ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/02 rup. 7
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ishengero niryubakwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Woba Ushaka Kwimuka?
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ukuntu Inyigisho y’igitabu y’ishengero idufasha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 11/02 rup. 7

Inyishu ku Bibazo Vyanyu

◼ Kwifatanya n’ishengero ryakebewe icibare tubamwo bivamwo ivyiza ibihe?

Biciye ku ndinganizo y’ishengero, turaronka indemesho zituma ‘turwana ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza.’ (Heb. 10:24, 25) Biciye kw’ishengero turiga ukuri kandi tukaronka ivyangombwa bituma turangura ibanga twashinzwe ryo guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Turakomezwa kandi kugira ngo twihanganire ibigeragezo tudahemuka, tukongera tukaronswa abacungezi barangwa n’urukundo badufasha guhangana n’imikazo be n’amaganya birushiriza kwongerekana. Biratomoye rero ko tudafise ishengero, tudashobora kuguma turi bazima mu vy’impwemu. Ariko none, hoba hariho ivyiza binaka biva mu kwifatanya n’ishengero ryakebewe icibare tubamwo?

Uko ivy’umuntu vyifashe kurahinduka, gutyo hakaba ibintu vyoshobora kugira ico bikoze ku ngingo ya nyuma afata ku biraba ishengero yokukira, na vyo bikaba ari nk’akazi k’umubiri, uwo mwubakanye atizeye be n’uburyo bwo kwiyunguruza. Yamara, igihe umuntu yifatanya n’ishengero ryakebewe icibare abamwo, araharonkera ivyiza biboneka, vyo mu buryo bw’impwemu be no mu bundi buryo. Abakurambere baba bashobora kubonana n’abamamaji bose ningoga na ningoga mu bihe vyihutirwa. Inyishu ku bibazo vyabajijwe kera zarashize ahabona ibindi vyiza bitari bikeya.—Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1991, Mukakaro 1976 (mu Gifaransa) na Nzero 1967 (mu Congereza).

Muri rusangi, kwitaba amakoraniro hafi birabereye kuruta, kubera ko bituma dushika hakiri kare bihagije kugira ngo tuganire n’abandi, twitwararike ibibazo vya nkenerwa twongere twifatanye n’abandi mu ruririmbo n’isengesho bitangura. Igihe abaherutse gushimishwa baba mu karere tubamwo, akenshi usanga bitworohera kubashikira, kwigana na bo Bibiliya, no kubayobora ku makoraniro ahantu harushiriza kuborohereza.

Turizigiye yuko abahagarikiye imiryango bazorimbura ivyo bibazo babishize no mw’isengesho, bagashira ku munzane ibintu vyose bitegerezwa kurabwa igihe bahitamwo ikirushirije kuba ciza, ku bw’ineza yo mu vy’impwemu n’iyo mu vy’umubiri y’umuryango wabo.—1 Tim. 5:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika