ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/03 rup. 3-4
  • Tube abanyamwete mu ‘gushinga intahe inogangije’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tube abanyamwete mu ‘gushinga intahe inogangije’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Woba witeguriye gushinga intahe akaryo kizanye?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Urashobora gushinga intahe akaryo kizanye!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Shemeza Yehova mu gushinga intahe akaryo kizanye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • ‘Nushinge intahe inogangije’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 9/03 rup. 3-4

Tube abanyamwete mu ‘gushinga intahe inogangije’

1, 2. Ni igiki kigukwegera ku vyerekeye ukuntu Paulo yabona ukwamamaza inkuru nziza, kandi twokwigana gute akarorero yatanze mu vyo ‘gushinga intahe inogangije’?

1 Nka kumwe kwa Yezu be n’abandi basavyi benshi b’abizerwa ba kera, intumwa Paulo yari umwamamaji w’inkuru nziza w’umunyamwete, mu ‘gushinga intahe [“inogangije”, NW]’ uko ibintu vyaba vyifashe kwose. N’igihe nyene yari mu nzu yari acungiwemwo, “yama yākīra abaje kumugendera bose, akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza”.—Ivyak. 28:16-31.

2 Natwe nyene turashobora kuba abanyamwete mu ‘gushinga intahe inogangije’ umwanya wose. Ivyo birimwo no gushinga intahe ku bantu duhura igihe dufata ingendo tugiye canke tuvuye ku mahwaniro no ku materaniro be n’igihe turi mu gisagara cabereyemwo ihwaniro canke iteraniro.—Ivyak. 28:23; Zab. 145:10-13.

3. Twokwirinda gute kugira ngo ugushinga intahe kwacu akaryo kizanye ntikube nk’ikintu gipfa gushika giturumbuka?

3 Gushinga intahe akaryo kizanye ni ukuvuga iki? Ugushinga intahe akaryo kizanye si ikintu gipfa gushika giturumbuka canke gishika umuntu ataciyumviriye, nk’aho umenga nticari categuwe canke ukamenga nta kamaro kanini gifise. Mu vy’ukuri ukwo si ko twosigura ubusuku bwacu. Nk’uko vyari biri kuri Paulo, ukuninahaza Imana biciye ku gushinga intahe kwacu ni ikintu gihambaye kuri twebwe, kandi dukwiye kuba dufise intumbero yo gushinga intahe aho ari ho hose bibereye igihe tuzoba turi ku rugendo muri uwu mwaka. Ariko rero, uburyo tuvugisha abantu burashobora neza na neza gusigurwa ko ari akaryo kizanye, ni ukuvuga ko tubigira umutima uri mu nda, twifashe kigenzi kandi tumeze nk’uko dusanzwe turi. Ubwo buryo burashobora kuvamwo ivyiza.

4. Ni igiki cashoboje Paulo gushinga intahe ari ahantu yari acungiwe?

4 Niwitegurire gushinga intahe: Paulo yategerezwa kurondera uturyo two gushinga intahe igihe yari acungiwe mu nzu imwe i Roma. Ari aho hantu, yaribwirije gutumira abakuru b’Abayuda baba aho hantu (Ivyak. 28:17). Naho nyene i Roma hari ishengero rya gikirisu, Paulo yaramenye yuko Abayuda baba muri ico gisagara bari bazi amakuru y’imvaho makeyi ku bijanye n’ukwizera kwa gikirisu (Ivyak. 28:22; Rom. 1:7). Ntiyaretse ‘gushinga intahe inogangije’ ku vyerekeye Yezu Kirisitu be n’Ubwami bw’Imana.

5, 6. Ni uturyo utuhe two gushinga intahe akaryo kizanye dushobora kuronka, kandi ni imyiteguro iyihe twogira kugira ngo turoranirwe?

5 Niwiyumvire abantu bose mushobora kuganira uri ku rugendo, bazi ibintu bikeyi gusa ku Vyabona vya Yehova. Bashobora kuba batanazi yuko turongorera abantu inyigisho za Bibiliya ku mihana yabo ku buntu. Ntugishe uturyo two gushinga intahe ku bo muhura igihe uri ku rugendo, igihe ufashe akaruhuko uri ku rugendo, igihe ugiye kunywesha ibitoro, igihe ugiye gusuma, igihe ucumbitse mw’ihoteli, igihe uriko urafungurira muri resitora, igihe wiyunguruza n’igihe uri ahandi. Nutegekanye imbere y’igihe ico wovuga kugira utanguze ikiyago no kugira ngo ushinge intahe mu mwanya muto. Kumbure mu misi iri imbere urashobora kubishira mu ngiro mu gushinga intahe akaryo kizanye ku babanyi, ku ncuti, ku bo mukorana no ku bandi muzinanye.

6 Uzokenera ibisohokayandikiro vyo gukoresha igihe ushinga intahe akaryo kizanye. None ivyo bisohokayandikiro ni ibihe? Woshobora gukoresha ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?. Nukwegere ivyiyumviro ku ngingo zitanu za mbere, ahatangwa imvo zitandukanye zotuma umuntu asoma Bibiliya. Niwerekane agace kandikwamwo aderese kari inyuma, aho umuntu yandika asaba kurongorerwa inyigisho ya Bibiliya i muhira iwe ku buntu. Uronse umuntu avyakira neza, numuhe agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Igihe witegurira guhura n’abantu bavuga urundi rurimi, niwitwaze ka gatabu La bonne nouvelle pour toutes les nations. Ku rupapuro rwa 2, harasigura uburyo bwo gukoresha ako gatabu kugira ngo ushinge intahe. Nimba ufata umuduga, woshobora kwitwaza ibindi bisohokayandikiro bikeyi vy’ishimikiro uza guha abashimishijwe vy’ukuri n’ubutumwa bw’Ubwami.

7, 8. Ni ingabisho iyihe dukwiye kwumvira yerekeye ukuntu tuboneka be n’ukuntu twigenza igihe twitavye ihwaniro be n’igihe twavuyeyo?

7 Uragaba ku kuntu uboneka no ku kuntu wigenza: Dutegerezwa kuraba neza ko ukuntu twigenza, ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya bidatuma abandi batwiyumvira nabi canke bigatuma ‘bavuga nabi’ ishirahamwe rya Yehova (Ivyak. 28:22). Ivyo ntitubikurikiza gusa igihe turi kw’ihwaniro ariko kandi turabikurikiza n’igihe tugiye kw’ihwaniro be n’igihe twavuye kw’ihwaniro. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2002, ku rupapuro rwa 18 ingingo ya 14, wagabishije uti: “impuzu twambara [ntizi]kwiye gukwega amaso y’abandi, kurenza urugero, kuvyurira abandi inambu y’umubiri, kuba izibonerana canke ngo zibe agahararo. Ikigeretseko, dukwiye kwambara mu buryo bugaragaza yuko ‘twubaha Imana.’ Ivyo biratuma tuzirikana, si ko? Si ikibazo gusa kijanye n’ukwambara mu buryo bubereye igihe twitaba amakoraniro y’ishengero [canke ibiringo vy’ihwaniro] hanyuma ngo mu bindi bihe duce twambara uko twishakiye. Ukuntu ubwacu tuboneka gukwiye kwama nantaryo kugaragaza agatima ko gutinya no kwubaha kubera turi Abakirisu n’abasuku amasaha 24 ku musi”.—1 Tim. 2:9, 10.

8 Dukwiye kwambara mu buryo buranga urupfasoni n’ukwiyubaha. Mu gihe ukuntu tuboneka be n’ukuntu twigenza vyama nantaryo bigaragaza ko twemera Imana, ntituzokwigera twiyumvamwo ko hari ikintu kitubuza gushinga intahe akaryo kizanye bitumwe n’uko ukuntu tuboneka guteye amakenga.—1 Pet. 3:15.

9. Paulo yerewe gute igihe yashinga intahe i Roma?

9 Gushinga intahe akaryo kizanye biravamwo ivyiza: Mu myaka ibiri Paulo yamaze muri ya nzu yari acungiwemwo i Roma, yariboneye ivyiza vyavuye ku twigoro yagize two gushinga intahe. Luka yanditse yuko ‘bamwebamwe bemeye ibintu vyavuzwe’ (Ivyak. 28:24). Paulo ubwiwe yarerekanye ukuntu yerewe mu ‘gushinga intahe inogangije’ igihe yandika ati: “Ivyambāyeko cane-cane vyashize imbere ubutumwa bgiza: bituma ingoyi zanje zo kubga Kristo zimenyekana mu basoda bahora bashibama kwa Kayisari bose, no mu bandi bose. Kand’abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, bāremeshejwe n’ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga”.—Flp. 1:12-14.

10. Umugore n’umugabo bubakanye berewe gute mu gushinga intahe mu mwaka uheze?

10 Mu mwaka uheze, umugabo n’umugore bubakanye haheze umusi umwe bari kw’ihwaniro ry’intara, barashinze intahe akaryo kizanye ku mugore asereva yari ababajije ivyerekeye udukarata karanzi twabo tw’ihwaniro, haravamwo ivyiza. Baramubwiye ivy’iryo hwaniro bongera baramubwira icizigiro Bibiliya itanga ku vyerekeye kazoza k’abantu. Baramuhaye ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?, bongera baramusigurira intunganyo yo kurongorerwa inyigisho ya Bibiliya ku muhana ku buntu. Nya mugore yavuze yuko yipfuza ko umuntu yomugendera, arandika izina ryiwe na aderese yiwe inyuma kuri ako gapapuro, maze asaba uwo mugore n’umugabo ko bobimufashamwo. Ushobora gute kwererwa muri uyu mwaka mu kuba umunyamwete mu ‘gushinga intahe inogangije’?

11. Ni kamere izihe dukwiye gutsimbataza kugira ngo duteze imbere inkuru nziza mu biringo vy’amahwaniro canke mu biringo vy’amateraniro mu ‘gushinga intahe inogangije’?

11 Nuteze imbere inkuru nziza mu buryo bunogangije: Niwiyumvire ukuntu Paulo yahimbawe igihe yumva yuko abakirisu bagenziwe bariko barigana akarorero kiwe karangwa umwete! Nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira ngo duteze imbere inkuru nziza mu gushinga intahe akaryo kizanye ku vyerekeye ivyo twemera bishingiye kuri Bibiliya, twongera twungukira ku mahwaniro canke ku materaniro.

[Box on page 3]

Ibisohokayandikiro bikenewe kugira ngo umuntu ashinge intahe akaryo kizanye

■ Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya? (agapapuro k’inkuru nziza)

■ Ni Ibiki Imana Idusaba? (agatabu)

■ La bonne nouvelle pour toutes les nations (agatabu)

■ Ibindi bisohokayandikiro vy’ishimikiro

[Box on page 4]

Ntubibagire!

Bande? Abantu bose bashimishijwe bitavye Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu canke abitavye ya nsiguro idasanzwe. Twoba twarabatumiye kugira ngo bitabe ihwaniro canke iteraniro? Biboneka yuko benshi muri bo bokwitaba nka hamwe umuntu yobaremesha abigiranye umutima mwiza. Uko binovora ukwifatanya mu buryo bwubaka kubonekera kw’ihwaniro canke kw’iteraniro be n’uko binovora porogarama y’ivy’impwemu iremesha, bazorushiriza kwiyegereza Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Ni kubera iki utobatumira maze ukaraba icovamwo? Nubabwire ibintu vyose bakeneye kumenya, utibagiye n’igenekerezo, ukuntu boshika ahabera ihwaniro canke iteraniro be n’igihe ibiringo bitangurirako n’igihe bihererako.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika