Niwungukire Bimwe Bishitse kw’Ihwaniro ry’Intara Ryataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete”
1 Porogarama Ishwangamura: Ese ukuntu kw’ihwaniro ryacu ry’intara riheruka twinovoye porogarama ishwangamura! Twari twatororokaniye hamwe dufise intumbero imwe, na yo ikaba yari ukurushiriza kuba abafise ivyagombwa bikwiye kugira ngo twamamaze Ubwami bw’Imana tubigiranye umwete. Woba wibuka ukuntu umushikirizansiguro wa mbere yasiguye ijambo “kwamamaza”? Woba wibuka ubushakashatsi twaremeshejwe kugira mu nsiguro ivuga ngo “Ntutinye, Menya ko Yehova Ari Kumwe Natwe”? Ni inkuru z’ubuzima zivuga ivyabaye izihe wasuzumye kugeza ubu?
2 Uruhererekane rwavuga ngo “Agaciro k’Ukwizera Kwacu Karageragezwa n’Ibigeragezo Bitandukanye” rwaratanze imvo zitatu nyamukuru zituma Yehova areka hakaba uruhamo. Woba ushobora gusigura izo mvo izo ari zo? Ni imvo iyihe ishingiye ku Vyanditswe ituma twebwe Abakirisu tutagira aho duhengamira? Ni ibiki twaremeshejwe gukora kugira ngo twitegurire ingorane zokwaduka bitewe n’uko tutagira aho duhengamiye? Twihanganiye ibigeragezo tudahemuka ni gute bituma Yehova ashemezwa?
3 Ni ibice ibihe canecane vyo muri ca gikino cavuga ngo “Hagarara Ushikamye mu Bihe Bigoye” vyagukomeje? Dushobora gute kumera nka Yeremiya?
4 Insiguro y’icese yavuga ngo “Uko Isi Imeze Uku, Kugenda Guhindagurika” yadondoye amahinduka ahambaye ayahe yimirije kuba, kandi azoshikana ku musi uteye ubwoba w’Imana? Mu gihe wariko urumviriza insiguro isozera yavuga ngo “Tugire Ibikorwa Vyinshi Vyiza bwa Bamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete,” werekeje gute ayo mukuru ku busuku urangura?
5 Ivyiyumviro Nyamukuru Woshira mu Ngiro: Nk’uko vyasiguwe mu nsiguro yavuga ngo “Nugaragaze ko Ukenguruka,” dushobora gute guserura ko dukengurukira Yehova bimwe bivuye ku mutima? Mw’ijambo nyamukuru ryavuga ngo: “Abamamaji b’Ubwami Barurumba Umwete,” ni umwete wagaragajwe na bande twaremeshejwe kwigana? Ni ukwisuzuma ukuhe twasabwe kugira?
6 Rwa ruhererekane rwavuga ngo “Ubuhanuzi bwa Mika Buradukomeza Kugira Tugendere mw’Izina rya Yehova,” rwashize ahabona ibisabwa bitatu ibihe dutegerezwa gushitsa kugira ngo dutoneshwe na Yehova? Ivyo bintu umuntu yoba ashobora kubishitsa? (Mika 6:8) Nk’uko insiguro yavuga ngo “Nugume Udahumanye mu Kurinda Umutima Wawe” yavyerekanye, ni mu buryo butandukanye ubuhe dutegerezwa kuguma tudahumanye mu vy’inyifato runtu? Insiguro yavuga ngo “Niwirinde Uruhendo” yatugabishije ku biraba imice iyihe, kugira ngo ntiduhendwe canke ngo duhende abandi?
7 Ni ivyiyumviro ngirakamaro ibihe vyo muri rwa ruhererekane rwavuga ngo “Abamamaji b’Ubwami Bashimagiza Ubusuku Bwabo,” wamaze gutangura gushira mu ngiro mu busuku urangura? Mu nsiguro yavuga ngo “Ibiyago vyo mu vy’Impwemu Birubaka,” harasuzumwe Ab’i Filipi 4:8. Ico canditswe kidufasha gute gutuma ibiyago vyacu tuvyerekeza ku bintu vy’impwemu, kandi ivyo dukwiye kubigira ryari?
8 Insiguro yavuga ngo “Niwizigire Yehova Uherezeko mu Bihe vy’Amagorwa” yaraciye irya n’ino ukuntu dushobora guhangana n’ibihe vy’ivyago, ingorane zo mu vy’ubutunzi, amagara mabi, ingorane zo mu rugo, be n’ubugoyagoye bubandanya. Dushobora kwerekana gute ko twizigira Yehova igihe duhanganye n’ibintu nk’ivyo?
9 Ubutunzi Bushasha bw’ivy’Impwemu: Twarahimbawe no kuronka igitabu gishasha gifise umutwe uvuga ngo Senga Imana Yonyene y’Ukuri. Itangazo ryashikirijwe risigura intumbero yaco, ryagize ico rikoze gute kuri wewe? Ni kubera iki kizoba rufasha mu gikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa, igihe kizoba igitabu ca kabiri co kwiga?
10 Ubukurikira twararonse igitabu ciza cane kivuga ngo Niwiyegereze Yehova. Ni ibintu bidasanzwe bimwebimwe ibihe bikigize? Ni amashusho ayahe canecane washimye? Igihe wagisoma vyoba vyararushirije kugukwegera kuri Yehova? Ni bande kandi bashobora kwungukira kuri co?
11 Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete” ryaraduhaye indemesho zo mu vy’impwemu dukeneye kugira ngo duhangane n’ibi bihe bigoye. Kugira ngo twungukire bimwe bishitse kuri iyo ntunganyo yo mu vy’impwemu ihambaye, nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira ngo twibuke ivyavuzwe, dukenguruke ivyo twaronse, kandi dushire mu ngiro ivyo twize. (2 Pet. 3:14) Kubigenza gutyo bizodukomeza kugira ngo tugume turi intadohoka kandi tube abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete, tukaba twiganye Umukama wacu Yezu Kirisitu, vyose bikagirwa kugira ngo Yehova aninahazwe.—Flp. 1:9-11.