ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/02 rup. 8
  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 8/02 rup. 8

Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 15 Muk.

“Woba wibaza ko ababisha bahanwa mu gutabwa mu muriro udahera? [Nurindire inyishu.] Bibiliya irerekana mu buryo butomoye igihano gitangwa ku caha ico ari co cose. [Soma Abaroma 6:23a.] Hoba none hariho ikibanza co kubabarizwamwo kirurumbamwo umuriro? Kwoba ari ukuba umuntu atandukanijwe n’Imana gusa? Iki kinyamakuru kiratanga inyishu zishingiye ku Vyanditswe z’ivyo bibazo.”

Réveillez-vous! 22 Muk.

“Abantu benshi babona ko gukina akamari ari uburyo bwo kwisamaza bwemewe mu kibano. Abandi bibaza ko vyonona imiryango n’ikibano muri rusangi. Iyi nomero ya Réveillez-vous! irihweza ivyerekeye akamari yisunze ubushakashatsi buherutse gusohorwa mu binyamakuru. Woshima kandi gusoma ukuntu ingingo ngenderwako za Bibiliya zivuga ibijanye n’ico kibazo.” Nk’akarorero, soma muri 1 Timoteyo 6:10.

Umunara w’Inderetsi 1 Myand.

“Abantu benshi biyumvira yuko ivyiyumviro bishingiye ku migenzo vy’ukwemera ibintazi, ari ibintu vyo kwinezereza gusa ataco bitwaye. [Niwerekane iciyumviro kimwe canke bibiri ukuye mu ruzitiro rwo ku rupapuro rwa 5.] Woba umaze kwibaza ivyerekeye ikiri inyuma y’ivyo vyiyumviro? [Amaze kwishura, soma 2 Ab’i Korinto 11:14.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu Bibiliya ibona ibijanye n’ukwemera ibintazi.”

Réveillez-vous! 8 Myand.

“Abantu benshi bararajwe ishinga cane n’ukwimonogoza kw’ubukazi be n’iterabwoba. Kumbure uremera amajambo ari mu Musiguzi 8:9. [Hasome, maze urindire inyishu.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! irihweza ivyigwa twokura ku vyabaye muri kahise, ikongera ikerekana ukuntu ivyo bintu vyiganje bigiye guhera.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika