Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ruhuhuma: Ca gitabu gishasha gifise umutwe uvuga ngo Niwiyegereze Yehova ni co kizoshikirizwa. Amashengero atararonka ico gisohokayandikiro yoshobora gukoresha ca gitabu Création canke igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche! Ntwarante: Nimushikirize igitabu Ubumenyi, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, harimwo no kugendera abitavye Icibutso canke ayandi maporogarama yo mu vya gitewokarasi mugabo batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, nimwitwararike canecane gushikiriza igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri. Harakwiye kugirwa akigoro kose gashoboka ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, canecane niba hari abantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?
◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye kugenzura amakonte y’ishengero ku wa 1 Ntwarante canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze kugirwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte ikurikira imaze gusomwa. Nimusome ikete iryo ari ryo ryose ishengero ryaronse ryemeza ko intererano ryarungitse ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose canke ayandi mahera ayo ari yo yose ishirahamwe ryari ryarariguranye zashitse.
◼ Umunyamabanga hamwe n’umucungezi w’umurimo bakwiye kwihweza igikorwa c’abatsimvyi basanzwe bose. Nimba hoba harimwo abafise ingorane zo gushitsa amasaha asabwa, abakurambere bakwiye kuringaniza ivy’uko bosahirizwa. Murashobora kuronka ivyiyumviro musubiyemwo ikete S-201-RU ryo ku wa 1 Gitugutu Sosiyete irungika ku mwaka ku mwaka. Raba kandi inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami (mu Giswahili canke mu Gifaransa) co mu kwezi kwa Myandagaro 1986 ingingo ya 12-20.
◼ Insiguro y’icese idasanzwe izoshikirizwa mu kiringo c’Icibutso co mu 2003 izoba ifise umutwe uvuga ngo: “Igihe c’uko Babiloni icirwa urubanza coba carashitse?” Raba itangazo bijana mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2002.
◼ Kubera yuko ya ndinganizo y’ivy’ukurungikirwa abonema ziza ku giti c’umuntu yahagaritswe, birahambaye yuko amashengero aca atanga inomero z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! akimara kuzironka. Ivyo bizotuma abamamaji bashobora kwironsa amakopi yabo bwite bongere bamenye ibirimwo imbere yuko bashikiriza ivyo binyamakuru mu murimo wo mu ndimiro.
◼ Abari bagize umugwi ugira 12 wa rya Shure Rimenyereza Abasuku ryabereye muri Kenya bahawe impapuro z’umutsindo kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2002. Abanyeshure 24 basohotse iryo shure bari baje bava mu bihugu bikurikira: Etiyopiya, Kenya, Sudani, Tanzaniya na Uganda.