Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
Bavukanyi namwe bavukanyikazi bakundwa,
ESE ingene duhimbawe cane no kubandikira! Turabakeje ku bw’urukundo n’ukwitanga mubandanya kugaragaza. Muravye mu gitabu c’umwaka (Annuaire) muzobona yuko hari ibintu vyinshi vyiza vyaranguwe mu mwaka w’umurimo uheze. Twarasubiye kumara amasaha arenga umuliyaridi mu gikorwa c’ukwamamaza n’ukwigisha, turemesha abantu kwiyegereza Yehova. None ako si agateka kuba turi abakozi bakorana n’Imana yacu ininahaye ikaba ari na yo Data wa twese wo mw’ijuru?—1 Kor. 3:9.
Uko twitega igikorwa kiri imbere, turizigiye yuko muzobandanya kwigana umwete n’ukwizera vyagaragajwe n’abasavyi b’Imana, nk’uko vyanditswe mu nkuru za Bibiliya. Nk’akarorero, intumwa Paulo yari ashashaye gukora neza uko ashoboye kwose mu vy’uguteza imbere ivyungura Ubwami. Biboneka yuko mu mwaka wa nyuma yamaze muri Efeso ari ho yandikira ikete rya mbere Abakirisu bo mw’ishengero ry’i Korinto. Ku vyerekeye imigambi yari afise yihutirwa, yanditse ati: “Nzotebera muri Efeso gushitsa kuri Pentekote: kuko nugururiwe urugi runini ruja mu bikorwa bikomeye, kand’abarwanizi bakaba benshi.”—1 Kor. 16:8, 9.
Paulo yari yategekanije kuja i Makedoniya n’i Korinto. Ariko rero, yarabonye yuko agumye muri Efeso mu kiringo kinaka yoranguye igikorwa c’ingirakamaro. Paulo yaroroheje ibintu arahindura imigambi yari afise. Yarabonye ibintu vyorohereza igikorwa bigatuma ateza imbere ivyungura Ubwami aho nyene yari ari, aca ahindura urutonde rwiwe. Paulo yari yugururiwe urugi runini ruja mu gikorwa, kandi yari ashashaye gukoresha neza ako karyo yari aronse ko kurwinjiramwo.
Kugira ngo ivyo abishikeko vyomusavye igikorwa kinini, na co kikaba ari ukwamamaza inkuru nziza no kuremesha ishengero ry’i Efeso. Mu nyuma Paulo yabwiye abakurambere bo mw’ishengero ryo muri ico gisagara ati: “Murazi yukw ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi. Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.”—Ivyak. 20:20, 21.
Mu buryo nk’ubwo nyene, benshi muri mwebwe bavukanyi namwe bavukanyikazi bakundwa, mwarakoresheje neza uturyo mwugururiwe. Mu mwaka w’umurimo uheze, abashika 798.938 barashoboye gutunganya uko ivyabo vyifashe kugira ngo bagire uruhara mu mice itandukanye y’ubusuku bw’ubutsimvyi. Bamwebamwe muri mwebwe mwarashitse no ku mpera y’isi kugira ngo mukore igikorwa c’ubumisiyonari. Mubigiranye umwete, muriko murakwiragiza inkuru nziza mwongera muremesha amashengero. Abandi muri mwebwe mwarize urundi rurimi kugira ngo mushobore gufasha abantu b’ababanyi bavuga ururimi runyamahanga. Hari n’abandi batunganije ivyabo kugira ngo bakorere mu cibare atawuragikeberwa canke ngo bakore aho bikenewe kuruta ahandi. Bamwe mbere barabonye yuko urugi runini ruja mu gikorwa rwuguruwe kw’ishure, ku kazi canke mu bundi buryo bushobora gukoreshwa mu gushinga intahe mu buryo ngirakamaro nko mu gukoresha iterefone. Ivyabonywe hirya no hino kw’isi biremeza yuko abasavyi b’Imana, baba abato canke abakuze, bariko baronderana umwete uturyo two kumenyesha ukuri abantu bo mu mihingo yose kandi baraturonka.
Mumenye neza yuko Yehova abona kandi ashima cane utwigoro mugira. Bibiliya ivuga iti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo.” (Heb. 6:10) Nimubandanye kuba maso ntihagire akaryo na kamwe ko guteza imbere ugusenga gutyoroye kabacika. Bamwe muri mwebwe murashobora kwagura ubusuku bwanyu. Twese turashobora gukora uko dushoboye kugira ngo ubusuku bwacu burushirize kuba ngirakamaro.
Mu gihe turangura igikorwa twashinzwe co kwamamaza, ntitubura kurwanywa. Mwibuke ko Paulo amaze kuvuga yuko yugururiwe urugi runini ruja mu bikorwa, yanditse ati: “Abarwanizi [ni] benshi.” Kuri Paulo, mu bamurwanya harimwo Abayuda n’Abanyamahanga, bamwe muri bo bakaba bamutera imbonankubone abandi na bo bakamurwanya mu mpisho.—Ivyak. 19:24-28; 20:18, 19.
Ibintu nk’ivyo biradushikira muri iki gihe. Uko isangangurwa ry’uru runkwekwe rubi ryegereza, turiteze ko uruhamo rurushiriza gukomera. Shetani afise “inzigo nyinshi,” kandi iyo nzigo ayigirira canecane abakorera Imana. (Ivyah. 12:12) Ntimwigere mwibagira yuko Shetani ari “umwami w’isi.” Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Iyo muba ab’isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ab’isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.”—Yoh. 14:30; 15:19.
Twiyemeje kutareka ngo hagire umuntu n’umwe atuma tugoyagoya mu kwizera Imana kwacu canke ngo atume tugabanya umwete mu gikorwa c’ukwamamaza. Turazi yuko hazokwama hariho abadutera n’abaturwanya. Naho ari ukwo, turabandanya igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami, twizigiye yuko igihe Yehova yashinze kigeze, Yezu azofyonyora Shetani n’amasinzi yiwe. Abarwanije intumwa Paulo ntibashoboye gutuma anuma; kandi n’abarwanya abasavyi ba Yehova muri iki gihe ntibabishobora. Naho Shetani ishavu riniga isi na yo ikatwanka, impwemu ya Yehova irakora mu buryo bukomeye mu basavyi biwe. Ese ingene dufise umunezero wo kumenya yuko igitigiri c’abamamaza inkuru nziza cashikiriye igitigiri gishasha c’abamamaji 6.304.645!
Ico dusenga dusaba Imana, ni uko mwobandanya gukoresha neza uturyo two guteza imbere ivyungura Ubwami bwa Yehova bw’akaroruhore. Mumenye neza yuko tubitwararikana urukundo umwe wese ukwiwe uko dukora “[du]huje inama” mu murimo turangurira Imana Musumbavyose Yehova.—Zef. 3:9.
Abavukanyi banyu,
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova