Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ntwarante: Nimushikirize igitabu Ubumenyi, mwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ya mpinduro Traduction du monde nouveau y’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu iri mu Giswahili irashobora na yo nyene gushikirizwa muri uku kwezi. Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Abamamaji bakwiye kumenyesha abo basanze ku muhana yuko boshobora guterera ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose niba bavyipfuza. Igihe musubira kugendera abashimishijwe, nimwihatire gutanga igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri. Hakwiye kugirwa akigoro kose gashoboka kugira ngo umuntu atanguze inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana canecane niba hari abamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Ruheshi: Nimushikirize igitabu Ubumenyi canke agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Niba abo musanze ku muhana basanzwe bafise ivyo bitabu, nimukoreshe akandi gatabu kabereye ishengero ryoba rifise mu bubiko.
◼ Abamamaji bipfuza gukora ari abatsimvyi bafasha muri Ndamukiza bakwiye kubitegekanya ubu, hanyuma bagasubiza amafomu bujuje hakiri kare. Ivyo bizofasha abakurambere kugira indinganizo zikenewe z’ivyo gusohoka mu ndimiro, bongere bategekanye ivy’uko hoba hari ibinyamakuru bikwiye hamwe n’ibindi bisohokayandikiro. Amazina y’abemerewe bose gukora ubutsimvyi bwo gufasha, akwiye gutangarizwa ishengero uko ukwezi gutashe.