Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 10 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 2 (15)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Mu kwitegurira ikiganiro c’iminuta 25 co ku ndwi itangura ku wa 24 Ruhuhuma, nuremeshe abumviriza gusoma ikiganiro kivuga ngo “Urashobora Kwihangana Gushika kw’Iherezo” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1999, urupapuro rwa 27-30, ingingo ya 1-13. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rw’8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero be na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nzero. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru vyompi bikwiye gushikirizwa icarimwe, naho kimwe ari co conyene umwamamaji yerekana.
Imin. 35: “Niwamamaze wongere ushinge intahe inogangije.”a Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Nuremeshe ababishoboye bose gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante na Ndamukiza. Nusabe abakoze ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’Icibutso co mu mwaka uheze bagire ico babivuzeko. Baringanije ivyabo gute kugira ngo bakore ubutsimvyi? Ivyo vyasavye ko bagira akigoro akahe n’ivyo bahindura ibihe? Ni umunezero uwuhe n’imihezagiro iyihe baronse? Nimusubire mwihweze intonde zatanzwe zo kurabirako ziri mu kumba kari ku rupapuro rwa 4. Nutangaze yuko amafomu yo gusabirako ubutsimvyi bwo gufasha aza kuboneka inyuma y’ikoraniro.
Ururirimbo rwa 10 (82) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 17 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nimwihweze ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ntwarante. Ukoresheje ivyiyumviro bivuye mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2002, nuvuge inama imwe canke zibiri zitangwa zerekana uburyo bwo gushikiriza igitabu Ubumenyi. Nushimike ku ntumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana.
Imin. 15: “Woba ushobora kureka inzu yawe igakoreshwa?” Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’inyigisho y’igitabu. Nushiremwo insasanuro zivuye mu kiganiro kivuga ngo “Akumba k’ibibazo” kiboneka mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 2001 n’ico muri Ruhuhuma 1990 (mu Gifaransa). Nuvuge igitigiri c’imigwi y’inyigisho y’igitabu ishengero rifise be n’incahagati y’abayitaba. Nusabe umwamamaji umwe canke babiri bigane ukuntu bo hamwe n’imiryango yabo bahungukiye kubona inyigisho y’igitabu igirirwa muhira iwabo. Abo ari bo bose bipfuza ko amazu yabo yogirirwamwo inyigisho y’igitabu, bakwiye kubimenyesha umucungezi muhagarikizi.
Imin. 20: “Ni ibiki ushira imbere y’ibindi?”b Nutegekanye imbere y’igihe ivy’uko umwamamaji umwe canke babiri bazokwigana ukuntu bashoboye guhindura uko ivyabo vyifashe kugira ngo barushirize gukora cane mu busuku.
Ururirimbo rwa 22 (130) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 24 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 11 (85)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa gitewokarasi. Niwibutse abamamaji gutanga raporo z’umurimo wo mu ndimiro muri Ruhuhuma. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rw’8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma be na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruhuhuma. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru vyompi bikwiye gushikirizwa icarimwe, naho kimwe ari co conyene umwamamaji yerekana.
Imin. 10: “Imfashanyo mu gihe kibereye.” Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Nushimike ku vy’uko akigoro kadasanzwe ko gusahiriza abahororokewe kariko karagirwa, kerekana yuko Yehova yitwararika abasavyi biwe abigiranye urukundo.
Imin. 25: “Urashobora kwihangana gushika kw’iherezo.” Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku 1 Gitugutu 1999, urupapuro rwa 27-30, ingingo ya 1-13. Nuganire ayo mayagwa n’abumviriza ukoresheje ibibazo bishingiye kuri izo ngingo.
Ururirimbo rwa 18 (162) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 3 Ntwarante
Ururirimbo rwa 17 (187)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Muganire muri make ikiganiro kivuga ngo “Indinganizo nshasha yerekeye ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami.” Nuvuge uwuzoba ajejwe ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Mube abaroranye mu muzirikanyi uko umuhero wegereza.”c Igihe muganira ku ngingo ya 3-4, nusabe abamamaji bigane imigambi yo mu vy’impwemu bariko barakurikirana. Nimushiremwo insasanuro zivuye mu gitabu Senga Imana, urupapuro rw’176.
Ururirimbo rwa 15 (127) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.