ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/02 rup. 2-7
  • Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Udutwe
  • Indwi Itangura ku wa 12 Myandagaro
  • Indwi Itangura ku wa 19 Myandagaro
  • Indwi Itangura ku wa 26 Myandagaro
  • Indwi Itangura ku wa 2 Nyakanga
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 8/02 rup. 2-7

Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo

Indwi Itangura ku wa 12 Myandagaro

Ururirimbo rw’7 (51)

Imin. 13: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rw’8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye yerekeye ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Mukakaro. Muri umwumwe wose, nimwerekane uburyo butandukanye bwo kuvyifatamwo igihe havuzwe amajambo yohava ahagarika ikiyago avuga ngo “Ni kuki mugendera abantu kenshi gutyo?”—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, urupapuro rwa 12.

Imin. 20: “Niwishingire Imigambi yo mu vy’Impwemu.”a Igihe muzoba muriko mwihweza ingingo ya 5, nimushiremwo insasanuro zikabura zerekeye gukora ubutsimvyi busanzwe n’ubutsimvyi budasanzwe be no gukora umurimo wo kuri Beteli, muzikure mu gitabu Ubusuku Bwacu, urupapuro rwa 116-118.

Imin. 12: Ivyabonywe aho iwanyu. Nimusabe abo mw’ishengero bigane ivyo babonye igihe bakoresha ka gapapuro k’inkuru nziza Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya? Hoba hari inyigisho za Bibiliya zatangujwe? Niba zihari, nimusigure ukuntu vyagenze, canke mugire agakino kamwe canke tubiri gasubiramwo icabonywe kimwe canke bibiri. Nimwihweze uruzitiro ruvuga ngo “Uturyo two Gutanga Ako Gapapuro k’Inkuru Nziza” ruri mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2002, ku rupapuro rwa 4.

Ururirimbo rwa 4 (43) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 19 Myandagaro

Ururirimbo rwa 3 (32)

Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nimuganire kuri “Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe.” Nimutangaze itariki umusi w’iteraniro ridasanzwe rikurikira rizoberako, mwongere muhimirize bose kuzoshika kare no gutega yompi mu gihe c’iyo porogarama yose uko ingana. Nuremeshe abamamaji gutumira abaherutse gushimishwa be n’inyigisho za Bibiliya.

Imin. 15: Ni Ibiki Bibatangira? Uguhana ijambo n’abumviriza be n’imyerekano. Mu busuku turangura, turahura n’abantu bagonanwa kuyaga ku vyo bemera. Ivyo biragira ico bitangira, ku buryo bishobora kutubuza gushikiriza abandi ubutumwa bw’Ubwami. Mu gihe tumenye ikintu gitangira umuntu, ivyo vyoshobora kudufasha gutegura ukuntu tuzovugisha umuntu mu buryo bumukwegera. Nimuganire ku kuntu dushobora guhindura uburyo bwo gushikiriza ubutumwa igihe duhuye n’abantu nk’aba bakurikira: (1) Abantu baterekwa ivy’idini, eka n’idini ryabo bwite. (2) Abantu bumira n’umutima wabo wose ku migenzo y’idini ikurikizwa n’umuryango wabo kandi yakurikizwa na basokuruza babo. (3) Abaterwa ubuyega no kuganira ku vyo bemera kubera yuko badashoboye kubishigikira bakoresheje Ivyanditswe. (4) Abatwikeka kubera ibintu bitari vyo abaturwanya batuvugako. Mukurikije ivyoba bikenewe, nimuhindure urwo rutonde kugira ngo muhuze n’icibare c’iwanyu, mwibande ku nyifato mukunda kubona. Nimushiremwo umwerekano mugufi werekana ukuntu mwokwerekeza umuntu ku kiyago gishingiye ku Vyanditswe.

Imin. 18: “Tugaragaze Ukudahemuka Kuranga Abakirisu Igihe Hari Incuti Yaciwe.”b (Ingingo ya 1-8) Gikwiye gushikirizwa n’umukurambere Abishoboye cane, akoresheje ibibazo vyatanzwe. Nusabe ko ingingo yose isomwa n’umuvukanyi azi gusoma neza.

Ururirimbo rwa 12 (113) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 26 Myandagaro

Ururirimbo rwa 18 (162)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Udukuru twa Gitewokarasi. Mukoresheje inama zitangwa ku rupapuro rw’8, nimutunganye ivy’uko umutsimvyi asanzwe canke wo gufasha agira umwerekano werekana uburyo bwo gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro mwongere mutunganye ivy’uko umwamamaji w’ishengero yerekana uburyo bwo gushikiriza Réveillez-vous! yo ku wa 8 Myandagaro. Nimuremeshe abamamaji bose baze barashiramwo icanditswe igihe hari ico bashikiriza.

Imin. 17: “Nube Umuntu Azi Gushikiriza Ivyiyumviro!”c Mu gusozera, nuremeshe abamamaji kwihweza ikigabane kivuga ngo “Uburyo bwo Kuryohora Ubuhanga bwo Kuyaga” mu gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, urupapuro rwa 62-65.

Imin. 18: “Tugaragaze Ukudahemuka Kuranga Abakirisu Igihe Hari Incuti Yaciwe.”d (Ingingo 9-14) Gishikirizwe n’umukurambere Abishoboye cane, akoresheje ibibazo vyatanzwe. Nusabe ko ingingo yose isomwa n’umuvukanyi azi gusoma neza.

Ururirimbo rwa 11 (85) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 2 Nyakanga

Ururirimbo rwa 17 (187)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ukwezi kwa Myandagaro. Nimushikirize muri make ivyiyumviro bikurubikuru biri mu kiganiro kivuga ngo “Ba Usoma Uri Kumwe n’Abana Bawe,” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 1999, urupapuro rw’7.

Imin. 20: Niwitegure Imbere y’Uko Ugenda. Uguhana ijambo be n’imyerekano. Gutegekanya ibintu neza biratuma turushiriza kwererwa mu busuku. Kubera ico, imbere y’igihe: (1) Niwironse ibisohokayandikiro uzokenera. (2) Nurabe neza ko ufise utwandiko tw’inzu ku nzu duhagije be n’ikaramu canke ikaramu y’igiti. (3) Niba ukeneye ikikwunguruza, nugire indinganizo zibereye ku bw’urugendo. (4) Nuzirikane ku vyerekeye abantu utegekanya gusubira kugendera. (5) Nutegure ivyo uza kuvuga. Niba uzoyobora amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro, nutegekanye icibare gihagije. Nuhane ijambo n’abumviriza ku buryo bubiri canke butatu igitabu Révélation gishobora gushikirizwa mu busuku muri Nyakanga. Nimugire umwerekano werekana bumwe mu buryo bwo gushikiriza ubutumwa, kandi muri ico kiyago mushiremwo n’icanditswe.—Raba inama zitangwa mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Ntwarante 1998, urupapuro rw’8.

Imin. 15: Ibikenewe iwanyu. Canke nusabe ishengero kwigana ivyabashikiye igihe bariko barashinga intahe akaryo kizanye, kumbure bariko barashikiriza inkuru nziza abantu bari ahahagarikwa imiduga, bari mu miduga yunguruza abantu, mu busitani, mu turere abantu basumiramwo, ku bituro vy’amabisi no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi. Nimugire agakino kamwe canke tubiri dusubiramwo icabaye kimwe canke bibiri.

Ururirimbo rwa 29 (222) n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika