ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/02 rup. 8
  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 9/02 rup. 8

Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 15 Myand.

“Wibaza yuko ukudahemuka kuri hejuru y’ukundi kwose ari ukuhe? [Nurindire inyishu.] Iki kiganiro kirashimika ku kudahemukira Imana y’ukuri. [Numwereke ku rupapuro rwa 5, maze usome muri 2 Samweli 22:26.] Wari uzi yuko ukudahemukira Imana gushobora gufasha abantu kukababuza gukorera abandi ibintu bitaranga urukundo? Ndazi yuko uzonezererwa gusoma ivyerekeye ivyo.”

Réveillez-vous! 22 Myand.

“Woba warigeze guhagarika umutima kubera amazi yoba yaramaze kurenga inkombe ku biraba ingorane abantu bafise yo gutosekara kw’ibidukikije? [Nurindire inyishu.] Imvo nyamukuru y’iyo ngorane ni ugupfisha ubusa ibintu. Yezu yarigishije abayoboke biwe kudapfisha ubusa ibintu. [Soma Yohana 6:12.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bishobora gufasha imiryango kwirinda kugira agatima ko gusesagura.”

Umunara w’Inderetsi

“Woba umaze kubona yuko mu mihingo myinshi usanga ababanyi batamenyana nk’uko kera bamenyana? [Nurindire inyishu.] Yezu yaravuze ingingo ngenderwako igize ishimikiro ryo kuba umubanyi mwiza. [Soma Matayo 7:12.] Ibi biganiro birerekana ingene dushobora kuba ababanyi beza kandi tukaremesha n’abandi kumera gutyo.”

Réveillez-vous! 8 Nyak.

“Abantu benshi muri iki gihe babaho batazi ico kazoza kababikiye. [Soma Umusiguzi 9:11.] Uburongozi bwizigirwa dushobora kubusanga hehe? [Nurindire inyishu.] Bamwebamwe bahindukirira ivyo gusobanura amayoberane hakoreshejwe ibiharuro. None ubwo bwoba ari bwo buryo bwo guhishura ico kazoza kakubikiye? Amakuru yizigirwa yerekeye kazoza ushobora kuyakura hehe? Ikinyamakuru Réveillez-vous! kiratanga inyishu.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika