Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Myand.
“Wibaza yuko ukudahemuka kuri hejuru y’ukundi kwose ari ukuhe? [Nurindire inyishu.] Iki kiganiro kirashimika ku kudahemukira Imana y’ukuri. [Numwereke ku rupapuro rwa 5, maze usome muri 2 Samweli 22:26.] Wari uzi yuko ukudahemukira Imana gushobora gufasha abantu kukababuza gukorera abandi ibintu bitaranga urukundo? Ndazi yuko uzonezererwa gusoma ivyerekeye ivyo.”
Réveillez-vous! 22 Myand.
“Woba warigeze guhagarika umutima kubera amazi yoba yaramaze kurenga inkombe ku biraba ingorane abantu bafise yo gutosekara kw’ibidukikije? [Nurindire inyishu.] Imvo nyamukuru y’iyo ngorane ni ugupfisha ubusa ibintu. Yezu yarigishije abayoboke biwe kudapfisha ubusa ibintu. [Soma Yohana 6:12.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bishobora gufasha imiryango kwirinda kugira agatima ko gusesagura.”
Umunara w’Inderetsi
“Woba umaze kubona yuko mu mihingo myinshi usanga ababanyi batamenyana nk’uko kera bamenyana? [Nurindire inyishu.] Yezu yaravuze ingingo ngenderwako igize ishimikiro ryo kuba umubanyi mwiza. [Soma Matayo 7:12.] Ibi biganiro birerekana ingene dushobora kuba ababanyi beza kandi tukaremesha n’abandi kumera gutyo.”
Réveillez-vous! 8 Nyak.
“Abantu benshi muri iki gihe babaho batazi ico kazoza kababikiye. [Soma Umusiguzi 9:11.] Uburongozi bwizigirwa dushobora kubusanga hehe? [Nurindire inyishu.] Bamwebamwe bahindukirira ivyo gusobanura amayoberane hakoreshejwe ibiharuro. None ubwo bwoba ari bwo buryo bwo guhishura ico kazoza kakubikiye? Amakuru yizigirwa yerekeye kazoza ushobora kuyakura hehe? Ikinyamakuru Réveillez-vous! kiratanga inyishu.”