapuro rwa 5.] Woba umaze kwibaza ivyerekeye ikiri inyuma y’ivyo vyiyumviro? [Amaze kwishura, soma 2 Ab’i Korinto 11:14.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu Bibiliya ibona ibijanye n’ukwemera ibintazi.”
Réveillez-vous! 8 Myand.
“Abantu benshi bararajwe ishinga cane n’ukwimonogoza kw’ubukazi be n’iterabwoba. Kumbure uremera amajambo ari mu Musiguzi 8:9. [Hasome, maze urindire inyishu.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! irihweza ivyigwa twokura ku vyabaye muri kahise, ikongera ikerekana ukuntu ivyo bintu vyiganje bigiye guhera.”