Ingene ukuri kuduha kwidegemvya
1 Igihe kimwe, Yezu yabwiye Abayuda bari bamaze kumwizera ati: “Muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yoh. 8:32) Yariko avuga umwidegemvyo urengeye umwe w’abanyagihugu, umwidegemvyo abantu bose bashobora kuronka, baba abatunzi canke abakene, abize canke abatize. Yezu yigishije ukuri kwotumye umuntu agira umwidegemvyo wo kubohorwa akava mu buja bw’icaha n’urupfu. Nk’uko Yezu yabisiguye, “ūkora icaha wese n’umuja w’icaha.” (Yoh. 8:34) Urazi ukuntu tunyotewe kubona igihe abantu bose bagamburuka ‘bazocungurwa ngo ntibabe abaja bo kubora, maze bahabwe ukwidegemvya gufatana n’ubwiza bw’abana b’Imana’!—Rom. 8:21.
2 Ukuri kwerekeye Yezu be n’uruhara afise mw’ishitswa ry’umugambi w’Imana kurazana mwene uwo mwidegemvyo. Ukwo kuri kurimwo ukumenya ivyerekeye inkuka y’incungu Yezu yatanze ku bwacu. (Rom. 3:24) Mbere n’ubu, kwemera ukuri kwa Bibiliya no kukworohera tubigiranye ukugamburuka, biratuma tugira umwidegemvyo ku rugero kanaka wo kutagira ubwoba, ukwihebura be n’ubundi bwoko bwose bw’imigenzo yonona.
3 Ukubohorwa tugakurwako ubwoba n’ukwihebura: Ibintu bibera kw’isi ntibikwiye gutuma twihebura kubera yuko dutahura igituma hari ububisha kandi tukaba tuzi ko ubu bwa vuba bigiye gukurwa kw’isi. (Zab. 37:10, 11; 2 Tim. 3:1; Ivyah. 12:12) Ikigeretseko, ukuri kuratubohora tukava mu nyigisho z’ikinyoma zigishwa ku vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe. Turazi yuko abapfuye badashobora kutugirira nabi, ko batababazwa imyaka yose, kandi yuko Imana atari yo ituma abantu bapfa kugira gusa baje kubana na yo mu karere k’impwemu.—Umus. 9:5; Ivyak. 24:15.
4 Ukuri nk’ukwo kwariruye sebibondo na inabibondo umwe igihe umwana wabo yahitanwa n’isanganya. Inabibondo yavuze ati: “Hazoguma hari ikibuze mu buzima bwacu gushika dusubiye kubona umuhungu wacu azutse. Mugabo turazi ko umubabaro dufise ari uw’igihe gito gusa.”
5 Ukubohorwa tukava mu ngeso zonona: Ukuri kwa Bibiliya kurashobora guhindura uko umuntu yiyumvira be na kamere yiwe, bigatuma adashikirwa n’ingorane bishoboka ko umuntu yirinda. (Ef. 4:20-24) Kuba inzirabugunge no kuba umunyamwete birashobora gufasha umuntu kugabanya ubukene. (Imig. 13:4) Kugaragaza urukundo rw’ukwitanga birakomeza ubucuti dufitaniye n’abandi. (Kol. 3:13, 14) Kwubaha ububemutwe bwa gikirisu biragabanya ingorane zo mu muryango. (Ef. 5:33–6:1) Kwirinda akaborerwe, ubushegabo, kunywa itabi be n’ukwizizirwa n’ibiyayura umutwe biratuma umuntu agira amagara meza.—Imig. 7:21-23; 23:29, 30; 2 Kor. 7:1.
6 Hari umusore umwe yari yarananiwe no guheba ibiyayura umutwe vyari bimaze imyaka icenda bimwiziziye. Umusi umwe yarahuye n’umwamamaji yariko ashinga intahe mw’ibarabara. Yaremeye igisohokayandikiro, hanyuma bumvikana ko yomugendera i muhira. Inyigisho ya Bibiliya yaratangujwe. Haciye amezi abiri, uwo musore yarahagaritse buhere gufata ibiyayura umutwe, hanyuma haheze amezi umunani yiga arabatizwa. Aho mwenewabo be na muramuwe baboneye ko yavavanuye na vya bintu vyari vyaramwiziziye, baciye batangura kwiga Bibiliya.
7 Nufashe abandi kugira baronke umwidegemvyo: Abamaze igihe kirekire biziziwe n’inyigisho z’ikinyoma, boshobora gusanga bigoye gutahura umwidegemvyo utangwa n’Ijambo ry’Imana. Kugira uwubigisha abakore ku mutima, vyosaba ko agira akigoro kadasanzwe kandi akitegura neza. (2 Tim. 4:2, 5) Iki si igihe co kudendebukirwa mu gikorwa cacu co “kumenyesha abarindwa ko barekuwe.” (Yes. 61:1) Umwidegemvyo wa gikirisu uri n’agaciro. Kuwuronka bisobanura kuronka ubuzima budahera.—1 Tim. 4:16.